Ya ngwara yavugwa i Kagera muri Tanzania basanze ari Marburg

Ahavuye isanamu, Tanzania State House
Mu kiganiro batangiye hamwe, ku mugwa mukuru Dodoma, umukuru w'ishami rya ONU rijejwe amagara y'abantu OMS/WHO, na perezida Samia Suluhu Hassan, bavuze ko abajejwe amagara y'abantu bemeje ko hari umuntu umwe yatowe umugera wa Marburg mu ntara ya Kagera iri mu buraruko bushira uburengero.
Bubaye ubwa kabiri iki kiza giciye muri iki gihugu ca Tanzania.
Ica mbere cabaye mu kwezi kwa gatatu mu 2023 mu karere ka Bukoba muri iyo ntara nyene.
Perezida Samia yagize ati "dufise icizere co tuzokwongera tugatsinda iki kiza ".
Kuwa 13 z'uku kwezi, ishirahamwe OMS niho ryatangaza ubwa mbere ko rikeka ico kiza ca Marburg muri Kagera, aho hatorwa abantu icenda bakekwa ko barwaye, muri bo munani bagapfa.
Gushika kuri uyu wa mbere, Tanzania yavuga ko ibipimo 24 kuri 25 vyatorokanijwe ku bantu 25 bakekwa ko banduye, basanze badafise uwo mugera wa Marburg. Icoba cabateye kurwara n'icahitanye abo bandi umunani ntikiramenyekana.
Ikigo kijejwe gukinga ibiza no gutanga incanco (inkingo) muri Afrika CDC, catangaje ku munsi wa kane ko abantu barenga 300 bari bamaze kwandikwa ko bazopimwa, muri bo harimwo abakozi bo kwa muganga 56, 16 nabo bahuye n'abanduye.
Itegeko mpuzamakungu rigenzura ibijanye n'amagara y'abantu (International Health Regulations-IHR) ryo mu 2005, risaba ibihugu gutangaza ibibaye mu gisata c'amagara y'abantu birimwo n'ivyaduka bishobora kujabuka imbibe z'ibihugu.
Kagera, akarere karimwo ico kiza, gahana urubibe n'ibihugu vya Uganda, Rwanda n'Uburundi.
Umunyamabanga mukuru wa OMS/WHO, Dr. Tedros Adhanom Ghebreyesus yavuze ko iryo shami rya ONU rizotanga miliyoni 3 z'amadorari ( $ 3m USD) zivuye mu kigega co gutabara vyihuta, mu gufasha Tanzania guhangana n'ico kiza.
Agira ati: "Ingaruka z'ico kiza ku rwego rw'isi yose ntiziri hejuru cane. N'ubwo ata muti uremezwa ukivura canke urukingo, ibiza vya Marburg birashobora kuzibirwa vuba vuba".
Yongerako ko "OMS/WHO itanga inama ko hatoba ikumirana. Ati ubu nico gihe co gukorana."












