Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bujumbura: Isoko y'imbaho n'ibiti kw'i Jabe nayo yatewe n'umuriro utikiza ibitari bike
- Umwanditsi, Patrick Wasso - Umumenyashamakuru i Bujumbura
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Ni umubabaro ntangere ku basanzwe bakorera ahandarizwa ibiti n'imbaho hafi y'isoko ya Jabe mu gisagara ca Bujumbura.
Umuriro waraye wadutse muri ico kibanza igice kinini caco kirasha.
"Aha koko tuhahombeye amamiroyoni menshi kubera twaguma turangura dushiramwo. Jewe kubera ntari hafi, nta na kimwe narokoye", niko umwe mu bacururiza muri iyo soko avuga.
Uwundi ati: "Nka twebwe dufise imiryango, si mbona ingene tugiye kubaho".
Agaciro k'ivyahiriye muri iyo soko ntikaramenyekana, ariko ngo biharurwa mu mamiriyoni amajana.
Aho hantu hakorerwa kandi ibintu bitandukanye biva mu biti n'imbaho nk'imyango, ububati, ibitanda n'intebe.
Gushika isaha zitatu zo mu gatondo ko kuri uno wa Mungu, igipolisi hamwe n'ishirahamwe ritabara imbabare Croix Rouge bari bakiriko baragerageza kuzimya uwo muriro.
Icateye uwo muriro ntikiramenyekana, ariko vyibazwa ko garaje iri inyuma y'urusengero rwa Eglise Trinité Libre iri mu vyoba vyatumye umucanwa wongerekana cane.
Urwo rusengero narwo ruri mu vyahiye biratokombera.
Igice casinzikaye cane ni igitumbereye kw'ibarabara rya 10 muri Zone Bwiza, hamwe n'igice kirabana n'urushengero Eglise Vivante de Jabe.
Abanyagihugu bavuga ko umucanwa wadutse nk'igihe c'isaha zitandatu z'ijoro.
Abari bafise ibibanza aho mw'i Jabe barifumbereje kuko ibintu vyose vyahiye kandi benshi ata bwishingizi bari bafise.
Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME yari yishikiye muri ico kibanza yijiriwe aho yagize ati: "Birateye agahinda kubona amasoko yama ariko arasha".
Musitanteri wa Komine Mukaza Aline Bigirimana arashimira abajejwe umutekano n'abajejwe kuzimya bihutiye kuhashika, ariko akavuga ko bitari vyoroshe kuzimya uwo muriro kubera "wari mwinshi rwose".
Asaba abakorera muri iyo soko kwihangana no gufatana mu nda, mu gihe amatohoza akibandanya kugira ngo icateye uwo muriro kimenyekane.
Ati: "Dusabe abenegihugu bihangane, ntihagire uwutangura guta ibirake ku wundi, canke ngo atangure guta umutwe, nijoro twarabonye ko bitoroshe kwakira ubuze ivyawe wari uzeyeko ubuzima.
"Twese turababaye yaba uwufiseyo ibintu canke uwutabifiseyo.
''Tugabanye ibihuha, gushika ubu amatohoza arimwo ntituramenya ico umuriro wavuyeko, ariko kiramenyekana".
Asaba abagize "komite y'isoko bafatanije n'abajewe intwaro kuva hasi baje ku kivi kugira ngo tumenye vy'ukuri ingene vyangeze".
Imiroro y'ivyaduka ahitana amasoko mu Burundi imaze kuba nk'akamenyero, aho iyaheruka gusha yari isoko yo mu Kinama - rimwe mu masoko akomeye cane yo muri ico gisagara nyene - mu ntango z'ukwezi guheze kwa gatanu, ugaturira ibibanza vyinshi vy'ubudandaji n'ibidandazwa.
Mu kwezi kwa mbere umuriro warahitanye ibitari bike hanze y'isoko Bujumbura City Market izwi nko kwa Siyoni.