US: imyiyerekano mu gihe inama nshingamateka na nkenguzamateka zigiye kwemeza intsinzi ya Biden

Abanywanyi ba Prezida Trump batanguye kwiyegeranya i Washington DC

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Abanywanyi ba Prezida Trump batanguye kwiyegeranya i Washington DC kugira bagire imyiyerekano imbere y'inama rusangi y'inama nshingamateka na nkenguzamateka
Yatangajwe

Abashingamateka n'abakenguzamateka ba Reta zunze ubumwe za Amerika bitezwe kwemeza kuri uyu wa gatatu intsinzi ya Joe Biden mu matora aheruka mu gihe hari imyiyerekano ikorwa n'abanywanyi ba Trump.

Abashingamateka n'abakenguzamateka barahurira mu nama rusangi kugira ngo baharure bongere bemeze amajwi yavuye mu ntumwa z'itora.

Hari aba Repubulika biyemeje gushigikira Prezida Donald Trump mu twigoro twiwe two guhindura ivyavuye muri ayo matora, aho vyitezwe ko muri iyo nama rusangi baza kwiyamiriza ivyayavuyemwo.

Abajejwe umutekano mu gihugu baharurwa mu majana ni bo bitezwe gufasha.

Abanywanyi ba Prezida Trump batanguye kwiyegeranya i Washington DC kugira bagire imyiyerekano yo kwiyamiriza ico gikorwa co kwemeza ivyavuye mu matora, bikaba vyitezwe ko haza kuba n'iyindi irwanya iyi y'abashigikiye Trump.

Mu butumwa bwiwe yacishije ku rubuga rwa Twitter ejo ku wa kabiri, Prezida Trump yatangaje ko ashikiriza ijambo muri iyo myiyerekano yiswe "SAVE AMERICA RALLY" (IMYIYEREKANO YA GARUKIRA AMERIKA).

Gushika ubu ntaremera ko yatsinzwe mu matora yo ku wa 03 ukwezi kwa cumi na rimwe umwaka uheze, avuga ko yabayemwo ubusuma ariko ntatange ivyemezo.

Joe Biden wo mu mugambwe w'abaharanira Demokarasi (Democrats) yitezwe kwimikwa ku wa 20 ukwezi kwa mbere.

Hari impande zibiri mu mugambwe w'aba Repubulika, aho hari bamwe mu bashingamateka baharurwa muri mirongo bari kumwe n'akarwi gatoya k'abakenguzamateka biteze kwanka ivyavuye mu matora mu mareta amwe amwe ntahompagaze.

Ted Cruz arongoye umurwi w'abakenguzamateka bashika hafi cumi basaba ko hoshingwa ikiringo c'imisi cumi co kubanza kwiga ivyo vy'ubusuma bivugwa muri ayo matora.

Icegera c'umukuru w'igihugu Mike Pence - nk'umukuru w'inama nkenguzamateka akaba ari we yiteze guhagarikira iyi nama akanatangaza intsinzi ya Biden - avuga ko yakirije yompi iyi ngingo.

Yahagaritse ivyo gusubiramwo ibirego vy'ubusuma ariko umukuru w'ibiro vyiwe avuga ko atahura "impungenge z'amamiriyoni y'Abanyamerika ku bijanye n'ubusuma bw'amatora ndetse no kutubahiriza amategeko".

Nk'uko itegeko ry'amatora muri Amerika ribivuga, igikorwa ca Pence muri iyo nama ni uguhagarikira gusa ingene bigenda, ariko Trump yasavye iki cegera ciwe kwihagararako.

Iyo hari ibirego vyemejwe n'umwe mu nama nshingamateka hanyuma hakaba n'umwe mu nama nkenguzamateka abishigikira, bitegerezwa guharirwako mu nama rusangi y'amasaha abiri, ikurikirwa n'amatora.

Ariko, kugira ngo ico kirego cemerwe, ni uko haba igitigiri kinini mu nama nshingamateka na nkenguzamateka bacemeza.

Aba Repubulika ni bo biganje mu nama nkenguzamateka ariko bamwe muri bo baramaze kwiyemeza ko batazoba inzitizi ku vyavuye mu matora, ni mu gihe aba Democrats ari bo biganziye inama nshingamateka.

Umukuru w'aba Repubulika mu nama nkenguzamateka Mitch McConnell yaramaze kwemeza intsinzi ya Biden mbere anasaba abandi ba Repubulika kureka kunana.

Ibijanye n'iyi myiyerekano

Ibihumbi n'ibihumbi vy'abanywanyi ba Trump, harimwo n'abagendera ku vyiyumviro bikaze vya kizungu, biteze kwitabira iyi myiyerekano i Washington, mbere bakaba batanguye kwiyegeranya n'ijoro ku wa kabiri.

Umwe muri bo yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Associated Press ati: "Ndi ng'aha kugira nshigikire umukuru w'igihugu. Sinzi neza ico ashobora gukora muri uyu mwanya, ariko ndashaka kwumva ijambo ashikiriza".

Abategetsi bagabishije abanywanyi ba Trump ko batokwitwaza inkoho.