IKIBIRIRAHO, RDC: Inama nkenguzamateka yemeje integuro ya kamarampaka

Abatavuga rumwe n'ubutegetsi baranegura iryo tegeko babona nk’intambwe yerekeza ku guhindura ibwirizwa nshingiro, ibishobora gutuma Perezida Tshisekedi aguma ku butegetsi.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. RDC: Inama nkenguzamateka yemeje integuro ya kamarampaka

    Umukuru w’Inama nkenguzamateka ya RDC, Jean-Michel Sama Lukonde, igihe abakenguzamateka bariko biga integuro itegekanya ibikenewe kugira hatunganywe kamarampaka, i Kinshasa.

    Ahavuye isanamu, Sénat RDC / X

    Insiguro y'isanamu, Umukuru w’Inama nkenguzamateka ya RDC, Jean-Michel Sama Lukonde, igihe abakenguzamateka bariko biga integuro ya kamarampaka, ku wa mbere

    Inama nkenguzamateka (sena) ya Repubulika ya Demokarasi ya Kongo (RDC) yemeje ijana kw’ijana integuro y’itegeko itegekanya ibikenewe kugira hatunganywe kamarampaka.

    Iyo nteguro yemejwe ku wa mbere n’abakenguzamateka bari bitavye iryo tora ukwo ari 89.

    Iyo nteguro yari isanzwe yaremejwe n’inama nshingamateka kw’itariki ya 9 Ruheshi (6), ubu hakaba harindiriwe ko Perezida Félix Tshisekedi ayishirako umukono kugira ibe itegeko.

    Umukuru w’igihugu afise iminsi 15 yo kuyisinya, kuyisubiza inyuma canke kuyiyamiriza mu buryo bw’amategeko. Hamwe ata ngingo yoba yafashe muri ico gihe, iyo nteguro izoca iba itegeko nyezina rica ritangura gukurikizwa ubwo nyene.

    Abatavuga rumwe n'ubutegetsi baranegura iryo tegeko babona nk’intambwe yerekeza ku guhindura ibwirizwa nshingiro, ibishobora gutuma Perezida Tshisekedi aguma ku butegetsi inyuma y’ikiringo ciwe ca kabiri, gisanzwe kandi ari co ca nyuma, gitegekanijwe kurangira mu mwaka wa 2028.

    Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu kwezi guheze, Perezida Tshisekedi yavuze ko yiteguriye kuguma ku butegetsi inyuma ya 2028, hamwe abanyagihugu ba RDC bokwerekana ko bavyipfuza biciye muri kamarampaka.

    Harabaye uruhagarara mu mabarabara ku wa gatanu w'indwi iheze, igihe ihuriro ry'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi ryarenga ku ngingo yabuza imyiyerekano, rikihereza amabarabara i Kinshasa.

    Haradutse imishamirano impande y'ingoro y'Inama nshingamateka (‘Palais du Peuple’) inyuma y'aho abajejwe umutekano batangiriye abari mu myiyerekano babankira kugandagaza kuri iyo nyubakwa.

    Umukuru w'abatavuga rumwe n'ubutegetsi, Martin Fayulu, yabaye uwa gatatu mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu 2023, amakuru avuga ko yakomerekeye muri izo ntureka. Amafoto yahanahanywe amwerekana ishati yiwe iriko amaraso.

    Abategetsi bari batanze ikindi kibanza cogirirwamwo imyiyerekano, aho basobanura ko vyari ngombwa gukingira Inama nshingamateka no kwirinda ko haba ihungabana ry’ibibazo vyariko birakorwa mu mashure ku rwego rw’igihugu.

