Abarundi baba muri Afrika y'Epfo basabwa kubangira ku guhimbaza ukwikukira kubera imyiyerekano

    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Nairobi
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Ubuserukizi bw'Uburundi muri Afrika y'Epfo busaba Abarundi baba muri ico gihugu kwitondera cane ibirori vyo guhimbaza intahe y'ukwikukira kw'Uburundi ku wa mbere Mukakaro (7) no kuvyungururiza ku yandi magenekerezo, ku mvo z'umutekano.

Muri ico gihugu hasanzwe hari amashirahamwe menshi y'Abarundi akunda gutunganya ibirori vyo kwigina ukwikukira kw'igihugu cabo.

Mw'itangazo yasohoye ku wa gatatu, Alexis Bukuru aserukira Uburundi muri Afrika y'Epfo afatira ku "migumuko" irwanya abanyamahanga imaze igihe ibera mu bisagara bitandukanye vy'ico gihugu.

Avuga ko ishobora gutuma umutekano w'Abarundi bokoranira hamwe uhungabana.

Agira ati: "Kubera atawuzi ukwo ibintu bizogenda, Ubuserukizi bw'Uburundi muri Afrika y'Epfo busavye ko guhimbaza ukwikukira kw'Uburundi vyokwitonderwa cane ndetse bikimurirwa ku yandi matariki."

Abanyafrika y'Epfo bahurikiye mu muhari witwa March and March hamwe n'umugambwe ActionSA utavuga rumwe n'ubutegetsi, ni bo batunganya iyo myiyerekano yo kwiyamiriza abanyamahanga.

Bashinze itariki ya 30 Ruheshi (6) nk'ikiringo ntarengwa c'uko abimukira badafise ivya ngombwa boba bavuye ku butaka bw'ico gihugu.

Ambassadeur Bukuru yibutsa ko igenekerezo ry'ukwikukira kw'Uburundi ryegeranye cane n'itariki ya 30 Ruheshi (6) abiyamiriza abanyamahanga batanze nk'ikiringo ntabanduka.

Avuga ko ari ngombwa ko Abarundi biyubara rwose bakanirinda gukoranira hamwe kugira ntihagire abagwa "mu mitego y'iyo mirwi".

Yongerako ko muri iki gihe hari "ubwoba bwinshi mu banyamahanga harimwo n'Abarundi" baba muri Afrika y'Epfo.

Agira ati: "Ubwo bwoba bwongerejwe n'itariki ya 30 Ruheshi iyo mirwi yise ntabanduka ngo abanyamahanga bose babe bavuye muri iki gihugu".

Kuva mu ntango z'uwu mwaka, mu bisagara bitandukanye vyo muri Afrika y'Epfo havugwa imyiyerekano y'abanyagihugu biyamiriza abanyamahanga badafise ivya ngombwa vyemewe n'amategeko.

Abo bigaragamvya bagiriza abo banyamahanga kubatwara ubuzi. Ni mu gihe Afrika y'Epfo muri iki gihe yugarijwe n'ingorane z'ubutunzi.

Ibihugu bitari bike vyo muri Afrika harimwo Ghana, Nigeria, Mozambique na Zimbabwe, vyaratanguye gutahukana abanyagihugu bavyo baba muri ico gihugu.

Muri izi ndwi zibiri ziheze, hari n'abandi banyamahanga bagera ku 7.000 bahungiye mu kibanza cagutse kiri ahabona, muri Afrika y'Epfo, bakaba banahahungishirije utwabo inyuma y'ibikorwa vyo kubatera ubwoba bavuga ko bagiriwe n'imirwi irwanya abanyamahanga.