Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bowen: Trump na Netanyahu bashaka guhindura ishusho y'Ubuseruko bwo Hagati – ubu bashobora kwisanga mu ndyane zidahera
- Umwanditsi, Jeremy Bowen
- Igikorwa, Umwanditsi mukuru mpuzamahanga
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 6
Donald Trump na Benjamin Netanyahu bari bizeye ko gutsinda Iran vyohinduye ishusho y'Ubuseruko bwo Hagati.
Aka karere kariko karahinduka. Ariko si uko bari bavyiteze. Repubulika ya Kisilamu ya Irani ntiratsindwa. Ubu ingorane ni uko hashobora kuba imishamirano idahera kandi yonona vyinshi, ishobora rimwe na rimwe kwadukamwo intambara nyayo.
Ubutegetsi bwa Iran bwerekanye ko ari urutare rugoye kumena kurusha uko Trump na Netanyahu băbifata. Baribeshe, kandi ntibagifise ububasha ku ngaruka zavyo.
Iyavuba muri izi ngaruka ni ikororwa rya kajugujugu yo mu bwoko bwa Apache y'Abanyamerika ryakozwe na Irani. Ni icibutsa ko abategetsi ba Iran bagishoboye kubabaza Abanyamerika kandi badashira hasi ku ntego yabo yo gushika ku ntsinzi muri iyi ntambara. Kuri bo, intsinzi isigura gukomeza kubaho no kongera ububasha bwo gutera ubwoba abansi ntibatinyuke gutera Iran, biciye mu kwemera ko bagenzura Umuhora wa Hormuz, imwe mu nzira zihambaye cane kw'isi zo mu mazi.
Perezida Trump n'abajenerali biwe bategerezwa kugerageza kurondera ingene bihora kw'itakara ry'iyi ndege, mu kwerekana ko batajugumizwa n'ikintu na kimwe, ariko kandi batapfishije ubusa inzira y'ibiganiro gushika ubu bicumbagira. Abari muri iyo kajugujugu bararokotse. Iyo baza kuba bishwe, birashoboka ko inyishu yari kuba ruhasha gusumba.
Trump yari afise icizigiro co kugirana amasezerano na Iran, kugira ngo Umuhora wa Hormuz usubire gufungurwa hanyuma bakumvikana ku biganiro vy'igihe kirekire ku bibazo bikomeye, birimwo ibigega vya Iran vya uranium yatunganijwe hamwe n'imigambi yayo ya nikleyeri.
Iyi ntambara ntiyakunzwe muri Amerika, kandi arondera inzira yo kuyivamwo ashobora kwerekana nk'intsinzi. Ariko biriko biramugora cane.
Donald Trump n'umushikirangaji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, bariko baronka icigwa ca kera.
Kuva kera cane aho abantu bamenyeye ubuhinga n'umuvumo w'intambara, abategetsi bahavuye basanga vyoroshe gutanguza intambara, gusumba kuyirangiza n'intsinzi yeruye.
Igihe batanguza intambara kuri Irani ku musi wa nyuma wa Ruhuhuma (2), bompi basohoye amatangazo kuri videwo, bakoresha amajambo yerekana ko biyumvira ko igihe c'impinduka z'akataraboneka cari cegereje. Ubutegetsi bwari bwiganziye Irani kuva intwaro ya Shah isenyuwe mu 1979 bwari bugiye kurangira.
Mu gatondo ka kare cane, ari ku rugo rwiwe i Mar-a-Lago, ku kigo ciwe co mu Florida, Trump yibukije ivyo yari yarasezeraniye abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Irani muri Nzero (1) ko "imfashanyo iri mu nzira".
Yavuze ati: "Ku banyagihugu bakomeye kandi biyemera ba Irani, mw'iri joro ndababwira ko igihe c'umwidegemvyo wanyu gishitse. Nimugume mwinyegeje mu mazu yanyu. Ntimuje hanze. Hanze hameze nabi cane. Amabombe agiye gukorokera mu mpande zose. Nitwaheza, muce mufata ubutegetsi. Buzoba ari rwanyu. Kumbure arashobora kuba ari yo mahirwe yanyu yonyene mu bisekuru vyinshi."
