Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Koundé, Rudiger, Ake, Modric, Ndombele, Vlahovic, Bergwijn
Liverpool muri uku kwezi iriteguye gukorera ku ngingo iri mu masezerano umukinyi w'inyuma w'umufaransa Jules Koundé, w'imyaka 23, afitaniye na Sevilla, ingingo imwemerera kuva muri uyu murwi ku miriyoni zirenga 100 z'amadorari y'abanyamerika, ni mu gihe Chelsea na Real Madrid nayo nyene imwipfuza. (El Nacional via Teamtalk)
Umukinyi w'inyuma wa Chelsea, umudagi Antonio Rudiger w'imyaka 28, azorangiza amasezerano afitaniye n'uyu murwi mu ci riza kandi akaba ataratera igikumu ku yandi mashasha, avugwa ko yipfuza kwimukira muri Real Madrid aho kuja muri Paris St-Germain mu gihe yoramuka avuye i Stamford Bridge. (Football London)
PSG ivugwa ko yoba yemereye Rudiger umushahara w'ama euro imiriyoni indwi ata makori ariko, ayasumba ayo yemerewe n'uyo murwi wo muri Espagne. (Footmercato - in French)
Umusatirizi w'umunya Uruguay Edinson Cavani, afise imyaka 34, yiyemeje kuguma muri Manchester United mu kiringo gisigaye c'ihiganwa ry'uno mwaka, ni inyuma y'ibiganiro yagiranye n'umumenyereza Ralf Rangnick. (Mirror)
AC Milan iriko iraraba ingene yoronka umukinyi w'inyuma wa Manchester City, umunya Hollande Nathan Ake w'imyaka 26, ni inyuma y'aho uyo murwi wo mu Butaliyano utakarije umunya Danemark Simon Kjaer, w'imyaka 32, mu kiringo cose gisigaye c'ihiganwa ry'uno mwaka kubera imvune yo mw'ivi. (Sun)
Manchester City ishobora kurondera kizigenza wa Croatia Luka Modric, w'imyaka 36, na rirya atishimiye amasezerano mashasha yemerewe na Real Madrid. Amasezerano asanzwe afitaniye n'uyu murwi wo muri Espagne azorangira mu mpera z'iri higanwa. (El Nacional, via Mail)
Arsenal irafise ishaka ryo kurekura amafaranga menshi muri uku kwa mbere kugira ngo ironke umusatirizi w'umunya Serbia Dusan Vlahovic, w'imyaka 21, asanzwe akina muri Fiorentina. (Mirror)
Newcastle yumvikanye ivuga ko ishaka gutanga imiriyoni zababa 68 z'amadorari y'abanyamerika kugira ironke umusatirizi wa Bayer Leverkusen, umunya République tchèque Patrik Schick, w'imyaka 25, mu gihe iriko irondera hasi hejuru umusatirizi. (Sky Sports)
Paris St-Germain, AC Milan, Roma, Lyon, Barcelona na Newcastle United iri mu mirwi ishobora kuba iriko irondera umukinyi wo hagati w'umufaransa Tanguy Ndombele, w'imyaka 25, mu gihe kazoza kiwe muri Tottenham kadatomoye inyuma y'aho azomerewe n'abafana ba Spurs igihe agomborewe ku wa Mungu mu rukino rw'igice ca gatatu gishira ica nyuma c'igikombe ca FA aho uyu murwi watsinze Morecambe. (Star)
Newcastle ishobora guhangana na Ajax mu rugamba rwo kurondera umunya Hollande Steven Bergwijn, w'imyaka 24, akina ku ruhande muri Tottenham, mu gihe abaserukizi biwe bariko barondera ko yopfuma atizwa mu wundi murwi. (90min)
Ajax yamaze kwemera ko yotanga imiriyoni zababa 20 z'amadorari y'abanyamerika kugira ironke Bergwijn kandi ikaba yipfuza ko yoba yamuronse imbere y'uko ihura na Utrecht ku wa Mungu. (Telegraaf - in Dutch)
Ibiganiro Newcastle irimwo bigeze kure kugira irabe ko yoronka umusatirizi wa Reims, umufaransa Hugo Ekitike w'imyaka 19, ku giciro kiri musi y'imiriyoni 40 z'amadorari y'abanyamerika. (90min)
Icizere ca Newcastle co kuronka umukinyi w'inyuma Sven Botman, w'imyaka 21, muri uku kwa mbere gisa n'icarangiye, kubera uyu munya Hollande adashaka kwiyumvira ivyo kuva mu murwi wiwe wa Lille. Umunya Brésil Diego Carlos w'imyaka 28 akina muri Sevilla hamwe n'umufaransa Benoît Badiashile, w'imyaka 20, akina muri Monaco, baracari mu bo Newcastle ishobora kurondera muri kuno kwezi. (Athletic, subscription required)
Newcastle ishobora guhindukirira umukinyi w'inyuma wa Everton, umwongereza Mason Holgate, w'imyaka 25, kugira ikomeze uruhande rw'inyuma. (Give Me Sport)
Tottenham izokwihweza ibizotangwa n'abazoba barondera umwongereza akina hagati Dele Alli, w'imyaka 25, hamwe n'umunya Irlande akina inyuma Matt Doherty, w'imyaka 29, muri kuno kwa mbere. (Sky Sports)
Tottenham ifata iya mbere mu ruhigi rwo kurondera umukinyi wo hagati wa AC Milan, umunya Côte d'Ivoire Franck Kessié, w'imyaka 25, azorangiza amasezerano yiwe mu ci riza. (Rudy Galetti on Twitter)
Abarongoye Manchester United bavuganye ibijanye no kurondera umukinyi wo hagati wa Borussia Monchengladbach, umuswisi Denis Zakaria, w'imyaka 25, muri kuno kwezi, ariko ntibaramenyesha amafaranga bipfuza gutanga. (Fabrizio Romano)
Chelsea iri mu biganiro na Lyon kugira ngo igarukane umukinyi w'inyuma wayo, umutaliyano Emerson Palmieri, w'imyaka 27, yatijijwe muri uyo murwi wo mu Bufaransa, kugira ngo ashobore gusubirira Ben Chilwell aherutse kuvunika. (Mail)
West Ham iriko iraraba ingene yotira umunya Sénégal Abdou Diallo, w'imyaka 25, akina inyuma muri Paris St-Germain. (RMC Sport - in French)
Umusatirizi wa Queens Park Rangers Lyndon Dykes yateye amero imirwi itari mike yo mw'ihiganwa rya Premier League, harimwo Newcastle, Burnley, Crystal Palace na Norwich City. Umurwi Rangers watsindiye ihiganwa rya Ecosse/Scotland, hamwe na Bournemouth isanzwe iri imbere mw'ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri mu Bwongereza (Championship), nayo nyene ivugwa ko yipfuza uyu munya-Ecosse w'imyaka 26 yavukiye muri Australia.