Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abateramakofe b'u Burundi baracaheze muri Gabon, ariko barafise icizere
Abakinyi batatu b'u Burundi bagiye mw'ihiganwa ryo gukubitana ingumu bita boxe ku rwego rwa Afrika riheruka kubera Libreville muri Gabon, bari bagumijweyo kubera guherana, bafise icizere co gutahukana vuba imidari ibiri batsindiye.
Abo bakinyi batatu n'abafasha babo babiri, bari kuba batashe ku wagatanu w'indwi iheze, ariko barafatirwa biturutse ku mafranga yo gucumbika arenga ama dolari ibihumbi bine n'amaja atandatu bari baheranye.
Uretse ko batarungikiwe amafranga baziga kuri leta, na bagenzi babo 5 basize inyuma baziga kurihirwa na leta ntibabaye bakija muri iryo higanwa.
Umumenyereza w'abo bakinyi Eric Ndayishimiye, yabwiye BBC ko bamaze guhabwa icizere n'ubushikiranji bujejwe inkino ko bagiye kurekurwa, mu kiganiro ushobora kwumva aho hejuru.