Mesut Ozil avuga ko azoguma muri Arsenal gushika amasezerano arangiye mu 2021

Mesut Ozil

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, Mesut Ozil aheruka mu kibuga igihe Arsenal yakira ikanatsindira ku kibuga cayo West Ham ku wa 07 z'ukwa gatatu
Yatangajwe

Mesut Ozil, umukinyi wo hagati w'umurwi Arsenal, avuga ko azoguma muri uyo murwi "gushika ku munota wa nyuma" w'amasezerano yiwe ategekanijwe kurangira mu kwa gatandatu 2021.

Kuva inkino za Premier League zisubiriye gutangura mu kwa gatandatu, uyo mukinyi w'imyaka 31 ubu - yigeze kuba ari mpuzamakungu w'Ubudagi - ntiyigeze akinishwa n'umumenyereza Mikel Arteta, avuga ko ari ukubera "ibibazo bijanye n'urukino".

Amasezerano afitaniye na Arsenal amuha umushahara w'amapawundi 350.000 ( amadorari y'abanyamerika 458,421) ku ndwi. Ozil yahakanye amakuru avuga ko uyu murwi woba uriko urondera kumwishura umushahara wose w'umwaka umwe asigaje muri ayo masezerano.

Yabwiye ikinyamakuru Athletic ati: "Nivyo ibintu vyaragoranye ariko ndakunda Arsenal. Nije nzohitamwo igihe nzogira, si abandi bantu bampitiramwo umunsi wo kugenda".

Yongerako ati: "Nzokwitangira umurwi uko nshoboye kwose. Ibintu nk'ibi ntaco bizongira, ahubwo bimpa ingoga. Muri kahise narashoboye kwerekana ko nshobora kwivyukiranya kandi nzosubira ndavyerekane".

Ozil, umukinyi yinjiye muri Arsenal mu 2013 aguzwe muri Real Madrid ku mapawundi imiliyoni 42.4, yaramaze igihe adakina igihe uyu murwi wamenyerezwa na Unai Emery, mu nyuma arasubira mu kibuga igihe wamenyerezwa vy'imfatakibanza na Freddie Ljungberg.

Igihe Arteta afatiye ibintu mu minwe mu kwa 12 kw'umwaka uheze, Ozil yarakinishijwe mu nkino zose cumi za Premier League Arsenal yakinye imbere y'uko iri higanwa rihagarikwa vy'agateganyo mu kiringo c'amezi atatu kubera coronavirus kuva mu kwa gatatu.

Hagati aho, mu nkino zose 13 za Arsenal ihiganwa risubiye kwugururwa, Ozil ntiyigeze akinishwa na rimwe.

Mu kwa kane Arteta n'abakinyi biwe baremeye ko bakatwa ibice 12.5%, maze Arsenal nayo itangaza ko itegura guhagarika abakozi bayo 55 kubera ibibazo vy'amafaranga vyavuye ku kiza karanda ca coronavirus.

Hagati aho, Ozil wewe ntiyemeye ko umushahara wiwe ugabanywa, akavuga ko abakinyi "bafashwe gihutihuti". Amenyesha ko iyo ngingo ishobora kuba ari yo yatumye ataronswa amahirwe yo kwinjira mu kibuga.

N'aho yubaha ingingo ya Arteta yo kutamukinisha, Ozil abona ko yari kuba yarahawe akaryo ko kwerekana ivyo ashoboye mu kibuga.

Ati: "Urashobora kudakina mu nkino cumi zose zikurikirana kubera urwaye, ariko atari kubera ko utabishoboye canke kubera ufise ingeso mbi".

Avuga kandi ko atari we wenyene yanse gukatwa umushahara, ariko ko izina ryiwe ari ryo ryabonetse gusumba.