US: Umukenguzamateka w'umu Repubulika yiyemeje kurwanya intsinzi ya Biden

Joe Biden

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Vyitezwe ko Joe Biden aherutse gutorwa muri Amerika ashikirizwa amabanga ku a 20 z'ukwa mbere umwaka uza
Yatangajwe

Umukenguzamateka wo mu mugambwe w'aba Repubulika avuga ko azofata iya mbere mu kurwanya intsinzi ya Joe Biden umusi Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zizokorana kugira ngo zemeze intsinzi yiwe mu ndwi iza.

Uyu mukenguzamateka Josh Hawley wo muri reta ya Missouri avuga ko afise amakenga ku tunenge twayabayemwo, ariko akaba na we nyene aterekana ivyemezo.

Hari kandi n'umurwi w'abashingamateka b'aba Repubulika bategura kurwanya ivyavuye mu matora aheruka muri ico gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Hagati aho, ibi bibonwa ko ataco bizohindura ku vyavuye mu matora.

Mu ntango z'uku kwezi, Intumwa z'itora - ari nazo zitora umukuru w'igihugu - zaremeje intsinzi ya Biden ku majwi 306 kuri 232 ya Donald Trump.

Aya majwi ategerezwa kwemezwa icese n'inama Nshingamatekan na Nkenguzamateka bari hamwe ku wa 06 z'ukwa mbere.

Vyitezwe ko ku wa 20 z'ukwa mbere ari ho uyu mukuru w'igihugu mushasha wo mu mugambwe w'abaharanira Demokarasi (démocrates) aherutse gutorwa ariho azoshikirizwa amabanga.

Kuva atsinzwe muri ayo matora, Perezida Trump ntarigera yemera ko yatsinzwe, akavuga ko amatora yabayemwo ubusuma. Hagati aho, amasentare yaramuhebuje mu twigoro twiwe two guhindura ivyavuye muri ayo matora.

Hawley avuga iki?

Umukenguzamateka Hawley avuga ko adashobora gutora ngo yemeze ivyavuye muri ayo matora "atabanje kwerekana neza ko amareta amwe amwe, cane cane Pennsylvania, yananiwe no gukurikiza amategeko yayo agenga amatora".

"N'imiburiburi, inama nshingamateka na nkenguzamateka zategerezwa gukora amatohoza ku birego vy'ubusuma hanyuma zikemeza ingingo zubahiriza amatora yacu meza. Ariko gushika ubu zarananiwe n'ugufata ingingo".

Hawley - umukenguzamateka atorewe ikiringo ca mbere yavugwa ko yashaka kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu - ntiyerekana ahabereye ubusuma bwoba bwaratumye amatora agenda uko yagenze.

Hagati aho, ikompanyi Walmart yategetswe gusaba imbabazi inyuma y'ubutumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter ivuga ko Hawley "yamaze gutsindwa".

Iyi kompanyi yaciye yihutira gufuta ubwo butumwa, ikavuga ko bwari bwanditswe n'umwe mu bajejwe imbuga hwaniro yihenze.

Ariko Hawley ntiyemeye kujaniranwa, yaciye yandika ubundi butumwa bwo kwishura avuga ati: "Ubu rero ko mwamaze gutuka imiriyoni 75 z'abanyamerika, mwoshobora n'imiburiburi gusaba imbabazi kubona mukoresha abacakara?".

None bigenda gute iyo inama nshingamateka na nkenguzamateka zikoranye?

Iyo habaye ibirego ku bijanye n'amatora bishikirijwe n'umwe mu bashingamateka hamwe n'umwe mu bakenguzamateka, bitegerezwa gusuzumwa n'abashingamateka hamwe n'abakenguzamateka mw'ikoraniro ry'amasaha abiri, hagakurikira amatora.

Ariko kugira ngo ivyavuye mu matora muri reta kanaka bifutwe, bitegerezwa kubanza kwemezwa na nyarwinshi (majorité) muri izi nzego zompi ziri hamwe.

Hari ababona ko iyi ari nk'indoto kubera aba Democrates ari bo biganziye inama nshingamateka, kandi mu no nama nkenguzamateka hakaba hari aba Repubulika bamaze kwemeza ko badashobora guhakana ivyavuye muri ayo matora.

Gusa, impari zo zizotegerezwa kuba muri iryo koraniro ryo ku wa 06 z'ukwa mbere kuko hari n'umushingamateka w'umu Repubulika Mo Brooks, wo muri reta ya Alabama na we nyene yamaze kumenyesha ko azobirwanya.

Abandi ba Repubulika bavuga iki?

Umukuru w'abakenguzamateka b'aba Repubulika Mitch McConnell amaze imisi asaba abo basangiye umugambwe ko bokwirinda gutuma abashingamateka n'abakenguzamateka baja mu bigeragezo, aho bamwe wosanga bagiye gushigikira umukuru w'igihugu Trump, abandi nabo bakaja ku ruhande rw'abatoye.

McConnell yabwiye aba Repubulika mu mwiherero ko amatora nk'aya yoba ari mabi cane.

Uwundi mu Repubulika, John Thune, na we nyene avuga ko amatora yogenda uku "ashobora kuboneka nk'ubuhemu".

Agabisha ko ataco vyoba bimaze kubera, kubw'iwe, "ibizoyavamwo" bizwi.

Uruhande rwa Biden rubivugako iki?

Umuvugizi wa Biden, umupfasoni Jen Psaki, avuga ko iyi ngendo ya Hawley "yataye igihe".

Ati: "Abanyamerika barafashe ingingo muri aya matora, abantu imiriyoni 81 bakaba baratoye Joe Biden na Kamala Harris".

"Inama nshingamateka na nkenguzamateka zizokwemeza ivyavuye mu matora nk'uko bama babigira uko imyaka ine yose irangiye".