Burundi - Tanzania: Air Tanzania yongeye gukora ingendo Dar es Salaam - Bujumbura

Air Tanzania yari yarahagaritse ingendo zayo i Bujumbura kubera Covid-19

Ahavuye isanamu, RTNB

Insiguro y'isanamu, Air Tanzania yari yarahagaritse ingendo zayo i Bujumbura kubera Covid-19
Yatangajwe

Ikompanyi y'indege ya Tanzania ku wa mbere yasubiye gutangura ingendo hagati ya Bujumbura na Dar es Salaam, inyuma y'amezi ashika 18 zihagaritswe kubera ikiza karanda ca Covid-19.

Ibi biri mu vyo Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi yumvikanyeko na mugenziwe Samia Suluhu Hassan wa Tanzania, mu rugendo aherukamwo muri iki gihugu, hari ku wa 22 gushika 24 z'ukwezi kw'icumi guheze.

Air Tanzania ni imwe mu makompanyi y'indege make yari asanzwe akorera i Bujumbura, ni mu gihe Air Burundi, ikompanyi y'indege y'Uburundi, ata ngendo zayo isanzwe ikora.

Impande zompi zarigiye hamwe urutonde rw'ingendo z'indege z'iyi kompanyi i Bujumbura, aho bumvikanye ko zizohora ziba ku wa mbere, kuwa gatatu no ku wa gatanu.

Urugendo hagati ya Bujumbura na Dar es Salaam mu ndege ni amasaha atatu.

Gervais Abayeho aserukira Uburundi muri Tanzania, yabwiye abanyamakuru ko iyi ari intambwe ikomeye cane mu gutsimbataza imigenderanire, "cane cane hagati y'abagwizatunga b'Uburundi n'aba Tanzania kuko bazopfunyirizwa urugendo rubaziganirize n'uburyo".

Air Tanzania yiyongereye ku zindi zisanzwe zikora ingendo i Bujumbura zirimwo Kenya Airways (KQ), Rwandair (WB), Uganda Airlines (UR), Ethiopian Airlines (ET) na Brussels Airlines (SN).

Kuva mu 2009, Air Burundi, ikompanyi y'indege y'Uburundi, nta ngendo z'indege ifise gushika ubu.