Perezida wa Kenya yashize ahabona abo yifuza gushira muri 'reta yagutse' mu gihe kitoroshe

Umukuru wa Kenya  William Ruto

Ahavuye isanamu, Reuters

    • Umwanditsi, Wedaeli Chibelushi & Ian Wafula
    • Igikorwa, BBC News, London & Nairobi
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Umukuru wa Kenya ahanzwe n'abanegura ubutegetsi bwiwe yamenyesheje umugambi wiwe wo gushinga ''reta yagutse'' inyuma y'amayinga y'imyiyerekano yiciwemwo abantu. Iyo myiyerekano yari iyo kwiyamiriza amakori mashasha.

Ariko, batandatu mu bashikiranganji 11 perezida Ruto yamenyesheje ko ashaka kugena kuri uyu wa gatanu bari basanzwe bari muri reta yakuye haraheze indwi.

Igihe yakura abagize iyo reta, Ruto yari yavuze ko iyo ngingo yayifashe inyuma yo ''kwiyumvira no kwumviriza abanya-Kenya''.

Ku wa gatanu, yavuze ko ibihe Kenya iriko iracamwo ari bito ugereranije ''n'amahirwe'' ari imbere y'igihugu.

Iyo myiyerekano, imaze kwicirwamwo abantu barenga 40, yatanguye ari iyo kwiyamiriza iduzwa ry'amakori.

Ariko, n'aho reta imariye guheba iyo nteguro, abo bitaba imyiyerekano na cane cane bagwiriyemwo urwaruka baciye bongereza ivyo basaba.

Ubu vuba, basavye ko perezida Ruto atanga imihoho.

Aho amariye gukura abashikiranganji biwe ku wa kane uheze, umukuru w'igiporisi ca Kenya nawe yaratanze imihoho.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Imigwi iharanira uburenganzira bwa zina muntu yari yagirije igiporisi kurasa abari mu myiyerekano baharurwa mu mirongo, bamwe barapfa, abandi baranyuruzwa canke barafatwa barapfungwa mu buryo buteye kubiri n'amategeko.

Ku wa gatanu, Ruto yavuze ko abashikiranganji 11 ashaka gushira muri reta ''ni umugwi wa mbere'' bazoheza bakemezwa n'abashingamateka imbere y'uko bagenwa.

Amwe mu mazina azwi cane muri abo ni Kithure Kindiki, hamwe yoramuka agenywe, yoca asubira mu kibanza yahoramwo c'umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu.

Ariko ari mu basabwe cane gutanga imihohoho kubera uburyo igiporisi n'igisirikare vyakoze mu guhangana n'imyiyerekano.

Ku bundi bushikiranganji bukomeye, Ruto yagarukanye Debra Mlongo Barasa mu bushikiranganji bw'amagara y'abantu, Julius Migos Ogamba mu bushikiranganji bw'amashure na Aden Barre Duale nk'umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi.

Ruto yavuze ko yemereye abanya-Kenya ''gushinga reta yagutse izokorera ku mahirwe menshi igihugu gifise kugira bahe umurindi ukomeye impinduka z'ubutunzi n'iterambere atawe risiga inyuma''.

Ariko abanya-Kenya benshi bari biteze reta nshasha itarimwo amazina y'iyahahora. Bari biteze kandi ko izoba irimwo abashikiranganji bakiri bato gusumba kandi yiganjemwo abanyamwuga bavuye mu bisata bitandukanye, aho kuba abanya-poritike babimazemwo imyaka myinshi hamwe n'abacuditse n'umukuru w'igihugu.

Ruto yarangije ijambo ryiwe avuga ko azotangaza ayandi mazina ''mu gihe kibereye''.

Ruto yari yavuze imbere y'aho ko muri reta nshasha azoshiramwo abashingamateka bo mu migambwe itavuga rumwe n'uruhande rwiwe.

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere yarushijwe na Ruto mu matora aheruka, Raila Odinga, vyavugwa ko yari ashigikiye ico ciyumviro - ibinyamakuru vyo muri Kenya vyavuga ko urunani rwiwe Azimio rwari rwiteze kuronka ibibanza indwi muri iyo reta.

Ariko uwo mugambi wari wacanishijemwo abatavuga rumwe n'ubutegetsi.

Bamwe mu barongoye imigambwe iri mu runani rwa Odinga, harimwo n'uwo bari bitoje hamwe Martha Karua, bavuze ko batazoja muri reta y'urunani na Ruto.

Karua yavuze ko hageze ko igihugu ''gikuburwa'', yongerako ko abakiri bato baja bari imbere mu gushika kuri ivyo.