Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: 'Ihonyabwoko' ryo mu 72 ntiryakozwe n'Abatutsi ryakozwe n'indongozi mbi – Ndayishimiye
- Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Nairobi
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Umukuru w'Uburundi Evariste Ndayishimiye avuga ko "ihonyabwoko" ryakorewe Abahutu mu 1972, mu Burundi, ryateguwe ryongera rishirwa mu ngiro n'abategetsi b'ico gihe.
Ndayishimiye yabishikirije ku wa kane igihe hatangura icese amasengesho yo gukengurukira Imana ku myaka itandatu amaze arongoye Uburundi, ariko abera mu yahoze ari intara ya Muyinga ubu iri mu ntara nshasha ya Buhumuza.
Yagize ati: "Birambabaza cane iyo bumvise ihonyabwoko ryo mu 72, bagaca bumva umengo ni abatutsi barikoze".
Ibi abivuze inyuma y'aho mu ntango z'iyi ndwi umurwi ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha abarundi CVR (Commission Vérité Réconciliation) washikirije inama nshingamateka na nkenguzamateka, zikoraniye hamwe, icegeranyo ntabanduka cemeza ko habaye "ihonyabwoko" ryakorewe Abahutu mu 1972.
Ico cegeranyo cerekana ko Abahutu barenga 300.000 ari bo bishwe.
Mu 2021 ni ho umurwi CVR wasohora icegeranyo ca mbere cemeza iryo "honyabwoko", kandi inama nshingamateka na nkenguzamateka zaciye zicemeza.
Ariko reta y'Uburundi nta tegeko ryo kwemeza iryo "honyabwoko ry'Abahutu" irasohora.
Hari imwe mu mirwi y'Abarundi idashima ukungene CVR iriko iravyifatamwo.
Akarorero, ni ishirahamwe ryiyemeje kurwanya ihonyabwoko AC-Génocide Cirimoso. Rinegura ko uwo murwi utigeze ukorana na ONU nk'uko vyari vyumvikanyweko mu masezerano y'amahoro y'i Arusha mu 2000. Ku bw'iryo shirahamwe, ni ukuvuga ko "bategura ivyabo atawubagiriza".
Mw'ijambo ryiwe ari mu masengesho, Evariste Ndayishimiye yagize ati: " Nagira ndabaremeshe. Rirya honyabwoko ntiryakozwe n'Abatutsi. Ryakozwe n'indongozi zari zirongoye igihugu. Abo nabo ntibagira ubwoko".
Abandanya ati: "Ntihagire rero Umututsi asubira kugira ubwoba. Twebwe dushaka kwerekana y'uko indongozi mbi ihonya igihugu".
Umukuru w'igihugu ashimangira ko abantu badashobora gukira mu gihe ukuri, n'ubwo kubabaza, kutagiye ahabona ngo kumenyekane. Asaba rero amoko yose gufasha kuvura ibisebe vya kahise.
Agira ati: "Tuje hamwe twese mu gutorera umuti ivyo bisebe vyose, tubivure. Tubinyukure neza tubishire ahabona, kuko igikomere utakinyukuye ngo ugishire ahabo ntigikira".
Abandanya agira ati: "Tukinyukure rero n'aho kibabaza, tucuture tugishireko umuti, duce twigira twitwa abarundi".
Kuva Uburundi bwikukiye mu 1962, bwagiye businzikanzwa n'indyane za politike zisubiriza zaranzwemwo ubwicanyi bushingiye ku moko, cane cane hagati y'Abahutu n'Abatutsi.
Bumwe mu buzwi cane ko bwahekuye igihugu gusumba, ni ubwo mu 1972 bwahitanye cane cane Abahutu.
Ibindi bihe vyishwemwo abantu benshi ni nka 1965, 1988 no mu 1993.
Gusa hari abandi bavuga ko hari habanje kuba umugambi wo guhonya Abatutsi, Abahutu baca bicwa mu kujaniranya igihe inzego za reta zariko zirahasha abo ba mbere bari batanguye kuwushira mu ngiro.
Bamwe mu bahinga bagiye bagabisha ko hamwe umurwi ujejwe kurondera ukuri no kunywanisha Abarundi CVR utovyifatamwo neza, ushobora gusanga utonetse ibisebe vya kahise, gutyo Uburundi bugasubira mu ndyane.
Ariko umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye, afatiye ku vyo uwo murwi umaze gushira ahabona, agira ati: "Ntihagire abazorabana nabi, canke ngo hagire abiyumvira ngo nokwihora".
Umugwi CVR ukomoka ku masezerano y'amahoro y'Abarundi ya Arusha yumvikanyweko mu 2000 n'abanyeporitike agamije kurangiza indyane zagiye zirashikira Uburundi na cane cane kuva buronse intahe yo kwikukira gushika mu 2008.
Ariko mu nyuma ikiringo ca kahise ukorerako carongerejwe gihera mu 1885 igihe hatangura ubukoroni.
Umurwi CVR watanguye ibikorwa vyawo mu 2016 ariko gushika ubu umaze gukorera ahanini ku ndyane zabaye mu 1972.