Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Qatar 2022: Ronaldo avugako ugucanamwo na Man U kudashobora guhungabanya Portugal
Cristiano Ronaldo avuga ko “avugira igihe ashakiye" kandi ko icuka kibi kiri hagati ya we na Manchester United kidashobora “guhungabanya” umurwi wiwe wa Portugal mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose.
Man United iriko iraraba ico amategeko avuga mu gihe iriko irondera kurangiza igihe ca Ronaldo muri uyo murwi inyuma y’ikiganiro yagiriraniye n’imboneshakure TalkTV anegura uyu murwi.
Ronaldo w’imyaka 37 yavuze ko yumva “yarahemukiwe n’uyu murwi” kandi ko “ata cubahiro” agifitiye umumenyereza Erik ten Hag.
Ku wa mbere Ronaldo yavuze ati: "Mu buzima bwanje, igihe ciza ni igihe canje”.
Mu kiganiro kitari citezwe yagiranye n’abanyamakuru, uyu kizigenza w’umurwi nserukiragihugu wa Portugal yavuze ati: "Si ntegerezwa kwiyumvira ku co abandi biyumvira. Mvuga igihe nshakiye. Abakinyi baranzi neza cane kuva kera kandi barazi uwo ndi we.
"[Portugal] Ni umurwi ukomeye unyotewe kandi ufise ihangiro. Rero ndazi ko kirya [kiganiro] kidashobora guhungabanya abakinyi n’intumbero yabo”.
Uyu mukinyi Ronaldo yatsindiye Ballon d’Or (Umupira w’Inzahabu) incuro zitanu azoba arongoye umurwi nserukiragihugu wa Portugal mu rukino rwayo rwa mbere mw’itsinda H ruzoyihuza na Ghana ku wa kane.
Asigaranye amezi indwi yonyene mu masezerano yiwe y’umushahara w’ibihumbi 500 (500.000) vy’amapawundi ku ndwi i Old Trafford ariko Man U ishobora guhagarika amasezerano ifitaniye nawe.
Ivyo vyotuma yidegemvya agashobora kwimukira mu wundi murwi muri ka kanya k’igura n’igurishwa ry’abakinyi ko mu kwa mbere.
Ntarasubira gukina kubera ingwara itazwi kuva aho Man U itsindiwe na Aston Villa 3-1 ku wa 06 Munyonyo (11) akaba ari we yari kizigenza, ariko avuga ko yumva ameze neza muri iri higanwa ry’igikombe c’isi rigize gatanu kuri we.
Ronaldo ati: "Numva nkomeye, narakize, ndakora imyimenyerezo neza, kandi nditeguye gutangura ihiganwa ry’igikombe c’isi yose neza cane bishoboka.
"Numva ko uyu murwi wa Portugal ufise ubushobozi budasanzwe. Ndibaza ko vyanse bikunze dushobora gutsinda, ariko dukeneye kwibanda cane ku rukino twimirije. Rero ni ngombwa ko twibanda kuri Ghana, dutsinde hanyuma tudugire aho.
"Tuzoraba duhejeje umurwi ukomeye, ariko ndizeye ko Portugal ari wo murwi ukomeye muri rino higanwa ry’igikombe c’isi. Ariko dutegerezwa kuvyerekana mu kibuga”.