Sentare ya Kenya yahagaritse vy'agateganyo ingingo y'igipolisi ibuza imyiyerekano i Nairobi

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Basillioh Rukanga
- Igikorwa, BBC News, Nairobi
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Sentare yo muri Kenya yahagaritse vy'agateganyo ingingo y'igipolisi ibuza imyiyerekano hagati ku murwa mukuru, Nairobi, no mu micungararo yawo ''gushika hari ikindi kimenyeshejwe''.
Ku wa gatatu, igipolisi niho cari casohoye iyi ngingo ko kuba iyo myiyerekano itagira abayirongoye bituma bigorana gucungera umutekano, kandi ko iyi myiyerekano "yinjiwemwo n'inkozi z'ikibi".
Bishitse inyuma y'ukwezi kw'imyiyerekano yo kwiyamiriza reta aho abantu baharurwa mu mirongo bamaze kwicwa. Hari hategekanijwe iyindi myiyerekano ejo ku wa kane.
Umurwa mukuru Nairobi niwo wabaye umutima w'iyo myiyerekano y'urwaruka, ariko yaranabaye n'ahandi mu gihugu.
Iyo myiyerekano yatanguye ari iyo kwanka amakori abanyagihugu baterekwa ariko n'aho ahebewe imyiyerekano yaciye yongereza ivyo isaba, harimwo ko umukuru w'igihugu William Ruto atanga imohoho.
Ku mbuga hwaniro hari hakwiragijwe ubutumwa buhamagarira abantu guhurira mu kibanza citiriwe Uhuru Park mu gisagara hagati kuri uyu wa kane, imbere y'uko bagana kuri State House, ikirimba c'umukuru w'igihugu.
Ariko bamwe bari basanzwe bahimiriza iyi myiyerekano bari bitandukanje n'aka kamo.
Mw'ijoro ryo ku wa gatatu, igiporisi cavuze ko ''ata myiyerekano izokwemererwa mu gisagara hagati ku murwa mukuru Nairobi no mu micungararo yaco gushika hari ikindi kimenyeshejwe kugira habungabungwe umutekano''.
Mu nyuma sentare nkuru yahagaritse iyi ngingo vy'agateganyo mu kurindira ko sentare yiga urubanza rwashinzwe n'ishirahamwe riharanira uburenganzira bwa muntu.
Iyo ngingo y'igiporisi yarakaje abantu ku mbuga hwaniro aho bamwe bavuga ko igiporisi kidafise ububasha nk'ubwo, kuko amategeko aha abanya-Kenya uburenganzira bwo kugira imyiyerekano.
Mu gisagara hagati hazindukiye abaporisi benshi mu kwitanga iyo myiyerekano.
Umukuru w'igiporisi vy'imfatakibanza Douglas Kanja yavuze mw'itangazo ko iyo ngingo yafashwe inyuma yo kuronka ''amakuru y'iperereza yo kwizera yerekana ko hari imigwi y'inkozi z'ikibi yategiye kwikika mu kiza muri iyo myiyerekano''.
''Inkozi z'ikibi zarabandanije gucengetera iyo migwi igira imyiyerekano, bigatuma ibintu bifata inzira y'akajagari no gusambura,'' nk'uko itangazo rivuga.
Ribandanya rivuga ko ingingo yiwe yayifashe kubera ''hatagira indongozi zizwi z'imyiyerekano imaze kuba'' yatumye ''bigorana kwubahiriza ingingo z'umutekano''.
Kuva imyiyerekano itanguye, umukuru w'igihugu yarumvise bimwe mu vyo abayitaba basaba, harimwo guheba integuro y'amafaranga reta ikoresha no gukura abagize reta yiwe bose.
N'umukuru w'igiporisi yaratanze imihoho.
Ariko abantu babandanije gusaba ko hakorwa ibisumba mu gukosora intwaro mbi n'ibiturire hanyuma igiporisi naco kibazwe impfu z'abantu mirongo bari mu myiyerekano iheruka.
Abantu batari munsi ya 50 barishwe abandi 413 barakomereka kuva imyiyerekano itanguye ku wa 18 Ruheshi (6), nk'uko bimenyeshwa n'ikigo c'igihugu kijejwe uburenganzira bwa zina muntu.









