Burundi: OLUCOME isaba Perezida Evariste Ndayishimiye ‘gufatira akarorero kuri Tanzania’

Yatangajwe

OLUCOME, ishirahamwe ritegamiye kuri reta rigamije kurwanya igiturire n'imungwa ry'ubukungu ryongeye kwandikira ikete Prezida Evariste Ndayishimiye rimusaba gutunganya ibibazo ribona, muri izo ngingo hakaba harimwo n'izerekeye ikiza karanda Covid.

Iri shirahamwe rirashima ibikorwa bimwe bimwe Prezida Ndayishimiye amaze kurangura mu kuvugurura ibintu mu Burundi no mu migenderanire n'amakungu.

Gusa umukuru w'iri shirahamwe yabwiye BBC ko "ushize ku munzani biboneka ko amajambo ari menshi cane gusumba ibikorwa", n'ubwo ngo bafise ivyizigiro kuri Prezida Ndayishimiye kuko wewe atari 'corrompue' (corrupt).

Mu kwezi guheze, Perezida Ndayishimiye yumvikanye avuga ko yabonye "ingene barwanya igiturire", yagize ati: "urabareka bakagihana mugabo ntihagire ico kimara".

Mw'ikete ry'iri shirahamwe rimusaba kwubahiriza amategeko ahari abwiriza abakozi bakuru bakuru ba reta kumenyekanisha itunga ryabo kuko "ari ishingiro ry'umuco n'intwaro ibereye mu buzima bw'igihugu".

Si irya mbere OLUCOME ineguye ko aya mategeko atubahirizwa kuko hariho bamwe bamwe muri reta bafise itunga babonye mu nzira mbi batobasha gusigura inkomoko, eka umwaka uheze ryabona ko 'Ndayishimiye yasumbijwe inguvu n'abasuma'.

OLUCOME yongeye gusaba Ndayishimiye gukurikirana cane igiturire no kubesha bigamije kwiba bivugwa mw'itangwa ry'amasoko ya reta.

Imusaba kandi gufata ingingo zo guhagarika ubucuruzi bw'ubutare 'bw'amaraso', no gukurikirana kugirango ubwimburwa bwinjirize amahera reta kuko hinjira make kandi himburwa ubutare bwinshi.

Iri shirahamwe risaba Prezida Ndayishimiye kwemera gukorana n'amashirahamwe yo kurwanya igiturire ategukira reta na mpuzamakungu mu bugenzuzi kw'ikoreshwa y'itunga ry'igihugu.

'Hariho abantu bazi gutekinika'! - Ndayishimiye

Mu majwi yahererekanijwe ku mbuga hwaniro mu mpera z'ukwezi guheze, Prezida Evariste Ndayishimiye yumvikanye avuga ko yahagurukiye kurwanya igitutire mu Burundi.

Agira ati: "Nasanze hariho abahinga muri ubu Burundi! Iyumvire nk'abantu barementanya isoko, ati 'wewe mfournisa (fournisser) ibi, akabikuzanira [kandi] atabizanye, mukagira PV de reception mugasinya, ko vyaje kandi atavyo, mugafata facture mukayikora neza, mukaja kwa ministre wa finance ngo riha uyu muntu yarakoze ibi. Hariho abantu bazi gutekinika!".

Ndayishimiye avuga ko umunsi yafashe abo bakoze ivyo bibajije uko yabimenye, bibaza uwabimubwiye. Ati: "Mushaka rero izo ngeso nimuzihebe!

"Nagira nsabe abenegihugu, nimumfashe gucunga mwe mufise amaso menshi."

Yongeraho ati: "None Uburundi turira ngo burakenye kubera iki? Harya mwiyumvira rirya deni mwumva ngo reta ifise muraziko 80%, ari amahera yagiye mu mifuka y'abantu!? Muga ni ideni ry'Abarundi bose."

Gufata akarorero kuri Tanzania

Reta y'Uburundi mu kwezi kw'indwi yemeye kwakira imfashanyo y'incanco za Covid-19 ariko ivuga ko itazohimiriza abanyagihugu kwicandagisha. OLUCOME yoyo ibibona ukundi.

Iri shirahamwe rivuga ko ryamenye ko reta iheruka gusaba ideni rya miliyoni $78 yo kurwanya ikiza karanda ca Covid-19, risaba reta guhindura ingingo ku ncanco no ku ngamba zo kwirinda ico ciza.

Mw'ikete yaryo, risaba reta gufatira akarorero kuya Tanzania igahimiriza abanyagihugu kwicandagisha no kubategeka kwambara 'mask' ahahurira abantu benshi n'izindi ngingo zo kwirinda.

Ibaruwa yabo igira iti: "Izo ngingo zikurikijwe, bizofasha kuvyura ubukungu no guha umwidegemvyo Abarundi ngo bakore ingendo mu bihugu vy'amahanga."

OLUCOME isaba kandi ko iryo deni reta yafashe ryocungwa mu muco, "ikirinda ivyabaye ku mahera yo kurwanya SIDA, aho abakozi ba reta bashinga amashirahamwe yo kurya ayo mahera nabo abo agenewe [abarwayi ba SIDA] ntibabone inyungu n'imwe."

Iri shirahamwe risaba kandi; gushira ku nyabwonko (informatiser) ibikorwa vya reta mu rwego rwo kurwanya igiturire, gushiraho itegeko rivuga ba nyene kompanyi zifise amasoko ya reta mu kurwanya ububeshi bwo kuzandikako abatari benezo, eka no gushinga sentare nkuru.

Ndayishimiye 'ni umuntu atari 'corrompue'

Gabriel Rupfiri arongoye OLUCOME yabwiye BBC ko kenshi bandikiye amakete Prezida Ndayishimiye ariko ubu ari ubwa mbere bamwandikiye urwandiko rw'impapuro 11 ruvuga ku ngingo nyinshi.

Ati: "Mu vyo twagiye turamwandikira, nko mu bijanye n'ubutare, twarabonye y'uko yashoboye gufata ingingo zitari nke, tukibaza neza ko kwishura atari ukuturungikira urwete, ahubwo cane cane ari ukubona ko ivyo twavuze vyashizwe mu ngiro."

Rufyiri avuga ko uru rwete ari "imfunyapfunyo y'ibintu bitari bike tumaze kumurungirukingira", bipfuza kandi bizigiye ko yokorako.

Ati: "Umukuru w'igihugu ahari uyu munsi ni umuntu atari 'corrompue' kuko iyo umuntu ameze atyo biragora cane ko yokwiyumvira ineza y'abandi akayishyira imbere.

"Mu majambo aguma ashikiriza, tubona ko ikibazo kijanye n'intwaro ibereye, kubaho neza kw'abantu, biri mu mwitwarariko wiwe, ico naco kiduha ikizigiro.

"Hasigaye intambwe igira kabiri yo kuva mu majambo cane umuntu akaja mu bikorwa, ubu umuntu ashize ku munzani biboneka ko amajambo ari menshi cane gusumba ibikorwa mugabo biboneka ko ari ku ntango nziza."