Bukeye bw'aho, Netanyahu yahagaze ku gisenge ca Kyria, igorofa ndende y'ubushikiranganji bw'ukwivuna abansi bwa Israel iri mu gisagara ca Tel Aviv, afatira ijambo ryiwe muri videwo. Co kimwe na Trump, yavuga nk'uwari yamaze kubona intsinzi.
"Uru runani rw'izi nguvu za gisirikare rudushoboza gushika ku co namaze imyaka 40 nipfuza gukora: gushwanyaguza burundu ubutegetsi bw'iterabwoba. Ibi ni vyo nasezeranye – kandi ni vyo tuzokora."
Mu buzima bwiwe bwose bwa politike, Netanyahu yamye avuga ko ikibazo gikomeye kuri Israel ari Irani, ko atari Abanyapalestina canke ibihugu bibanyi vy'Abarabu. Yari yaragerageje kenshi gukwegakwega abandi baperezida ba Amerika kugira ngo bifatanye na we mu gutera Irani ariko ntivyashoboka. Trump yaje atandukanye.
Mu myaka irenga ibiri, kuva Hamas iteye Israel ku wa 7 Gitugutu (10) 2023, Netanyahu yabwira Abanyisraeli ko ububasha bw'ingabo zabo, bufashijwe na Amerika, buzotsinda abansi babo maze bugatuma bagira kazoza keza kandi gatekanye. Inguvu ni zo zari inyishu aho kuba inzira y'ibiganiro.
Netanyahu yasa n'umugabo yabona ko igihe ciwe cari kigeze. Ariko ibintu vyari bitandukanye igihe yavugana n'abanyamakuru inyuma y'uko Trump amubwiye ko yohagarika imigambi yiwe yo gutera Beirut, umugwa mukuru wa Libani, ku wa mbere. Nk'uko umwe mu banditsi bakomeye b'ikinyamakuru co muri Israel, Ben Caspit, yabivuze, yasa n'umupira wahezemwo ipepu.
Caspit ni umwe mu bantu banegura cane umushikiranganji wa mbere. Ariko biragaragara ko imigambi ya Netanyahu yo gukoresha inguvu kugira ngo akarere kose gashire aho ashatse yananiwe.
Trump yari yiteze intsinzi yihuta. Yararyohewe cane igihe yabona ingene ingabo za Amerika zinyuruza umukuru w'igihugu ca Venezuela n'umutambukanyi wiwe, zikabashikana mw'ibohero i New York, maze zigashira ku butegetsi umusubirizi yemera ivyo basaba.
Yabona ko yari aronse inzira nziza kurusha izindi yo guhindura ubutegetsi, isumba kure inzira y'intambara zamaze igihe kirekire, yari yahiswemwo n'abamuboneye izuba, muri Iraki na Afghanistani. Yibaza ko bwari bwo buryo yari agiye gukoresha kuri Irani.
Uno musi, aba bagabo bompi bategerezwa kuba bariko bibaza ikitagenze neza. Amerika ifise igisirikare ca mbere gikomeye kurusha ibindi kw'isi. Israel ni igihangange c'Ubuseruko bwo Hagati.
Trump na Netanyahu babona ko intwaro ya Irani yariko iyumbayumba kubera ingorane z'ubutunzi zatewe n'ibihano, ubutegetsi bubi n'igiturire. Israel yari yarakubise bikomeye incuti za Irani: Hamas muri Gaza na Hezbollah muri Libani. Bashar al-Assad, iyindi ncuti magara ya Irani, yari yamaze kwirukanwa ku butegetsi muri Syria maze ahungira i Moscou mu Burusiya. Muri Nzero (1) uno mwaka, ubwo butegetsi bwaratujije imyiyerekano ikomeye yo kubwiyamiriza, mu kwica ibihumbi vy'Abanya-Irani.
Ntibabona ko ubutegetsi ruburakigongwe bwa kisilamu muri Irani bushobora kwivyukiranya no kwihagararako. Bibaza ko kwica indongozi yayo y'ikirenga hamwe n'abamwegereye vyari gutuma intwaro isenyuka.
