'Bavuga ko ngiye kwiga ububoyi' - Nzitonda Steve Berger

Nzitonda Steve Berger

Ahavuye isanamu, Nzitonda Steve Berger

Insiguro y'isanamu, Nzitonda Steve avuga ko abavyeyi bamushigikiye kuko babona ariko akora ivyo akunda.
Yatangajwe

Nzitonda Steve Berger aramaze kugira inzu yiwe y'uburiro (restaurant) mu gisagara ca Bujumbura kandi yatanguye kwiga guteka bamutwenga ngo ariko ariga ububoyi.

Uwo musore w'imyaka 32 avuga ko yatanguye gukunda guteka akiri muto, akaba yabigize umwuga afise imyaka 17. Ubu akoresha abakozi indwi.

Ariko uwo musore avuga ko kwiga uwo mwuga mu gisagara bitari vyoroshe kuko benshi bamuca intege.

Agira ati:"Guteka mu gisagara uri umuhungu, ntivyoroshe. Bamwe mu bagenzi bavuga ko ndiko ndiga umwuga w'ikiboyi".

Insiguro y'amajwi, Nta mwuga udakiza: BBC iganira n'umunyamideli Girumuco Téline Féerie

Nzitonda Steve avuga ko abavyeyi bamushigikiye kuko babona ariko akora ivyo akunda.

Ati:"Barababwira amajambo ariko kubera babona ndabikunda barandetse.

Aranyuzamwo akavuga ko " nkeka na bo nyene hari aho bashika bagakekeranya n'aho batabivuga".

Mu bakiriya ba Steve Berger harimwo abamubona baje kugura imfungurwa bagakanguka babonye ari we ariko arabiteka.

Darlene Nahayo ati:"Vyari bitangaje uje kugura ikintu ukabona wakiriwe n'umuhungu hanyuma ukabona niwe ariko aranagitegura. Ubwa mbere twarakanguka."

Ariko avuga ko ari ingendo nziza n'abandi bakwiye gukurikiza, bakabona ko ata mwuga udakiza kandi ata mwuga ugenewe abahungu canke abakobwa gusa.