Burundi: Inama nshingamateka na nkenguzamateka zisaba reta gushiraho urwego ruzokurikirana abakekwa 'jenoside' yo mu 1972

Pierre-Claver Ndayicariye arongoye CVR, ariko arashikiriza ijambo mu mahugurwa yabereye i Gitega, ku wa 10 Ntwarante (3) 2022

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Pierre-Claver Ndayicariye arongoye CVR aradoma urutoke ku bategetsi batandukanye b'ico gihe, harimwo uwahora ari Perezida Michel Micombero (ifoto mbarankuru yo mu 2022)
    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Nairobi
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Inama nshingamateka na nkenguzamateka z'Uburundi zisaba reta y'ico gihugu gushiraho urwego rw'ubutungane rukurikirana abikekwa kugira uruhara mw' "ihonyabwoko" ryakorewe Abahutu mu 1972.

Zisaba kandi abategetsi gushiraho umusi wahariwe kwibuka, ku rwego rw'igihugu, amabi yabaye n'abayakorewe muri uwo mwaka.

Izo nzego zibiri zabisavye ku wa kabiri, igihe umurwi ujejwe kurondera ukuri no kunywanisha abarundi CVR wazishikiriza, zikoraniye hamwe, icegeranyo ntabanduka kw' "ihonyabwoko" ryakorewe abahutu mu 1972.

Mu 2021 ni ho umurwi CVR wasohora icegeranyo ca mbere cemeza ko habaye "ihonyabwoko" ry'Abahutu mu Burundi mu 1972. Inama nshingamateka na nkenguzamateka zaciye zicemeza.

Ariko reta y'Uburundi nta tegeko ryo kwemeza iryo "honyabwoko ry'Abahutu" irasohora.

Hari abatemeranya na CVR.

Nk'ishirahamwe ryiyemeje kurwanya ihonyabwoko AC-Génocide Cirimoso rivuga ko kubona CVR itakoranye n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU nk'uko vyumvikanyweko mu masezerano y'amahoro y'i Arusha mu 2000 ari ukuvuga y'uko "bategura ivyabo atawubagiriza".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Emmanuel Nkurunziza arongoye iryo shirahamwe avuga ko reta y'ico gihe mu gihe yariko irahasha "abagomba guhonya ubwoko bw'Abatutsi yakoze ubwicanyi na yo kuri ubu ikajaniranya n'abataco bazira kandi abantu bagapfa ku bwinshi".

Muri ico cegeranyo co kuri uyu wa kabiri, umurwi CVR umenyesha ko Abahutu barenga 300.000 ari bo bishwe.

Pierre Claver Ndayicariye awurongoye asigura ko ico gitigiri bagishitseko inyuma y'amatohoza yamaze imyaka, aho yemeza ko bisunze ibinogo rusangi vyatowe bikanasesangurwa, intahe zashinzwe n'abarokotse, inyandiko zo mu ntwaro ziri mu bushinguro, intahe z'abiyemereye ko bagize uruhara, hamwe n'inyandiko canke amajambo yo muri kahise.

CVR ishimangira ko hisunzwe amategeko mpuzamakungu, amabi y'ihonyangwa rikabije ry'agateka ka muntu yakorewe Abahutu mu kivunga, mu 1972, ari "ihonyabwoko".

Uwo murwi wasiguriye inama nshingamateka na nkenguzamateka ko ivyaha vyose vyabaye vyateguwe mu ntumbero yagaragara neza ko ari iyo "guhonya", bishirwa mu ngiro mu buryo butunganije, harimwo n'uruhara rw'ibisata bitandukanye vya reta n'ivy'inzego z'umutekano vy'ico gihe.

Umurwi CVR uradoma kandi urutoke ku bategetsi batandukanye b'ico gihe, cane cane aba gisirikare n'abanyapolitike, harimwo Perezida Michel Micombero yari umukuru w'igihugu.

Muri ico cegeranyo, Micombero afatwa nk'uwagize uruhara nyamukuru mu gutegura ivyabaye. Uyu, yatwaye Uburundi kuva muri Munyonyo (11) 1966, gushika muri Munyonyo 1976.

Ico cegeranyo c'umurwi CVR kigaragaza ingene abantu batabwa muri yompi mu kivunga, bakicwa mu buryo ndengerabutungane, abandi bakaburwa irengero canke bagafatwa nk'inyamaswa, bakanyagwa n' ivyabo.

Kuva Uburundi bwikukira mu 1962, bwagiye burangwamwo ubwicanyi bwa politike bushingiye ku moko, cane cane hagati y'Abahutu n'Abatutsi.

Bumwe mu bwahitanye abantu benshi, cane cane buzwi cane ko bwahekuye igihugu gusumba muri ubwo bwicanyi bwose, ni ubwo mu 1972, bwahitanye Abahutu.