Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ingene imyimenyerezo yo guterura ibiremereye ishobora kugufasha kuguma ufise amagara meza uko imyaka yiyongera
Imyimenyerezo yose irafasha umuntu kubaho igihe kirekire, ariko imyimenyerezo yo gukomeza inguvu z'umubiri irafasha kubaho neza kurusha – ng'ubu uburyo yoshobora kugufasha gukomera.
Hamwe woba warambonye ndiko ninjiza ibintu nari naguze mu nzu ejo bundi, wari kwibaza ko ndiko nkora ibintu bidatahuritse. Nari mfashe amacupa abiri y'amazi y'amalitiro abiri, rimwe muri buri kuboko, hanyuma ntangura gukora imyimenyerezo yitwa "squats" (kwicara no guhaguruka ).
Ni kimwe mu bigize igikorwa canje co gushira mu ngiro imyimenyerezo yo gukomeza inguvu mu buzima bwanje bwa misi yose.
Kandi ndafise imvo zikomeye zo kubikora. Iyo bigeze ku kuguma dufise amagara meza, benshi mu bagenzi banje bitwararika cane imyimenyerezo ikomeza umutima n'uguhema (cardio). Turaharura intambuko tugenda, tugakurikirana uko twiruka, canke tugatwara amakinga mu mpera z'indwi. Bamwe muri twebwe mbere turanahiganwa rimwe na rimwe mu marushanwa yo kwiruka igice ca marato canke mu mahiganwa yo kwiruka, gutwara ikinga no kwoga.
Ariko naho imyimenyerezo nk'iyo yo gukomeza umutima n'uguhema ishobora kugufasha kuguma ufise amagara meza no kubaho igihe kirekire, abahinga bavuga ko kwongerako imyimenyerezo yo gukomeza inguvu z'umubiri bishobora gutuma ubaho ubuzima bwiza kurushiriza uko ugenda usaza.
Stuart Phillips, umushakashatsi mu bijanye n'imitsi kuri kaminuza ya McMaster muri Canada, avuga ati: "Inguvu z'umubiri ni nk'umuvukanyi yibagirwa ku meza y'ibiganiro vyerekeye amagara meza."
Kubera ivyo, natanguye kurondera no kwiga ivyiza bizanwa n'imyimenyerezo yo guterura ibiremereye hamwe n'uburyo bwiza bwo kuyinjiza mu buzima bwacu bwa misi yose.
Inyungu nyinshi kuruta izindi
Iyo bigeze ku myimenyerezo yo gukomeza inguvu z'umubiri, izwi kandi nka resistance training, inyungu nini ku magara y'umuntu ziboneka cane iyo umuntu avuye ku kutagira ico akora na gato akaja gutangura gukora imyimenyerezo, nk'uko bivugwa na Jess Gorzelitz, umuhinga mu vy'isesangura ry'indwara n'amagara y'abantu muri Kaminuza ya Iowa.
Ati: "Umugwi ugeramiwe cane ni abatagira ico bakora... Ni ubutumwa buhambaye ku bantu bashasha muri iki gikorwa".
Ntibikenewe ko uja mazu y'imyimenyerezo ngororamubiri (gym) canke ngo ugire ibikoresho vyihariye kugira utangure imyimenyerezo yo gukomeza imitsi
Phillips avuga ati : "Mu ntango, wogerageza gukora imyimenyerezo ngororamubiri incuro zibiri mu ndwi, buri mwimenyerezo ukamara hagati y'iminota 20 gushika kuri 30"
Avuga ko ushobora gukora kimwe muri ibi bikorwa, ugasubiramwo incuro nyinshi buri mwimenyerezo, hanyuma ukabisubiramwo incuro zibiri canke zitatu :
Igice co hasi c'umubiri
- Kwicara no guhaguruka ku ntebe (sit-to-stands)
- Squats (kwicara no guhaguruka)
- Kuduga ku ntambuko (step-ups)
- Lunges (gutera intambwe ndende usunika ivi)
Igice co hejuru c'umubiri – Gusunika
- Pompaje ukoresheje urukuta
- Pompaje zisanzwe
- imyimenyerezo y'igikiriza
Igice co hejuru c'umubiri – Gukwega
- Imyimenyerezo yo gukwega ukoresheje umugozi
- Canke imashini zabigenewe
Mu nda no ku mugongo
- "Planks"
- Kugendana ibiremereye mu minwe
Uko ugenda umenyera , ushobora kwongereza urugero rw'imyimenyerezo kugira uronke inyungu nyinshi kurushiriza.
