Ayavugwa mu mupira w'amaguru i Buraya kuri uyu wa gatanu: Haaland, Milenkovic, Mbappe, Nketia, Flick

Umukinyi w'imbere wa Borussia Dortmund n'igihugu ca Norvege Erling Braut Haaland

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukinyi w'imbere wa Borussia Dortmund n'igihugu ca Norvege Erling Braut Haaland
Yatangajwe

West Ham bizeye kuzana umukinyi w'imbere wa Arsenal, Eddie Nketiah, 21 mu mpera z'uyu mwaka.

Manchester United iriteguriye kugura umukinyi w'inyuma w'umugwi wa Fiorentina na Serbie, Nikola Milenkovic, n'aho amahera asabwa kuri uwo mukinyi ari imiliyoni 38. (Sun)

Umukinyi w'imbere wa Arsenal Eddie Nketiah

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukinyi w'imbere wa Arsenal Eddie Nketiah

Imigwi ikomeye cane ya Espagne, Barcelone na Real Madrid ishobora kutagira ico bahanoba mu gushaka kugura umukinyi w'imbere akomeye cane wa Borussia Dortmund n'igihugu ca Norvege Erling Braut Haaland, w'imyaka 20.

Uwo mukinyi yipfuza umushahara wa miliyoni 35 ku mwaka, umushahara ushobora gutuma Barca na Madrid babanza kwiyumvira. (Goal)

Umukinyi w'imbere wa PSG Kylian Mbappe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukinyi w'imbere wa PSG Kylian Mbappe

Paris St-Germain bahamagarira umukinyi wabo akomeye cane w'imbere Kylian Mbappe, w'imyaka 22, gushira umukono ku masezerano mashasha, mu gihe uwo mukinyi adashaka amasezerano y'igihe kirekire. (L'Equipe - in French)

West Ham bizeye kuzana umukinyi w'imbere wa Arsenal, Eddie Nketiah, 21 mu mpera z'uyu mwaka. (Evening Standard)

Carlos Vinicius
Insiguro y'isanamu, Carlos Vinicius

Wolves barashaka kugerageza kugura umukinyi w'imbere wa Benfica, Carlos Vinicius w'imyaka 26 mu mpera z'uyu mwaka inyuma y'aho Tottenham ifatiye ingingo yo kutamugura mu gihe yari yatijijwe muri uwo mugwi. (TVI24 - in Portuguese)

Manchester United na Arsenal baranuganugwa ko bashaka kugura umukinyi wo hagati wa Rennes, umufaransa Eduardo Camavinga w'imyaka 18, yamaze gufata ingingo yo kutongereza amasezerano n'uwo mugwi arimwo muri kino gihe. (Marca)

Manchester United yipfuza kugura umukinyi w'inyuma wa Danmark Joachim Andersen

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Manchester United yipfuza kugura umukinyi w'inyuma wa Danmark Joachim Andersen

Manchester United iripfuza uukinyi w'inyuma wa Danmark, Joachim Andersen w'imyaka 24, yatijijwe n'umugwi wa Lyon muri Fulham. (B.T - in Danish)

Umumenyereza wa RB Leipzig, Julian Nagelsmann yabeshuje inkuru zivugwa ko yagiriraniye ibiganiro na Bayern Munich kugira asubirire Hansi Flick. (ESPN)

Bayern yitegurira kuzana umumenyereza Massimiliano Allegri

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bayern yitegurira kuzana umumenyereza Massimiliano Allegri

Bayern iriko iriyumvira kuzana umumenyereza Massimiliano Allegri mu kibanza ca Flick. Allegri nta mugwi afise amenyereza kuva avuye Juventus mu 2019. (Sport Mediaset - in Italian)

Chelsea iracabandanya kurondera umukinyi w'inyuma wa Uruguay na Atletico, Jose Maria Gimenez w'imyaka 26, ariko uwo yipfuza cane ni umukinyi w'inyuma wa Sevilla, Jules Kounde w'imyaka 22. (La Razon - in Spanish)external-link)

Umukinyi w'imbere wa Manchester City Sergio Aguero

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umukinyi w'imbere wa Manchester City Sergio Aguero

Barcelona ishaka kugura umukinyi w'imbere wa Manchester City Sergio Aguero w'imyaka 32 agiye kurangiza ikiringo ciwe muri uwo mugwi mu mpera z'uyu mwaka, ariko Barca ifise ikibazo co gukwiza umushahara yemerewe na Juventus wa miliyoni 10 z'ama Euro. (Sport)external-link)

Tottenham iriko iragerageza kugura umukinyi w'imbere wa Autriche Sasa Kalajdzic w'imyaka 23 akinira umugwi wa Stuttgart. (Eurosport)external-link )

Umukinyi w'imbere wa Lazio Sergej Milinkovic-Savic

Ahavuye isanamu, Alamy

Insiguro y'isanamu, Umukinyi w'imbere wa Lazio Sergej Milinkovic-Savic

Manchester United inuganugwa ko ishaka kugura umukinyi wo hagati wa Lazio Sergej Milinkovic w'imyaka 26. Uwo mukinyi kandi araronderwa na Real Madrid na PSG. (Gazzetta - in Italian)external-lin

Juventus ifise umugambi wo kugura umukinyi w'imbere wa Barcelone Ousmane Dembele w'imyaka 23, amasezerano yiwe bafitaniye n'uwo mugwi arangiye mu 2022. (Mundo Deportivo - in Spanish)external-link