Uganda: Abaganga bari muri yegereyegere bemeye gusubira ku kazi

Abakozi bo kwa muganga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abakozi bo kwa muganga bari mu kiringo co kwimenyereza bari bahagaritse akazi kuva ku wa 6 z'ukwa cumi na rimwe
Yatangajwe

Abaforoma n'abaganga bari bamaze imisi muri yegereyegere bemeye kuyihagarika bagasubira ku kazi ku wa mbere.

Inyuma y'inama hagati y'ababaserukira na reta, aba baforoma n'abaganga bimenyereza bemeye guhagarika yegereyegere barimwo yari imaze ukwezi kurenga basaba kwongererezwa agahembo no kworoherezwa ku kazi.

Reta yemeye kubongerereza agahembo, bakaba ku mashilingi ya Uganda 750.000 (hafi $200) bakaronka imiriyoni 2.5 z'amashilingi (ni ukuvuga hafi $700).

Aka gahembo kazorihwa uhereye mu kwezi kw'indwi uno mwaka, kandi kuva ku wa mbere kazotegerezwa kuba kashitse ku ma konte yabo.

Mu nama y'ejo ku wa gatanu, umushikiranganji w'amagara y'abantu yaremeye kandi guhagarika ingingo yari yafashe yavuga ko abaganga bose bari bahagaritse akazi bava mu bigo babamwo no mu bibanza vy'akazi vyose vyegukira reta.

Uyu murwi w'aba baganga bahagaritse akazi basigaje amezi abiri ngo barangize imyimenyerezo yabo. Abari muri iyi myiyerekano bazokwongererezwa umwanya kugira ngo bashobore kuyirangiza.

Kuva mu bihe biheze, imyiyerekano n'ibiganiro ku bijanye n'agashahara hamwe no kwioroherezwa ku kazi muri Uganda ni ibintu vyamye biba n'imiburiburi rimwe um mwaka kuva um 2017.

Abaserukira abakozi bo mu gisata c'ubuvuzi bari mu rugendo baja ku nama nshingamateka ku wa gatatu kugira bashikirize urwandiko barazibiwe bongera barahagarikwa n'igipolisi um kiringo c'amasaha, ariko mu nyuma bavamwo bararekurwa.