Nk'akarorero, nimba gukora "squats" ukoresheje uburemere bw'umubiri gusa bitanguye kukworohera cane, ushobora gutangura kuzikora uteruye ibintu.
Shira umutima ku myimenyerezo ikoresha ibice vyinshi vy'umubiri icarimwe.
Ntibikenewe ko winjira muri "gym" canke ugira ibikoresho bidasanzwe kugira utangure.
Jess Gorzelitz, na we nyene akora inkino zo guterura ibiremereye, avuga ko dushobora gukora "squats" dukoresheje intebe isanzwe iri muhira.
Intebe canke igitanda bishobora kudufasha kwimenyereza kwicara no guhaguruka buhoro buhoro kandi mu buryo bugenzuwe neza.
N'ibintu dusanga mu nzu nk'ibikopo vy'ibifungurwa canke amacupa y'amazi birashobora gukoreshwa mu gukora imyimenyerezo yo gukomeza amaboko.
Ku bantu baja gukora imyimenyerezo muri "gym", Jess Gorzelitz asaba kwibanda cane ku myimenyerezo yise "itatu nyamukuru", kuko ikoresha kandi igakomeza ibice vyinshi vy'umubiri ica rimwe:
- Barbell Back Squats( kwicara no guhaguruka ufise umuzigo ku bitugu)
- Bench Presses (gusunika ibiremereye uryamye ku ntebe yabigenewe)
- Deadlifts – (guterura ibintu biremereye uvuye hasi, ugahaguruka uhagaze ugororotse.)
Avuga kandi ko vyoba vyiza kugerageza gusunika ibiremereye uduga hejuru ukoresheje amaboko), kuko:
"Umugongo wawe ntushobora kwigera uba ukomeye birenze urugero." Inguvu z'umugongo ni ngirakamaro cane kuko:
- Zifasha kuguma ugenda canke uhagarara neza.
- Zirafasha kugabanya no gukingira ububabare bwo mu mugongo.
- Zirakomeza kandi zigatuma uruti rw'umugongo ruguma rushikamye kandi rukora neza.
Gira imyimenyerezo myinshi ishoboka
Nimba imyimenyerezo yawe itanguye kukworohera cane, wongereze incuro usubiramwo imyimenyerezo canke wongereze ibice vy'imyimenyerezo ukora. Ivyo ni kubera ko uko tugenda turubaka inguvu z'umubiri, umubiri na wo ugenda umenyera izo nguvu nshasha.
Phillips avuga ati: "Ntibikenewe ko ibihinduka biba binini cane. Kwongera duke duke, ariko ukabikora ubudasiba mu mezi menshi, ni ho hari ibanga ry'iterambere."
Nk'akarorero, igihe utanguye gukora "plank", ushobora gushobora kuyigumamwo amasegonda atarenga 15 gusa. Ariko uko ugenda ukomera, uzoshobora kuyigumamwo igihe kirekire kurushiriza.
Phillips yongerako ko urugero rw'imyimenyerezo rukwiye kukugora gatoyi ariko ruguma rushoboka.
Avuga ati: "Ntibikenewe ko usohoka muri "gym" umeze nk'inyamaswa yakomeretse. Genda wongereza urugero buhoro buhoro"
Ni vyiza gukora imyimenyerezo ubudasiba kuruta kugerageza gukora vyinshi cane rimwe. Kandi niwaba utakaje umutima wo kubandanya, wibuke ko nk'uko biri ku yindi myimenyerezo yose, gukora gatoyi biruta kutagira ico ukora na gato.
