'Umwicanyi ruhebwa' yatawe muri yompi inyuma y’ugutora ibiziga vy'abantu muri Kenya

Ahavuye isanamu, AFP
Igipolisi ca Kenya cataye muri yompi umugabo bavuga ko ari “umwicanyi ruhebwa” akekwa ko kuba ari we yinyegeje inyuma y’ubwicanyi bukabije bw'abagore icenda, ibiziga vyabo yvyahimbaguwe bikaba vyabonetse ahahora himbwa amabuye ubu hatabwamwo iyarara.
Igiporisi kivuga ko Jomaisi Khalisia w'imyaka 33, yemeye ko yishe abagore 42 kuva mu 2022, harimwo n'umugore wiwe bwite.
Uyu mugabo akekwako icaha yafatiwe mu kabare mu gitondo co kuri uyu wa mbere, igihe yariko araba urukino rwa nyuma rw’igikombe c’umupira w’amaguru ku mugabane wa Bulaya -Euro.
Muri Kenya habaye ishavu n’uburakari bwinshi kuva ku munsi wa gatanu igihe haboneka ikiziga ca mbere c’umuntu caciwe ibihimba ku murwa mukuru, Nairobi.
Umuyobozi w'ikigo gishinzwe iperereza ku vyaha (DCI), Mohamed Amin yagize ati: “Yiyemereye ko yasutse, akica kandi mu nyuma agata ibiziga vy’abagore 42, bose bishwe hagati ya 2022 ndetse no ku wa kane.”
Yavuze ko inyuma yo gufatwa amaze gukekwa ko icaha, yajanye abaporisi iwe, nko ku metero 100 uvuye ahakorewe icaha.
Amin yavuze ko babonye ibimenyetso bihambaye mu rugo rw'abakekwa ko icaha, harimwo telefoni 10, imashini nyabwonko igendanwa (laptop), umupanga, indangamuntu n'impuzu z'abagore.
Basanze kandi umupanga "bakeka ko wakoreshwa mu guhimbagura abagandaguwe", n’imifuko icenda isa n’iyikoreshwa mu guta ibiziga vy’abapfuye.
Kuva ku wa gatanu, abapolisi barakikuje aho ivyo biziga vyatowe vyaratawe, bigeze ku ngero zitandukanye zo kubora.
Igiporisi kivuga ko abakorewe ayo mabi bari hagati y’imyaka 18 na 30
Kivuga ko bakomeje kubaza uwukekwa ko icaha kugira ngo bamenye icamuteye ubwo bwicanyi, kandi azoshikanwa imbere y’intahe kuwa kabiri.
Imbere y’aho, umukuru w'urwgo rugenzura ingene igiporisi gikora muri Kenya yavuze ko bariko barakora iperereza mu nzira yo kumenya nimba hari abapolisi bagize uruhara muri ivyo vyaha kuko aho abishwe batawe ari hafi y’igituro c'igiporisi.
Ikigo cigenga gishinzwe kugenzura igipolisi cavuze ko “kubera ubwinshi bw’ibirego vy’uruhara rw’abapolisi mu guta muri yompi no kunyuruza abantu mu buryo butemewe n’amategeko” ivyo bituma kirinda gukora iperereza ry’ibanze kugira ngo kimenye nimba hari aho bifitanye isano n’abapolisi.













