Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Hugo Santillan: Uyu munye Argentine yasandavye azize ibikomere vy'ingumu
Umuterangumu wo muri Argentine, Hugo Santillan, yishwe n'ibikomere yagize mu mukino wo guterana ingumu, nyuma y'iminsi uwundi muterangumu wo mu Burusiya, Maxim Dadashev, nawe apfuye.
Uwo musore w'imyaka 23 yaguye hasi mu rubuga kuwa gatandatu nyuma gatoyi y'urukino rw'urwego WBC Latino Silve rw'abafise ibiro biri hagati.
Urwo rukino rwamuhuza na Eduardo Javier Abreu muri Argentine, rwarangiye abo baterangumu babiri banganije.
Yajanywe kwa muganga aca arabagwa ku buryo bwihuse ariko aca acikana kuwa kane.
Urwego rujejwe umukino wo guterana ingumu kw'isi, World Boxing Council, rwasohoye ubutumwa ku rubuga hwaniro twitter bugira buti "Rest in Peace, Hugo Santillan", canke "Ruhuka amahoro, Hugo Santillan".
Santillan ni umuterangumu agira kabiri apfuye ahitanywe n'ibikomere yakuye mu mukino muri ino indwi, nyuma y'urupfu rwa Dadashev rwemejwe kuwa kabiri.
Uwo musore w'imyaka 28 yari yashizwe mu bitaro kubera kuvirirana mu bwonko, nyuma y'urukino rw'abafise ibiro vyinshi yakinye na Subreil Matias, rwahagaritswe mu mpera ku ngunga ya 11 ku wa gatanu uheze.
Yarabazwe kwa muganga ariko birananirana ko atora mitende.
Uwutegura inkino zo guterana ingumu, Kalle Saueland, yanditse kuri twitter kuwa kane agira ati: "Ni indwi ibabaje cane ku mukino wo guterana ingumu".