Babona ko bafise inguvu za gisirikare z'ikirenga zo guhangana n'ubutegetsi bwari bumaze imyaka yababa 50 buca mu bibazo vyagenda vyisubiriza, bwatewe ariko bukaguma bwihagazeko, kandi bwakoze igikorwa kidasanzwe co gutunganya igisata c'umutekano gishigikiwe n'akarangamutima gashingiye ku kwemera.
Ibihugu vyo mu Kigobe bicukura igitoro, kandi bisanzwe ari incuti za Amerika, ndetse, ku bihugu vya Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu na Bahrain vyo bisanzwe binacuditse na Israel, vyose birahahombera bidasanzwe. Si igihombo gusa c'amafaranga aturuka ku gitoro n'ibigikomokako, nk'ifumbire. Mu bisanzwe vyari vyarubatse kazoza kavyo gashingiye ku gushiraho akarere gatekanye n'ibikorwa vy'ubudandaji vyinjiza amamiriyaridi n'amamiriyaridi y'amadorari. Abanyamitahe be na ba mukerarugendo babona ko iyi ntambara ije gutuma iyi mbonakazoza iba nk'indoto.
Ubutegetsi bwa Irani burabona ko ukubaho kwabwo n'ukungene vyabworoheye mu kwifatira ubutunzi bw'isi mu maboko yabwo biciye mu kwugara, ubiravye, Umuhora wa Hormuz no mu gutera ibihugu bibanyi vy'Abarabu biri mu Kigobe, bishobora kuba akaryo keza ko gutuma Amerika na Israel bimara igihe kitari gito bidasubiriye kugira umunoho wo kuyitera.
Abasirikare n'abategetsi bashasha basubiriye abahoze bategeka Irani bishwe na Israel na Amerika, bagendera ku marangamutima akomeye nk'abo basubiriye, ariko bobo bakaba biteguriye gufata ivyemezo bikomeye bishobora kubamwo n'ingorane mu gihe cose bazoba babona ko ari urugamba rwo gupfa canke gukira. Babona ko amajambo gusa adashobora kuzibira ibitero vya Amerika canke vya Israel muri kazoza. Ahubwo, bashaka kwerekana ko ibindi bitero kuri Irani bizoteza ingaruka zibabaza cane.
Kimwe mu mikenyuro yayo ni uguhuza intambara yo muri Libani n'iyo mu Kigobe. Ubutumwa ubutegetsi bwa Irani buha Trump ni uko adashobora kwitega amasezerano ayo ari yo yose mu gihe Israel iguma itera ibibombe muri Libani kandi ikaguma igerageza gusambagura Hezbollah, umuhari w'abarwanyi ukongera ukaba n'uwa poritike wamye ufashwa na Irani kuva mu myaka ya 1980 nk'uburyo bwo ku murongo w'imbere bwo kwivuna Israel.
Mu kuzibira integuro za Israel zo gutera Beirut ku mvo z'uko hari amasezerano yegereje (ivyo akaba yarabivuze na mbere, kandi ugasanga atari vyo), Trump yerekanye ko yemera ko ibibera muri Libani bifitaniye isano n'ibibera mu Kigobe.
Ku wa mbere, Netanyahu yavuze ko atemera iri sano. Yavuze ko ari "ikintu kidashobora kwihanganirwa kandi kidashobora kwemerwa na gato". Ingorane yiwe ni uko Trump ashira imbere inyungu ziwe n'icipfuzo ciwe co guhagarika intambara kuruta uko Netanyahu yipfuza kuyibandanya gushika abonye ko ubutegetsi bwa Irani bujegenyutse.
Netanyahu yarahagaritse igitero yategekanya kuri Beirut, ariko kuva ico gihe, ingabo za Israel zabandanije ibitero bikomeye mu bumanuko bwa Libani.
Igihe Umuhora wa Hormuz wugarwa muri Ntwarante (3), hari abari bagabishije ko bishobora gutuma ubutunzi bw'isi buhungabana cane mu gihe woguma wugawe gushika muri Ruheshi (6).
Uno musi, iyi nzira yo mu mazi yari isanzwe ari nyabagendwa imbere y'uko Amerika na Israel bitera Irani, gushika ubu iracugaye. Ikiriho ubu ni uko bigenda bigaragara ko, mu gihe hatoba ibiganiro nyavyo, ivyo gusubira kwugurura uno muhora bikiri kure nk'ukwezi.