Amafoto yaranze indwi muri Afrika: 1-7 Ndamukiza 2022

Yatangajwe

Amafoto meza yo hirya no hino muri Afrika n'ahandi yaranze indwi:

Short presentational grey line
A young boy makes a funny face at the camera during prayers.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uyu mwana w'umu islam ahanze ijisho kamera mu masengesho yo ku wa gatanu i Yaounde muri Cameroun...
A man arranges watermelons as he waits for customers.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ukwezi kweranda kw'aba Islam kwa Ramadan gutangura ku musi ukurikira, aho uyu mudandaza ariko aregeranya ipasteke (Pasteque/Watermelons) kw'isoko ry'i Mogadishu ku mugwa mukuru wa Somalia...
A Tunisian confectioner holds up a zlabia in a pastry shop in Tunis, Tunisia.

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Imikate yo mu bwoko bwa Zlabia, kuri iyi foto yo ku wa mbere, irakunzwe cane n'abanye Tunisia igihe bariko barafata imfunguro yo ku mugoroba.
Two South African reality TV stars, Roxy Louw and Kelly Khumalo, take a selfie together.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Rurangiranwa kuri Reality TV Roxy Louw na Kelly Khumalo bariko barifotoreza i Johannesburg mu birori vyo kwugurura urukurikirane rwa filime yo muri Afrika y'epfo Tropika Island of Treasure ku musi wa gatanu.
A man looks at artworks by Pablo Picasso at a dedicated exhibition at Dakar's Musée des Civilisations Noires.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kuri uwo musi nyene, habaye ibikorwa vyinshi vy'umunya Espagne w'umuhinga mu gushushanya - akoresha ubuhinga nyafrika - yerekanye ibikorwa vyiwe ku mugwa mukuru wa Senegal, Dakar.
1px transparent line
Women buy bowls and plates at a market.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Muri ico gihe nyene, ku musi w'Imana muri Senegal, abagore bariko baragaragura amasahani ayagayaga kw'isoko ryo mu gisagara ca Rufisque.
Men charge on horseback while firing muskets.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Muri Maroc, ku musi wa gatanu, abasiganwa ku ndogobwa bari mu birori vyitwa "tebburide" inyuma yo kurasa ipudre ifise iryo zina mu kirere...
A man rides a horse kitted out in ornate and colourful tack.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bivugwa ko uwo mugirwa watanguye mu kinjana ca 15 bigina intsinzi ku gihugu ca Espagne
South African football fan Mama Joy Chauke holds up a scarf with the words "South Africa" knitted into it.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukunzi w'umupira w'amaguru Mama Joy Chauke yagiye kuraba aho bariko baragira tombola y'ingene imigwi izohura mu nkino z'igikombe c'isi muri Qatar ku musi wa gatanu. Ni rurangiranwa azwi cane mu gihugu ciwe nk'uwurongoye abakunzi b'umupira w'amaguru muri Afrika y'Epfo
A woman wearing protective goggles and earmuffs shoots with a CZ Shadow 2 9mm pistol.

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abagore barenga mirongo ibiri bahuriye mu gikorwa co kurasa i Bronkhorstspruit muri Afrika y'Epfo ku musi wa gatandatu
Children play billiards in the Sayeda Zainab district of Cairo.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abana bariko barakina biayari (Billard/pool) ku mugoroba ku musi wa gatatu ku mugwa mukuru wa Misri i Cairo
People carry a portrait of Thomas Sankara to a memorial site.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ku wa gatatu kandi, abantu bo muri Burkina Faso baributse uwahora ari prezida Thomas Sankara, inyuma y'aho uwo yasubiriye Blaise Compaore aciriwe urubanza adahari rwo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose azira urupfu rwiwe.
A smiling woman standing in the street holds a Sudanese flag.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kuri uwo musi nyene, ku mugwa mukuru wa Sudan, i Khartoum, abantu bari mu myiyerekano yo kwibuka imyaka itatu ihaciye hatanguye imyiyerekano ya demokarasi

Izi foto zose zirafise uburenganzira bwo gukoreshwa.