Burundi: Evariste Ndayishimiye avuga ko ata muntu n'umwe aburirwa irengero mu gihugu

Yatangajwe

Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye avuga ko mu gihugu ata muntu n'umwe aburirwa irengero, ko ahubwo abahagarikwa ari inkozi z'ikibi.

Yabivuze mu kiganiro yahaye iradiyo y'Abafaransa RFI, mu rugendo aheruka kugira muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo.

Abivuze mu gihe umugambwe CNL ubandanya uvuga ko abanywanyi bawo, harimwo n'indongozi zawo bagenda baburirwa irengero, ukavuga ko rimwe na rimwe bahagarikwa n'abambaye impuzu z'abajejwe umutekano, canke bahagarikwa n'abatabifitiye uburenganzira.

Ngomirakiza Elie arongoye CNL muri komine Mutimbuzi y'intara ya Bujumbura yabuze kuva ku wa 09 z'uku kw'indwi, umuvugizi wa CNL yabwiye BBC ko baronse amakuru ko yoba yarishwe.

Perezida Ndayishimiye we yabwiye RFI ko hari ikibazo c'uko inkozi z'ibibi zinyegeza inyuma y'imigambwe.

Ati "Iyo umuntu ari inkozi y'ikibi, ni inkozi y'ikibi, nta mugambwe igira.

"Ahubwo bari bakwiye kuvuga bati 'urya yarahagaritswe, none ni ukubera poritike canke ni inkozi y'ikibi'?"

"Ico dukora ni ugukurikiza amategeko. Nimba uri inkozi y'ikibi dufise uburenganzira bwo gukingira abanyagihugu, gukurikirana no gushengeza inkozi z'ibibi".

Perezida Ndayishimiye ntiyemera ko hari ababurwa irengero, akavuga ko ahubwo hari abaheza gukora ivyaha bagaca bahungira mu gihugu kibanyi c'u Rwanda.

Ati: "Ku vyo nzi, nta muntu aburirwa irengero mu Burundi. Canke naho umpe izina rimwe gusa ry'umuntu yoba yarabuzwe irengero".

"Ico nzi kindi gusa ni uko hari inkozi z'ibibi iyo bahejeje gukora icaha baca baja mu Rwanda, kandi nta burenganzira dufise bwo kuja kubahiga mu Rwanda".

Atanga akarorero k'inkozi z'ikibi 19 avuga ko bateye umuryango bakica abantu mu ntara ya Kayanza, akavuga ko baciye bahungira mu Rwanda kandi ko gushika ubu ari yo bakiri.

Ati: "Abantu bavuga ko baburiwe irengero, ariko ndazi ko bari ahantu".

Ubutegetsi bw'u Rwanda ntaco buratangaza ku vyashikirijwe na Perezida Ndayishimiye yari ahejeje kubwira umumenyeshamakuru wa RFI ko imigenderanire hagati y'Uburundi n'u Rwanda iriko iramera neza.