Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukino wa boxe uramutswa rurangiranwa mushasha
Umukino wo guterana ingumu, boxe, waraye wungutse rurangiranwa mushasha mu ciciro c'abafise ibiro vyinshi, nyuma y'intsinzi y'Umwongereza Anthony Joshua.
Yanesheje umunye Ukraine, Wladimir Klitschko w'imyaka 41, aca aronkera rimwe imikandara ibiri yo ku rwego rw'isi.
Umukino w'ejo mu kibuga ca Wembley mu muji wa London wari ubereye ijisho, urabwa n'abantu bashika ibihumbi mirongo icenda.
Kwivyukiranya
Aba bagabo bombi barivyukiranije nyuma yo gukubitwa bakagwa hasi, imbere y'uko umuhagarikizi ahagakira umukino ku ngunga ya cumi na rimwe, umunye Ukraine yegetswe ku migozi.
Uwahoranye umukandara w'isi mu guterana ingumu, Sugar Ray Leonard, yavuze ko rwari urukino rwiza cane aho Joshua, w'imyaka mirongo ibiri n'indwi, yaciriye umugani abavuga ko ata burambe afise muri uno mukino.