Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Terres rares: umushakashatsi Steve de Cliff avuga ko reta y'u Burundi ikwiye gushumbushwa
Reta y'Uburundi isabwa gushiramwo inguvu zose kugira ngo ishobore kwiyungururira amabuye y'agaciro azwi kw'izina rya Terres rares kuko iyo agiye hanze igihugu cibwa.
Ibi bivugwa n'umwigisha wa kaminuza akaba n'umushakashatsi mu bijanye n'amabuye y'agaciro Steve de Cliff Juru yakoze icigwa kuri ubu butare bucukurwa mu ntara ya Bujumbura.
Muri ubwo bushakashatsi, Steve de Cliff avuga ko basanze terres rares ziriko zirimbwa muri komine Kabezi y'iyo ntara zifise ireme (teneur) ryababa 80%, mu gihe abazicukura bobo bahora babwira reta ko ryababa 54%.
Haraciye igihe reta y'Uburundi itangaje ko yasanze ihomba cane mu mafaranga yateganya kwinjiza avuye mu mabuye y'agaciro acukurwa n'ibigo vyo hanze, cane cane ubwo butare bucukurwa mu ntara ya Bujumbura.
Mu kwezi kwa kane uno mwaka, umushikiranganji wa mbere w'Uburundi Alain Guillaume Bunyoni yabwiye inama nshingamateka ko hari amakompanyi yo hanze yari amaze imyaka hafi ine acukura ubwo butare ariko ata n'ifaranga atanga mu kigega ca reta.
Insiguro ayo makompanyi yatanga, nk'uko umushikiranganji Bunyoni yabisiguye, ngo ni uko mu butaka bimba ata mabuye y'agaciro ahagije basanzeyo nk'uko yari avyiteze, ko rero yakora ahomba.
Bunyoni avuga ko yabonye ko harimwo ubusuma n'ububeshi amaze kubuza ko hari amabuye asubira gushorwa amasezerano yo gucukura adasubiwemo, ariko ko icatangaje ari uko mu nyuma imwe muri ayo makompanyi yaje kuvuga ko yari ifise amatoni y'amabuye yo gushora hanze.
Mu gukora ubu bushakashatsi, Steve de Cliff Juru yabwiye BBC ko yari afise intumbero yo kuraba ireme (teneur) ry'ubu butare kugira ahinyuze, kuko ababucukura bahora babwira reta ko iyo bacukuye basanga ireme ry'ayo mabuye riri hasi cane ku buryo ata kintu bavanamwo.
Ati: "Jewe nari namaze kuraba hanyuma ndavuga nti bishobora kuba biri mu ma 80% canke birenga. Babwira reta ko muri izi terres rares ata kintu bavanamwo, ariko twebwe twaraberetse ko burimwo bwinshi cane".
"Ubu rero ni vyiza twarabibonye turabibereka… Aba bantu bategerezwa kwumva y'uko bakwiye gushumbusha reta y'Uburundi kuko yari yabizigiye ibaha ubutaka bwayo babucukure ku neza y'abarundi ariko bobo bagacukura bitwarira iwabo, bakabesha ku biciro".
"Wahora ufata nk'ikintu twebwe tubona ko kigurwa nk'ibihumbi icenda vy'amadorari ku kilo, mugabo ukavuga ngo ni amadorari abiri".
Terres rares ni iki?
Asigura ico ari co Terres rares, de Cliff asigura ko iri ari izina rihabwa ubutare burimwo amabuye 17 y'agaciro kadasanzwe.
Aya mabuye ni ayitwa scandium, yttrium, Lanthane, Cérium, Praséodyme, Néodyme, Prométhium, Samarium, Europium, Gadolinium, Terbium, Dysprosium, Holmium, Erbium, Thulium, Ytterbium, hamwe na Lutécium.
De Cliff avuga ko igituma bazita terres rares bidasigura uko kw'isi zitahari, ariko ko ari kubera y'uko usanga utu tubuye tunyanyagije hirya no hino.
Avuga ko ubutare bwazo i Burundi ataho buhuriye n'ubutare bwazo mu bindi bihugu, kuko "twebwe ng'aha iwacu, zimeze nka kurya kw'inzahabu".
Ati: "Mu Burundi ugiye ugacukura ikibuye mu kuzimu uca usangamwo ubwo butare".