Uganda: Uwatunganije igiteramo caguyemwo benshi yagirijwe ivyaha icenda

Abitavye igiteramo buca ari umwaka mushasha wa 2023 i Kampala ku murwa mukuru wa Uganda

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abantu bemerewe guhura ari benshi buca ari umwaka mushasha, ubwa mbere kuva ikiza ca Covid-19 giteye
Yatangajwe

Umunya-Uganda atunganya ibiteramo vy’umuziki yagirijwe ivyaha icenda vy’ugufata ibintu minenerwe  kubera urupfu rw’abantu 10  mu musunikano wabaye ku munsi buca ari umwaka mushasha mu giteramo c’umuziki ku murwa mukuru, Kampala.

Abbey Musinguzi yarengutse muri sentare ya Majindye ku wa kabiri ku mugoroba.

Yahakanye ivyo vyaha hanyuma agumizwa mw’ibohero rya Luzira.

Ubushikirizamanza buvuga ko yatumye haba umusunikano kuri Freedom City Mall igihe yugara imiryango y’ico kibanza agasigaza umuryango umwe gusa wo gusohoka ku bantu 20.000.

Uwo mugabo w’imyaka 52 yafashwe ku wa mbere.

Umushingwamanza wiwe avuga ko umukiriya wiwe ariko arakurikiranwa kuko azwi kuba ashigikiye umukuru w’umugambwe  National Unity Platform utavuga rumwe na reta  Robert Kyagulanyi, azwi kandi nka Bobi Wine.

Hagati aho igiporisi catumyeko abandi bantu harimwo nyene iyo nyubakwa kugira cumve ico bashikiriza kuri iryo sanganya.

Umwe mu babibonye yasiguye ko abantu -harimwo n’umugenzi wiwe – bishwe no kubura isaganirizo igihe bagoterwa hagati y’isinzi ry’abantu bariko baraja mu nzira zihushanye.

Bivugwa ko umusunikano wabaye igihe abari muri ico giteramo bagerageza gusubira kwinjira – inyuma yo gusohoka bagiye kuraba ituritswa ry’ibimuri (feux d’artifice/fire works) sasita z’ijoro.