Qatar 2022: Bukari avuga ko atasuzuguye Ronaldo mu kumwigana

Yatangajwe

Umusatirizi wa Ghana Osman Bukari avuga ko atasuzuguye Cristiano Ronaldo igihe yigana iki gihangange ca Portugal mu kwigina igitsindo yari ahejeje kwinjiza mu rukino rwahuje Ghana n’ico gihugu ku wa kane mw’itsinda H.

Bukari yinjije igitsindo ku munota wa 89 aca yiruka aja ku kabendera ko mu mfuruka z’ikibuga kwigina, yigana Ronaldo.   

Uyu yahoze ari umusatirizi wa Manchester United niwe yinjije igitsindo ca mbere ca Portugal ariko igihe Bukari yinjiza iki gitsindo wewe yari yamaze kuva mu kibuga.

Uyu mukinyi w’imyaka 23 yanditse kuri Twitter ati: "Narabonye ko ingene niginye igitsindo canje vyateje amajambo menshi, bavuga ko nasuzuguye Ronaldo".

"Ibi si vyo. Nararengewe n’umunezero nagize kirya gihe wo kubona ninjirije igihugu canje igitsindo mu rukino rwanje rwa mbere mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose, ari co gituma niginye kurya.

"Indero nahawe ntishobora kunyemerera gusuzugura abankurira, tube turareka umwe mu bantu nkunda cane”.

Iki gihugu catahukanye ihiganwa ry’igikombe ca Bulaya mu 2016 carashoboye gukingira intsinzi yaco ya 3-2, bica bituma Ghana ija mu kibanza ca nyuma mw’itsinda ryayo inyuma y’aho urundi rukino hagati ya Uruguay na Korea y’Epfo rwari rwarangiye ari 0-0, hari ku wa kane.

Ronaldo yabaye umukinyi wa mbere ku ruhande rw’abagabo yinjije mu mahiganwa atanu atandukanye y’igikombe c’isi yose, igihe yinjiza igitsindo kuri penalty ku munota wa 65 kw’ikosa yari ahejeje gukoregwa n’umukinyi wa Ghana, Mohammed Salisu.

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu wa Ghana uzwi nka Black Stars, Otto Addo, ntiyishimiye ingene umuhagarikizi w’urukino Ismail Elfath yavyifashemwo.

Addo  ati: "Nibaza ko ari ingingo yafashwe mu makosa, kuko twariko turakina umupira. Sinzi igituma  bwa buginga bwa videwo VAR (Video Assistant Referee) butakoreshejwe, nta nsiguro yahabaye”.

"Yabaye ingingo itari yo. Mu vy’ukuri ni twebwe twakorewe ikosa”.

Addo avuga ko yarondeye ingene yovugana n’umuhagarikizi ku ngingo zimwe zimwe inyuma y’urukino.

"Nashaka kubigira mu bwitonzi ariko nabwiwe ko yari mu nama. Yaraturwanya. Twararonse amakarata makeya y’umuhondo twari dukwiriye ariko baradukoreye amakosa yategerezwa gutangirwa amakarata y’umuhondo ariko ntayo bahawe”.

Abajijwe ivy’igitsndo ca Ronaldo cahinduye ibintu, Addo yavuze ati: "Iyo umuntu yinjije igitsindo, ni ukumukeza. Ariko kirya ni ico bahawe, koko ni ico bahawe”.

Umukinyi w’inyuma wa Brighton Tariq Lamptey na we nyene yarinjiye mu gice ca kabiri ariko yavuze ko urukino rwiwe rwa mbere mu gikombe c’isi yose rwabaye igihe c’ “umubabaro”.  

Ghana izohura na Korea y’Epfo mu rukino rugira kabiri mw’itsinda H ku wa mbere isaha cumi, urwa nyuma rukazoyihuza na Uruguay ku wa gatanu igenekerezo rya 02 kigarama (12).