Tanzania irahakana icaduka ca Marburg inyuma y'igabisha rya OMS

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Alfred Lasteck
- Igikorwa, BBC News, Dodoma
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Tanzania yahakanye ivyavuzwe n'ishami rya ONU riraba amagara OMS ko hari indwara yikekwa ko ari umugera wa Marburg yadutse mu buraruko bushira uburengero bw'ico gihugu.
Ku wa kabiri, OMS yari yavuze ko abantu icenda bikekwa ko bafashwe n'iyo ndwara bari bamaze kumenyekana mu minsi itanu mu ntara ya Kagera, muri abo umunani bakaba barapfuye.
Ariko, mw'itangazo, umushikiranganji wa Tanzania ajejwe amagara Jenista Mhagama avuga ko ibipimo bimaze kwihwezwa, abantu bose bikekwa ko bafashwe n'iyo ndwara vyabonetse ko ata Marburg bari bafise.
Yavuze ko igihugu cakomeje cane uburyo bwo gucungera no gukurikirana iyo ndwara.
''Twashaka guhumuriza amashirahamwe mpuzamakungu, harimwo na OMS, ko tuzoguma tubabwira uko ibintu vyifashe buri igihe,'' Mhagama niko yavuze.
Indwara ya Marburg yadutse ubwa mbere muri Tanzania muri Ntwarante (3) mu 2023 muri district ya Bukoba. Ico gihe yishe abantu batandatu hanyuma ihamara hafi amezi abiri.
Iyo ndwara ibabaza cane imeze nka Ebola, ibimenyetso vyayo birimwo gushuha, kubabara mu nyama, gucibwamwo, kudahwa no gupfa kw'abarwayi bamwe bamwe, kubera gutakaza amaraso menshi.
Ku wa gatatu, umukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus, yagabishije ko ''hashobora kuba abandi bandura mu minsi iri mbere mu gihe hagikomeza ibikowa vyo gucungera'' ico caduka gishasha muri Tanzania.
OMS yavuze ko abarwayi, barimwo abakozi bo kwa muganga, bari bamenyekanye kandi bariko barakurikiranirwa hafi.
Yamenyesheje kandi ko abo mu gisata c'ibibazo vyihuta barungitswe kugira basuzume abakekwa kuba banduye kugira babuze ko indwara irandagata.
OMS yagabishije ko ivyago vy'uko uwo mugera ukwiragira mu karere vyari ''vyinshi'' kubera Kagera hahurira uruja n'uruza rw'abantu baja muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo, Uganda, Uburundi n'Urwanda.
''Ntiduhanura guhagarika ingendo n'urudandazwa na Tanzania muri iki gihe,'' niko Muganga Tedros yavuze kuri X.
OMS yavuze ko ivyago vy'uko ico caduka kibangamira isi biri ''hasi'', kandi ko ata mpungenge zihari muri iki gihe ko iyo ndwara ikwirakwira kw'isi.
Aho OMS ivugiye ivyo, umugwi w'abahinga waciye urungikwa ubwo nyene mu ntara ya Kagera, aho bafashe ibipimo, nk'uko umushikiranganji wa Tanzania ajejwe amagara yavuze.
Yavuze ko ivyavuye mu bipimo muri laboratware vyerekanye ko ata mugera wa Marburg wari urimwo ariko uwo mushikiranganji ntiyavuze igitigiri c'abikekwa bapimwe.
Mu kwezi kwa Kigarama (12), igihugu c'Urwanda bihana urubibe na Tanzania catangaje ko canesheje icaduka c'indwara ya Marburg inyuma yo gufata abantu 66, muri bo 15 bagapfa.
Muri rusangi, umugera wa Marburg urica umwe ku bantu babiri baba bawanduye, ku bwa OMS.
Umugera wa Marburg wandukira umuntu uvuye ku gahungarema (agacurama) hanyuma bigaca mu bitembabuzi vy'umubiri w'umuntu aba yanduye.
Nta muti canke urucanco iyo ndwara ifise, ariko hari ibiriko birageragezwa.