Gukora imyimenyerezo yo gukomeza imitsi ubudasiba birashobora kugufasha kubaho igihe kirekire. Vyongeye, bishobora kugabanya ingorane zo kurwara indwara z'umutima n'imitsi, kanseri, diyabete hamwe n'ugupfa ningoga, nk'uko vyagaragajwe n'ubushakashatsi bwinshi.
Ubwo bushakashatsi bwerekanye ko gukora ibikorwa bikomeza imitsi hagati y'iminota 30 na 60 mu ndwi bifitaniye isano n'igabanuka rya 10 gushika kuri 17% ry'ivyago vyo gupfa hakiri kare.
Ikindi cigwa kinini giheruka gukorwa cerekanye ko inyungu ku magara ziyongera uko umuntu akora imyimenyerezo myinshi. Gukora imyimenyerezo yo gukomeza inguvu z'umubiri hagati y'iminota 90 n'amasaha abiri mu ndwi bigabanya ivyago vyo gupfa ku rugero rwa 13%.
Kandi abantu bakora vyose hamwe, ni ukuvuga imyimenyerezo yo gukomeza inguvu z'umubiri hamwe n'iyo gukomeza umutima n'uguhema, bagira ivyago biri hasi ku rugero rwa 58%.
Phillips abivuga muri aya majambo yoroshe:
"Mu buryo bworoshe, twovuga tuti: imyimenyerezo yo gukomeza umutima n'uguhema ishobora kugufasha kubaho igihe kirekire, ariko inguvu z'imitsi zifasha kubaho neza muri ico gihe uba ukiriho. Ico twipfuza ni ukuba dufise vyompi."
Kora imyimenyerezo yo gukomeza imitsi uko imyaka yawe yoba ingana kwose
Ubushakashatsi bwerekana ko iyo myimenyerezo ifitiye akamaro abantu bose, uko imyaka yoba ingana kwose.
Gorzelitz yasanze abantu bakuze barenza imyaka 70 bakora imyimenyerezo yo guterura ibiremereye ubudasiba bagira ivyago bike vyo gupfa kuruta abatayikora na gato.
Gorzelitz avuga ati: "Cane cane uko tugenda dusaza, turabona ko ubushobozi bw'umubiri bwo gukora ibikorwa vya misi yose, inguvu z'umubiri hamwe n'ubwinshi bw'imitsi bigenda bihinduka "
Phillips na we avuga ko kwubaka imitsi myinshi biguha ububiko bw'inguvu buzokugirira akamaro igihe uzoba ushaje.
Avuga ati: "Iyo indwara, ugukomereka, ukubagwa canke ugusaza bishitse – kandi akenshi birashika – uba ushaka kuba ufise ububiko bw'inguvu bwinshi. Jewe mbona imyimenyerezo yo gukomeza inguvu z'umubiri nk'amahera umuntu aziganiriza kazoza kiwe"
Hariho kandi inyungu ku magara yo mu mutwe.
Gorzelitz avuga ko kuja muri "gym" bimuha ugutahura ibintu neza n'amahoro yo mu mutima.
"Ni uburyo bwo kuruhuka no kugabanya ivyiyumviro biremereye mu mutwe biciye mu gukora imyimenyerezo."
Ikintu gihambaye, nk'uko Gorzelitz na Phillips babivuga, ni uguhitamwo imyimenyerezo ushobora gukora bitakugoye kandi ihuye n'ubuzima bwawe bwa misi yose.
Ni co gituma, ko nsanzwe nkora imyimenyerezo myinshi yo gukomeza umutima n'uguhema, ubu nkora plank hamwe na squats imbere yo kunywa ikawa yo mu gitondo canke hagati y'inama z'akazi.
Mfise intumbero yo kubigwiza buhoro buhoro, kandi ndazi ko jewe wo muri kazoza nzokwishima kubera iyo ngingo mfashe uno musi.