Ntibiramenyekana nimba Libani iri mu masezerano, mu gihe Israel yagize ibitero bishasha

Ahavuye isanamu, reu
Kimwe mu bibazo bikomeye bikiri ku meza mu masezerano hagati ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Iran ni ukutumvikana kuri hagati ya Israel na Liban.
Kugeza ubu, ntibiramenyekana neza nimba Liban iri mu bigize ayo masezerano. Ariko, ibinyamakuru vya Leta ya Liban bivuga ko ingabo za Israel zagavye ibindi bitero bishasha mu bumanuko bwa Liban uno musi.
Igisirikare ca Israel ntikiragira ico kivuga kuri ivyo bitero, ariko cahora kivuga ko kiriko kigira ibitero ku murwi w’abarwanyi ba Hezbollah ushigikiwe na Iran.
Perezida wa Liban, Joseph Aoun, yavuze ko ibiganiro igihugu ciwe kiriko kiragirana na Israel “vyigenga” kandi bidafitaniye isano n’amasezerano hagati ya Amerika na Iran. Ariko yavuze ko ashimira “igihugu cose kidufasha, harimwo na Iran.”
Donald Trump na we yahamagariye Israel “kwitwararika kurushiriza” ivyerekeye Libani, ariko yongera avuga ko ukwo kutumvikana ari “intambara ntoya” itazogira ingaruka ku masezerano Amerika iriko iragirana na Iran.
Hagati aho, itangazo rusangi ryasohowe uno musi n’abarongozi b’ibihugu vya G7, harimwo na Trump, rivuga ko bashigikiye “agahengwe k’intambara gakomeye kandi kihuta” muri Liban, hamwe n’utwigoro twa Leta ya Beirut two “kwaka ibirwanisho Hezbollah.”
Izindi nkuru wasoma:










