RDC: Inama nkenguzamateka yemeje integuro ya kamarampaka
Inama nkenguzamateka (sena) ya Repubulika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) yemeje ijana kw’ijana integuro y’itegeko itegekanya ibikenewe kugira hatunganywe kamarampaka.
Iyo nteguro yemejwe ku wa mbere n’abakenguzamateka bari bitavye iryo tora ukwo ari 89.
Iyo nteguro yari isanzwe yaremejwe n’inama nshingamateka kw’itariki ya 9 Ruheshi (6), ubu hakaba harindiriwe ko Perezida Félix Tshisekedi ayishirako umukono kugira ibe itegeko.
Umukuru w’igihugu afise iminsi 15 yo kuyisinya, kuyisubiza inyuma canke kuyiyamiriza mu buryo bw’amategeko. Hamwe ata ngingo yoba yafashe muri ico gihe, iyo nteguro izoca iba itegeko nyezina rica ritangura gukurikizwa ubwo nyene.
Abatavuga rumwe n'ubutegetsi baranegura iryo tegeko babona nk’intambwe yerekeza ku guhindura ibwirizwa nshingiro, ibishobora gutuma Perezida Tshisekedi aguma ku butegetsi inyuma y’ikiringo ciwe ca kabiri, gisanzwe kandi ari co ca nyuma, gitegekanijwe kurangira mu mwaka wa 2028.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu kwezi guheze, Perezida Tshisekedi yavuze ko yiteguriye kuguma ku butegetsi inyuma ya 2028, hamwe abanyagihugu ba RDC bokwerekana ko bavyipfuza biciye muri kamarampaka.
Harabaye uruhagarara mu mabarabara ku wa gatanu w'indwi iheze, igihe ihuriro ry'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ryarenga ku ngingo yabuza imyiyerekano, rikihereza amabarabara i Kinshasa.
Haradutse imishamirano impande y'ingoro y'Inama nshingamateka (‘Palais du Peuple’) inyuma y'aho abajejwe umutekano batangiriye abari mu myiyerekano babankira kugandagaza kuri iyo nyubakwa.
Umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi, Martin Fayulu, yabaye uwa gatatu mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu 2023, amakuru avuga ko yakomerekeye muri izo ntureka. Amafoto yahanahanywe amwerekana ishati yiwe iriko amaraso.
Abategetsi bari batanze ikindi kibanza cogirirwamwo imyiyerekano, aho basobanura ko vyari ngombwa gukingira Inama nshingamateka no kwirinda ko haba ihungabana ry’ibibazo vyariko birakorwa mu mashure ku rwego rw’igihugu.
Abategetsi baburiye ko imyiyerekano yose itarekuwe n'amategeko izohanwa bikomeye, mu gihe uruhagarara rwa politike rushingiye ku nteguro y’itegeko rya kamarampaka ruriko rurushiriza gukomera.
Izindi nkuru wosoma: