Emile Smith Rowe na Pierre-Emerick Aubameyang binjije ibitsindo vya Arsenal vyakuyemwo Newcastle

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibitsindo bibiri vyinjijwe mu gice c'inyongera (Prolongation) na Emile Smith Rowe na Pierre-Emerick Aubameyang nivyo vyatumye Arsenal iserezera Newcastle yari yababijije akuya mu nkino z'igice gice ca gatatu mw'ihiganwa ry'igikombe ca FA.
Imbere y';uko yinjiza igitsindo ca mbere, umukinyi aboneka ko ariko araduga Smith Rowe yari yinjiye mu gice ca kabiri yarahatswe kugira umusi mubi igihe yahabwa ikarata itukura, ariko rero igafutwa hifashishijwe ubuhinga bwa videwo (VAR).
Hasigaye iminota irenga gato itatu ngo ico gice c'inyongera kirangire, Aubameyang yaciye yinjiza igitsindo kigira kabiri ku mupira mwiza yahawe na Kieran Tierney, Newcastle iba irasezeye.
Andy Carroll yahushije amahirwe meza cane abiri yose yo kwinjiza mu monita 90 y'urukino, ariko ananirwa no gusezerera Arsenal.
Arsenal, umurwi umaze gutwara iki gikombe incuro 14 zose, urindiriye kumenya umurwi uzohura nayo mu gice ca kane.
Ariko amakuru aba avuga ukundi iyo umusatirizi Andy Carroll w'imyaka 32 agashobora gufata mu minwe amahirwe yiwe, cane cane akaryo kagira kabiri yaronse ku munota wa nyuma w'iminota 90 ya mbere.
Arsenal yagarukiye ku munwa w'urupfu, mbere ikaba yahabonye umunyegori Bernd Leno yakoze nk'ingwe agakurayo umupira ukomeye wari wa Caroll.
Uyu Caroll yahoze ari umusatirizi w'Ubwongereza yari yahushije igitsindo ku munota wa 55 ateye umupira ugaca imbere y'igori gato.
Arsenal isanzwe ifise ingorane z'ubusatirizi, ariko Smith Rowe, n'ishaka ryinshi ryo kurondera ikibanza muri uyu murwi, yongereje inguvu z'ubusatirizi muri zino ndwi za nyuma.
Inyuma y'igice ca mbere kitabonetsemwo ibintu vyinshi, uyu mukinyi mpuzamakungu w'Ubwongereza mu rwego rw'imiyabaga yahavuye yinjizwa mu kibuga n'umumenyereza Mikel Arteta ku munota wa 56, kandi yashitse ahindura urukino.
Ariko, mu minota ya nyuma yahawe ikarata itukura n'umuhagarikizi w'urukino Chris Kavanagh kw'ikosa yari akoreye umukinyi wo hagati wa Newcastle, Sean Longstaff, ariko biba ngombwa ko ahindura iyi ngingo abanje kuja kuraba neza ivyabaye kuri VAR.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kubona yashoboye kugirirwa ayo mahirwe ingingo igahindurwa maze akaguma mu kibuga, mbere agashobora no kwinjiza igitsindo, Smith Rowe yavuze ati: "Ni ukuri nanezerewe cane. Inyuma ya rirya kosa nari nakoze ntabishaka, numvise intege zicitse, ariko mu nyuma umutima usubira mu nda".
"Ndaryohewe kubona nashoboye kwinjiza igitsindo mbere tugashobora kurengana".
Arsenal niyo isanzwe ifise igikombe ca FA, ikaba yatahukanye ikigira 14 mu mwaka uheze aho yatsinda Chelsea mu rukino rwa nyuma rwabaye ku wa 01 z'ukwa munani 2020, rukarangira Arsenal iteye Chelsea 2-1. Ibitsindo vyompi vya Arsenal vyinjijwe n'umunya Gabon, Pierre-Emerick Aubameyang.
Vyari bimenyerewe ko imisi nk'iyi irangiza indwi mu Bwongereza haba inkino za Premier League, ariko habandanya iz'iki gikombe ca FA.
Inkino za Premier League zizosubira gutangura ku wa kabiri, aho Newcastle izokwakirwa n'umurwi Sheffiled United kuri uwo musi, Arsenal nayo ikazokwakira Crystal Palace isaha zitanu z'ijoro ku wa kane.










