Ingunga ya mbere y'ibiganiro hagati ya Amerika na Iran yarangiriye 'ku ntambwe itanga umwizero' – Abahuza
Abahuza bo muri Qatar na Pakistan bavuze ko ingunga ya mbere y'ibiganiro hagati ya Amerika na Iran bigamije gushika ku masezerano ya nyuma yo guhagarika intambara yarangiriye ku "ntambwe itanga umwizero".
Ivyo biganiro vyatanguye ku wa Mungu mu Buswisi, inyuma y’amasezerano y’ibanze ibihugu vyompi vyashitseko mu ndwi iheze.
Mw’itangazo bihuriyeko, Qatar na Pakistan vyavuze ko “komite yo ku rwego rwo hejuru” yumvikanye ku “rutonde rw’ingingo zizokwisungwa kugira hashikwe ku masezerano ya nyuma mu kiringo kitarenze iminsi 60”.
Ibiganiro vy’ubuhinga (tekinike) bizobandanya muri iyi ndwi yose.
Imbere y’aho, umu ‘diplomate’ wa Amerika yari mu biganiro yari yavuze ko ibiganiro vyibanze ku “gusobanura neza ubutumwa butari butahuritse neza bwavuye kuri Iran”, ku bijanye no kwugurura umuhora wa Hormuz no gushira mu ngiro agahengwe muri Liban.
Itangazo abahuza bahuriyeko ryavuze ko hashizweho “umurongo w’itumatumanako” kugira ngo “hirindwe impanuka n’ukudatahurana, mu ntumbero yo kworohereza uruja n’uruza rutekanye rw’ubwato mu muhora wa Hormuz”.
Nk’uko vyashikirijwe n’uwo mu ‘diplomate’ wa Amerika, ibiganiro vyibanze kandi ku “bice bimwe bimwe” vy’amasezerano yerekeye umugambi wa nikleyere. Yongeyeko ko intumwa z’impande zompi, zariko zibonanira mu gisagara ca Lucerne mu Buswisi, zizokoresha “igikorwa c’uno musi nk’intango y’ibiganiro vy’ubuhinga bizobandanya mu minsi iza”.
Amasezerano y’ibanze yashitsweko mu ndwi iheze ategekanya ko hoba habonetse ayandi ya nyuma mu kiringo kitarenze imisi 60, guhagarika intambara mu “bice vyose vy’urwasiro” harimwo no muri Libani, hamwe no gusubira kwugurura umuhora wa Hormuz.
Ariko kuva ico gihe, intambara hagati y'umurwi wa Hezbollah, ufashwa na Iran, n’ingabo za Israel mu bumanuko bwa Libani zagiye ziyongera. Hari n’ibitero vy’indege vya Israel vyahitanye Abanyalibani benshi, harimwo abagore n’abana, nk'uko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwabivuze.
Ukwiyongera kw’iyo ntambara kwatumye ku wa gatanu Reta Zunze Ubumwe za Amerika zitangaza agahengwe gashasha hagati ya Israel na Hezbollah.
Kubandanya kw’intambara n’ibitero vy’indege kwatumye Iran ku wa gatandatu itangaza ko yugaye umuhora wa Hormuz - n’ubwo amakuru ajanye no gukurikirana ingendo z’ubwato yerekana ko ubwato bubandanya kurengana.
Izindi nkuru wosoma: