Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umurwi wa ONU ijejwe gukora amatohoza wavuze ko Israel ariko ikora ihonyabwoko muri Gaza mu guhohotera abana n'ibigirankana
Uwo murwi uvuga ko ufise ivyemezo bihagije bituma yemeza ko ivyo bikorwa "biri mu mugambi w'ibigirankana wo gusambura kazoza k'Abanyepalestina muri Gaza mu kwibasira abana babo".
Incamake
- Umushikiranganji w'amagara y'abantu muri kenya yasavye imbabazi sentare ku bijanye n'ikibanza cari categuriwe ebola
- Hatanzwe impuruza y'ubushyuhe bukabije mu Bufaransa, Ubutaliyani na Espagne
- Impanga z'abavandimwe zashyingiranywe n'izindi mpanga z'abavandimwe mu bukwe bwahurijwe hamwe muri Nigeria
- Guinea yaciye iyoherezwa mu mahanga rya zahabu igicukurwa mu rwego rwo guteza imbere kuyitunganyiriza mu gihugu
- Kenya: Minisitiri yahamwe no gusuzugura urukiko bijyanye n'ikigo cya Ebola gishyigikiwe n'Amerika
- Amerika yadohoye ibihano ku bikomoka kuri peteroli mu gihe Iran ihakana ibyavuzwe na Vance ku bagenzuzi ba nikleyeri
Amakuru y'ikibiriraho
Chançard Abimana, Didier Bikorimana na Latifa Mutesi
Umuryango w’uwahoze ari Perezida wa Zambia watsinze urubanza rushasha ku vyerekeye aho azoshingurwa
Umuryango wa Edgar Lungu watsinze urubanza rwo gusaba ko ikiziga ciwe gihambwa muri Afrika y'epfo aho yapfiriye, sentare y’iyungururizo ihavanaho ingingo ya sentare nkuru yemerera leta ya Zambia gutwara ikiziga ciwe.
Haciye umwaka urenga uwo yahoze ari Perezida wa Zambia apfuye.
Ntibiramenyekana neza nimba ingingo yafashwe kuri uyu wa Kabiri na sentare ntahinyuzwa y’i Bloemfontein izorangiza burundu amatati amaze igihe ku bijanye n’aho ibisigarira vy’uwahoze ari Perezida vyojanwa. Ayo matati afitaniye isano n’indyane zimaze igihe hagati ya n’umuryango wa Lungu n’uwamusubiriye ku butegetsi, Perezida Hakainde Hichilema.
Abantu benshi ubu barindiriye kubona ico leta ya Zambia iza gukora inyuma y’iyo ngingo, mu gihe abashingwamanza bayo bakirindiriye amabwirizwa mashasha.
Reta ya Zambia yavuga ko Edgar Lungu, kubera ko yabaye umukuru w’igihugu, akwiye guhambwana icubahiro iwabo muri Zambia.
Reta yipfuza ko yohambwa hamwe n’abandi bahoze ari abakuru b’igihugu mu kibanza kidasanzwe cagenewe gushingurwamwo abaperezida ku murwa mukuru Lusaka.
Ariko rero, umuryango wa Lungu wo washaka ko habaho ukwigenga mu kumuhamba kandi bakamuhamba nk’umuryango gusa, inyuma y’aho ibiganiro hagati yawo na leta ku bijanye n’ingene imihango yo kumuherekeza yokorwa bitagenze neza.
Umucamanza Raylene May Keightley yavuze ati:
"Umugirwa wari gushira abantu hamwe, ni wo ahubwo wahavuye utuma umuryango na leta bahangana mu rubanza rukomeye rwabereye kure y’igihugu cabo."
Mu ngingo nshasha yafashwe na sentare ntahinyuzwa y’iyungururizo, abacamanza bavuze ko vyagaragara uwahoze ari Perezida "yiyumva nk’uwutari agifise ikibanza mu gihugu ciwe ca Zambia", kandi ko "yiyumvira ko atosezerwana iteka mu" mu gihe uwamusubiriye ku butegetsi yoba ari ho ari.
Izindi nkuru wosoma:
Umurwi wa ONU ujejwe gukora amatohoza wavuze ko Israel iriko ikora ihonyabwoko muri Gaza mu guhohotera abana n'ibigirankana
Umurwi w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe amatohoza uvuga ko Israel yibasiye n'ibigirankana abana b'abanyapalestina bigatuma haba ihonyabwoko n'ivyaha vyo mu ntambara mu karere ka Gaza.
Ico cegeranyo gishasha kivuga ko abategetsi ba Israel n'abajejwe umutekano "bakoze n'ibigirankana ibikorwa vy'ukwica no gukomeretsa bikomeye ku mubiri no mu mutwe abana ibihumbi amajana n'amajana b'abanyepalestina", kandi ko ubwo bwicanyi bwabandanije n'inyuma y'agahengwe k'intambara muri Gaza mu kwezi kw'icumi mu mwaka uheze.
Uwo murwi uvuga ko ufise ivyemezo bihagije bituma yemeza ko ivyo bikorwa "biri mu mugambi w'ibigirankana wo gusambura kazoza k'Abanyepalestina muri Gaza mu kwibasira abana babo".
Ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Israel n’ayandi makungu bwavuze ko “bwiyamiriza bwivuye inyuma” ico cegeranyo, bucita “ibinyoma biteye isoni” kandi “inyandiko z’ukwamamaza ibinyoma nk’izindi zose wasohoye ubwa mbere”.
Igisirikare ca Israel catanguye kugaba ibitero muri Gaza mu kwishura ku gitero kitari bwigere kibaho na Hamas mu bumanuko bwa Israel kw'igenekerezo rya 7 Gitugutu 2023, aho abantu bashika 1,200 bishwe abandi 251 baranyuruzwa.
N'imiburiburi abantu 73.035 barishwe mu bitero vya Israel muri Gaza kuva ico gihe, harimwo abana barenga 21.280, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu muri ako karere. ONU ivuga ko ivyo biharuro bishobora kwemerwa.
Uwo murwi wigenga ujejwe amatohoza mu ntara z’Abanyapalestina zigaruriwe na Israel no kuri Israel washinzwe n’Inama ya ONU ijejwe agateka ka zina Muntu mu 2021 kugira utohoze ivyagirizwa impande zitandukanye bijanye no kurenga ku mategeko mpuzamakungu agenga intambara n’agateka ka zina muntu.
Uwo murwi ugizwe n’abahinga batatu, ariko ntuvuga mw’izina rya ONU ubwayo.
Izindi nkuru wosoma:
Umushikiranganji w'amagara y'abantu muri kenya yasavye imbabazi sentare ku bijanye n’ikibanza cari categuriwe ebola
Umushikiranganji w'amagara y'abantu muri Kenya, Aden Duale, yasavye ikigongwe sentare ntahinyuzwa inyuma yo kwagirizwa gusuzugura sentare ku bijanye no kwubaka ikigo c’ukwitaho abanduye indwara ya Ebola, cari gifashwe mu mugongo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Kuri uyu wa kabiri, Duale yarengutse imbere y’umucamanza Patricia Nyaundi kugira atange insiguro imbere y’uko afatirwa ibihano. Yabwiye sentare ko ibikorwa vyo kwubaka ico kigo kiri ku kibuga c’indege ca gisirikare ca Laikipia vyahagaritswe kandi ko bizoguma bihagaze gushika sentare isohoye izindi ngingo.
Imbere y’aho, sentare yari yasanze umushikiranganji wa Leta ajejwe amagara y’abantu abandanya gusugura reta mu kwirengagiza ingingo yari yafashwe ku wa 28 Rusama(5) hanyuma igashimangirwa ku wa 2 Ruheshi, iyo ikaba yahagarika ibikorwa vyo kwubaka ico kigo i Nanyuki gushika urubanza rwashikirijwe sentare ruciwe.
Urwo rubanza rwashikirijwe n’ishirahamwe Katiba Institute, rivuga ko uwo mugambi watangujwe hadakozwe ibiganiro bihagije kandi ko hari amakenga ku bijanye n’ingingo zo gukingira amagara y’abantu.
Mu cemezo c’imbere y’aho, umucamanza Nyaundi yavuze ko ivyemezo vyashikirijwe sentare vyerekana ko ibikorwa vyo kwubaka vyabandanije naho hari ingingo yo kubihagarika, ivyo na vyo bikaba vyerekanye ugusuzugura nkana urwego rw’ubutungane.
Ni co gituma yategetse Duale kwiserukira ubwiwe imbere ya sentare kugira atange insiguro no kugira hashobore gufatwa ingingo ku gihano.
Umushikiranganji w'amagara y'abantu yashitse muri sentare aherekejwe n'umugwi w'abashingwamanza hamwe n'abategetsi bakuru mu bushikiranganji. Igihe urwo rubanza rwahamagazwa, ababuranira Duale babwiye sentare ko yari ahari yisunze amategeko y'umucamanza kandi ko yiteguye gushikiriza ijambo muri sentare imbere y'uko urubanza rucibwa.
Bitegekanijwe ko Umucamanza Nyaundi afata ingingo ku ntambwe zikurikira muri uru rubanza rwo gusuzugura sentare, inyuma yo kwihweza insiguro zatanzwe n’umushikiranganji.
Izindi nkuru wosoma:
Hatanzwe impuruza y'ubushyuhe bukabije mu Bufaransa, Ubutaliyani na Espagne
Impuruza ikomeye y’ubushyuhe bukabije yatangajwe mu Bufaransa, Espagne no mu bindi bihugu byo mu Burayi bw'uburengerazuba no hagati, mu gihe hateganyijwe ko imiterere y’ubushyuhe izarushaho gukomera mu minsi iri imbere, aho buzarenga dogere Celsius 40 (40°C).
Mu Bufaransa, hafi kimwe cya kabiri cy’uturere twose twaburiwe ku rwego rwo hejuru cyane kubera ubu bushyuhe bukabije, aho amashuri amagana yategetswe kuba afunze.
Ku wa mbere, ubushyuhe bwageze kuri 42°C i Bordeaux, nkuko byatangajwe n’ikigo cy'igihugu cy'iteganyagihe Météo‑France.
Abana babiri, umwe w'imyaka ibiri n'undi w'imyaka ine, basanzwe bapfuye bari mu modoka y’umuryango wabo mu mujyi wa Carpentras mu majyepfo y'Ubufaransa, bikaba byafashwe nk’impanuka ifitanye isano n’ubu bushyuhe.
Impuruza nk’izi zikomeye zanatanzwe n’abategetsi bo mu Budage, Ubutaliyani, Ubusuwisi na Luxembourg.
Ubwiyongere bw’ubushyuhe buterwa n’umwuka ushyushye uzamuka uva mu butayu bwa Sahara ugana mu majyaruguru, na bwo bukaguma bufungiwe muri utwo duce, aho abakora mu iteganyagihe bumvikanisha ko ibi bihe bishobora kuvamo kimwe mu bihe by’ubushyuhe bukabije cyane kimara igihe kirekire kibayeho mu myaka ya vuba aha ishize.
Abahanga muri siyansi bavuze ko ibihe by'ubushyuhe bukabije bigenda bigaruka ari ikimenyetso cy’ishyuha ry'isi, aho Météo‑France ivuga ko mu bihe 51 by’ubushyuhe bukabije byabaruwe mu Bufaransa kuva mu 1947, bibiri bya gatatu byabyo byabaye kuva mu mwaka wa 2000 naho ibindi bigera hafi kuri kimwe cya kabiri cy'ibyo biba kuva mu 2011.
Izindi nkuru wasoma:
Impanga z'abavandimwe zashyingiranywe n'izindi mpanga z'abavandimwe mu bukwe bwahurijwe hamwe muri Nigeria
Abashyitsi bari bateraniye mu rusengero mu mpera y'icyumweru gishize mu mujyi wa Ibadan uherereye mu majyepfo ashyira uburengerazuba bwa Nigeria, bari babizi ko bari barimo kureba ikintu cy'imbonekarimwe.
Abavandimwe b'impanga b'abahungu Taiwo na Kehinde Oguntoye, bari barimo gushyingirana n'abavandimwe b'impanga b'abakobwa, Taiwo na Kehinde Adediran, mu bukwe bushimishije bwahurijwe hamwe.
Inkuru irambuye hano
Guinea yaciye iyoherezwa mu mahanga rya zahabu igicukurwa mu rwego rwo guteza imbere kuyitunganyiriza mu gihugu
Guinea (Conakry) yaciye iyoherezwa mu mahanga rya zahabu idatunganyije, mu muhate wo guteza imbere ibikorwa byo gutunganyiriza mu gihugu iri buye ry’agaciro.
Iyo gahunda ya leta – yahise itangira gukurikizwa – itangiye nyuma yuko Perezida wa Guinea Mamady Doumbouya ahuye n’abacukuzi ba zahabu bayicukura mu buryo bwa gakondo n’abayicukura bo ku rwego rw’inganda hamwe n’abaguzi.
Ni gahunda igamije guteza imbere ubukungu no guhanga imirimo myinshi.
Yagize ati: “Guinea ubu izasaba ko zahabu yayo itunganyirizwa imbere y’imipaka yayo bwite [mu gihugu]. Zahabu igicukurwa ntizongera kuva muri Guinea ukundi.” Yongeyeho ko ibindi bihugu bimaze igihe bibona inyungu zo mu bukungu zivuye ku gutunga no kugurisha umutungo kamere wa Guinea.
Guinea ni cyo gihugu cya gatandatu muri Afurika gicukurwamo zahabu nyinshi, nkuko bitangazwa n’akanama k’isi ka zahabu.
Mu myaka ya vuba aha ishize, ibindi bihugu byo muri Afurika byafashe ingamba nk’izo mu rwego rwo kongera ibikorwa by’imbere mu gihugu byo gutunganya no kongerera agaciro urwego rw’ubucukuzi bw’amabuye y’agaciro.
Muri Tanzania no muri Uganda, iyoherezwa mu mahanga ry’amabuye y’agaciro nka zahabu n’umuringa (cuivre/copper) adatunganyije ryamaze gucibwa, mu gihe biteganyijwe ko Ghana, bitarenze mu mwaka wa 2030, izaba yaciye iyoherezwa mu mahanga rya zahabu idatunganyije.
Izindi nkuru wasoma:
Kenya: Minisitiri yahamwe no gusuzugura urukiko bijyanye n'ikigo cya Ebola gishyigikiwe n'Amerika
Minisitiri w’ubuzima wa Kenya Aden Duale yahamwe no gusuzugura urukiko kubera uko yitwaye mu iyubakwa ry’ikigo cy’akato cya Ebola cyateje impaka, cyatewe inkunga n’Amerika.
Mu kwezi gushize, urukiko rukuru rwahagaritse iyubakwa ry’icyo kigo cy’akato giteganyijwe kugira ubushobozi bw’ibitanda 50 by’abarwayi, mu kigo cya gisirikare cyo mu mujyi wa Nanyuki, kugeza ubwo ikirego cyatanzwe n’umuryango uharanira uburenganzira bwa muntu kizaba kimaze kuburanishwa.
Ariko ku wa mbere, umucamanza yanzuye ko Duale yirengagije iryo tegeko agatuma uwo mushinga w’ubwubatsi ukomeza. Biteganyijwe ko akatirwa kuri uyu wa kabiri.
Icyo kigo cy’akato giteganyijwe kwakira Abanyamerika bacyekwaho kwandura Ebola yo mu kiza kiriho ubu muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo.
Iyo gahunda yateje urukurikirane rw’imyigaragambyo y’abarakajwe na byo yabereye i Nanyuki, umujyi uri mu ntera ya kilometero hafi 140 mu majyaruguru y’umurwa mukuru Nairobi.
Iyo myigaragambyo yapfiriyemo abantu batatu mu gihe abapolisi bageragezaga gutatanya abigaragambyaga.
Izindi nkuru wasoma:
Amerika yadohoye ibihano ku bikomoka kuri peteroli mu gihe Iran ihakana ibyavuzwe na Vance ku bagenzuzi ba nikleyeri
Iran yahakanye ibyavuzwe na Visi Perezida w’Amerika JD Vance ko izemerera abagenzuzi ba nikleyeri gusubira muri icyo gihugu, nyuma y’icyiciro cya mbere cy’ibiganiro hagati ya Washington na Tehran bigamije kugera ku masezerano ya nyuma yo kurangiza intambara.
Nyuma y’ibyo biganiro byabereye mu Busuwisi, Vance yavuze ko ibiganiro hamwe n’ikigo mpuzamahanga cy’ubugenzuzi by’ibya nikleyeri (IAEA) bishobora kuba “vuba cyane nk’uyu munsi”.
Ariko minisiteri y’ububanyi n’amahanga ya Iran yabwiye ibitangazamakuru bya leta ko Tehran “nta bintu bishya yiyemeje” bijyanye n’ubugenzuzi bwa nikleyeri.
Ibyo byabaye mu gihe Amerika yabaye ikuriyeho Iran ibihano, bigatuma Iran ishobora kugurisha mu madolari y’Amerika ibikomoka kuri peteroli, ku nshuro ya mbere mu myaka ibarirwa muri za mirongo ishize.
Mu itangazo rihuriweho ryo ku wa mbere, abahuza – Qatar na Pakistan – bavuze ko nyuma y’icyiciro cya mbere cy’ibiganiro byabereye mu gace ka Bürgenstock mu Busuwisi, Amerika na Iran byemeye “igishushanyo-mbonera kiganisha ku masezerano ya nyuma mu gihe cy’iminsi itarenze 60”.
Vance yasobanuye ibyo biganiro avuga ko byashinze “umusingi mwiza cyane”.
Uwo Visi Perezida w’Amerika yavuze ko amatsinda y’impande zombi yaganiriye ku kongera gufungura Umuhora wa Hormuz no “guhosha intambara ku bw’agahenge ko mu karere”.
Itangazo ryo kuba rikuyeho ibihano mu gihe cy’iminsi 60 ryatangajwe ku wa mbere na minisiteri y’imari y’Amerika, risenya iby’ingenzi mu ikomanyiriza Amerika yari imaze igihe yarashyiriyeho Iran, rifite amateka yuko ryashegeshe ubukungu bwa Iran.
Izindi nkuru wasoma:
Mwaramutse neza!
Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.