Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda: Uwatunganije igiteramo caguyemwo benshi yagirijwe ivyaha icenda
Umunya-Uganda atunganya ibiteramo vy’umuziki yagirijwe ivyaha icenda vy’ugufata ibintu minenerwe kubera urupfu rw’abantu 10 mu musunikano wabaye ku munsi buca ari umwaka mushasha mu giteramo c’umuziki ku murwa mukuru, Kampala.
Abbey Musinguzi yarengutse muri sentare ya Majindye ku wa kabiri ku mugoroba.
Yahakanye ivyo vyaha hanyuma agumizwa mw’ibohero rya Luzira.
Ubushikirizamanza buvuga ko yatumye haba umusunikano kuri Freedom City Mall igihe yugara imiryango y’ico kibanza agasigaza umuryango umwe gusa wo gusohoka ku bantu 20.000.
Uwo mugabo w’imyaka 52 yafashwe ku wa mbere.
Umushingwamanza wiwe avuga ko umukiriya wiwe ariko arakurikiranwa kuko azwi kuba ashigikiye umukuru w’umugambwe National Unity Platform utavuga rumwe na reta Robert Kyagulanyi, azwi kandi nka Bobi Wine.
Hagati aho igiporisi catumyeko abandi bantu harimwo nyene iyo nyubakwa kugira cumve ico bashikiriza kuri iryo sanganya.
Umwe mu babibonye yasiguye ko abantu -harimwo n’umugenzi wiwe – bishwe no kubura isaganirizo igihe bagoterwa hagati y’isinzi ry’abantu bariko baraja mu nzira zihushanye.
Bivugwa ko umusunikano wabaye igihe abari muri ico giteramo bagerageza gusubira kwinjira – inyuma yo gusohoka bagiye kuraba ituritswa ry’ibimuri (feux d’artifice/fire works) sasita z’ijoro.