    Abategetsi baburiye ko imyiyerekano yose itarekuwe n'amategeko izohanwa bikomeye, mu gihe uruhagarara rwa politike rushingiye ku nteguro y’itegeko rya kamarampaka ruriko rurushiriza gukomera.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Abantu umunani bapfiriye mu mpanuka y'indege y'intambara y'Amerika ya B-52 i California

    Indege y'intambara y'Amerika yo mu bwoko bwa B-52 iri mu kirere mu Bwongereza muri Werurwe (3) mu mwaka wa 2026

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Indege y'intambara y'Amerika yo mu bwoko bwa B-52 iri mu kirere mu Bwongereza muri Werurwe (3) uyu mwaka (ifoto mbarankuru)

    Abantu umunani, barimo abakozi babiri ba kompanyi y’indege Boeing, bapfuye nyuma yuko indege y’intambara y’ingabo z’Amerika yo mu bwoko bwa B-52, ikoze impanuka ako kanya igihaguruka ku kibuga cy’indege cya gisirikare cya Edwards Air Force Base mu majyepfo ya leta ya California.

    Ibyo byabaye ku wa mbere saa tanu n’iminota 20 z’amanywa (11:20) ku isaha yaho, ni ukuvuga saa tatu z’ijoro n’iminota 20 (21:20) ku isaha yo mu Rwanda no mu Burundi, ubwo iyo ndege yari iri mu gikorwa isanzwe ikora cy’igerageza.

    Iyo mpanuka yatumye umwotsi mwinshi cyane uzamuka mu kirere, ukaba washoboraga kubonwa n’abantu bari mu birometero byinshi uvuye aho byabereye.

    Koloneli (Col) James Hayes yagize ati: “Uyu munsi, ikibuga cy’indege cya gisirikare cya Edwards Air Force Base cyabayemo ibyago bikomeye cyane, ndetse twapfushije Abanyamerika umunani bakomeye cyane.” Yabasobanuye nk'"imvange y’abakora mu ndege b’abasirikare, abasivile bo muri leta hamwe n’abakora ibiraka bo muri leta".

    Mbere, icyo kibuga cy’indege cya gisirikare cyari cyavuze ko ibimenyetso by’ibanze byagaragazaga ko iyo mpanuka itari iyo kurokokwa.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Amasezerano yo kurangiza intambara na Iran yaramaze gusinywa kandi ido n’ido ryayo rizoshirwa ahabona ‘vuba cane’ – Trump

    Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump yitavye inama y’impande zompi hagati yiwe na Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron

    Ahavuye isanamu, EPA

    Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yavuze ko amasezerano y’ibanze yo kurangiza intambara na Iran yamaze gushirwako umukono, aho yatomoye ko ido n’ido ryayo rizoshirwa ahabona “vuba cane”.

    Mu kiganiro yagiranye na Perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron ku wa mbere, mu nama ya G7, Trump yagize ati: “Ndanezerewe no kuvuga ko yashizweko umukono, amasezerano yarasinywe.”

    Abategetsi bo ku rwego rwo hejuru ba Amerika na bo nyene baratanguye gutanga amakuru amwe amwe yerekeye ibiri muri ayo masezerano. Bavuga ko umuhora wa Hormuz uzokwugururwa ku wa gatanu, ari na wo musi ayo masezerano azoshirwako umukono icese i Genève mu Busuwisi.

    Bavuga kandi ko muri iyi ndwi hitezwe gutangura ibiganiro vy’ubuhinga (tekinike) ku bijanye n’umugambi wa nikleyere wa Iran, mu gihe itezurwa ry’ibihano ku matunga yafashwe canke kuyarekura, rizovana n’uko Iran izoshitsa ivyo yiyemeje muri ayo masezerano.

    Ku wa mbere, icegera c’umukuru w’igihugu wa Amerika, JD Vance, yabwiye umumenyeshamakuru Jake Tapper wa CNN ko ayo masezerano y’ibanze hagati ya Iran na Amerika ari “hafi ku rupapuro n’igice”, kandi ko ari urwandiko ruvuga ibintu "muri rusangi cane".

    Vance yongeyeko ko vyinshi bizoganirwako mw’ido n’ido mu biganiro bizoba mu gihe kiri imbere.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.