Uganda-Ubuvuzi: Abimenyereza kuvura bahagaritse akazi kose

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abakozi bo kwa muganga bakora nk'abimenyereza akazi (stagiaires/interns) muri Uganda batangaje ko bakajije gusumba ingingo yabo yo guhagarika akazi basaba kwongerwa agahembo.
Abo bakozi batanguye iyo yegereyegere itariki 6 ukwezi kwa Munyonyo (11) , ariko bari babandanije bakora imirimo yihutirwa bakanafasha abakozi bo kwa muganga mu bitaro.
Ariko ikete ry'umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu ku wa gatandatu ryategetse abo baforoma n'abaganga bimenyereza akazi bari muri yegereyegere kuva mu mavuriro n'ibitaro aho bari basanzwe bakorera, mu kiringo c'indwi imwe.
Abo baforoma n'abaganga bo mu bitaro vya reta mu gihugu cose nabo baciye batangaza ko kuva isaha zitandatu z'ijoro ku wa Mungu, baca bahagarika akazi kose.
Muganga Dr Lillian Nabwire, umukuru w'ishirahamwe ry'abanganga bimenyereza, yabwiye BBC ko abaganga bimenyereza bahereye mu 2017 basaba kwongerwa umushahara.
Reta yagumye ibimerera kwongera agahembo kabo, ariko avuga ko imishahara bitigeze bikotrwa.
Abanganga bakuru ubu nibo bitaho abaremvye n'abakaneye kuvurwa vyihuta, ariko baragabanuye kwakira abaje kwivuza bataha, nk'uko umwe mu baganga yabwibwiye BBC.
Hari hasanzwe hari uwundi mugwi w'abimenyereza akazi wotanguye gukora mu mezi abiri.
Abimenyereza kuvura bategerezwa kumara umwaka wose bakora kugira baronke urupapuro rw'uko bemewe nk'abakozi bo kwa muganga.
Bahembwa ama shiringi ya Uganda 750.000 (hafi amadorari 200) ku kwezi muri ico gihe cose c'umwaka betegerezwa kumara.









