Kenya: Abikekwa guturira uburaro bw’ishure bagiye gukurikiranwa ku vyaha 16 vy’ubwicanyi
Umushikirizamanza mukuru muri Kenya (DPP) yemeje ko abanyeshure bikekwa kugira uruhara mu muriro wadutse kw’ishure ryisumbuye Utumishi Girls School, ugahitana abanyeshure 16, bagiye gukurikiranwa ku vyaha 16 vy’ubwicanyi.
Ivyo vyago vyabaye ku wa 28 Rusama (5) kuri iryo shure riri i Gilgil, nko ku birometero 120 mu buraruko bushira uburengero bwa Nairobi, umurwa mukuru wa Kenya. Abanyeshure 79 barakomeretse, ariko benshi muri bo baramaze kuva mu bitaro.
Mw’itangazo yasohoye ku wa kabiri, umushikirizamanza mukuru yavuze ko yasuzumye dosiye y’itohoza ry’ibanze yashikirijwe n’urwego rw’igihugu rujejwe amatohoza ku vyaha (DCI), maze yemeza ivyaha abo banyeshure bakurikiranwako.
Iryo tangazo rigira riti: “Abikekwa bazokurikiranwa ku vyaha 16 vy’ubwicanyi bikomoka ku vyabaye.”
Uwo muriro ni kimwe mu vyago vya mbere bikomeye bimaze guhitana abantu benshi kw’ishure muri iyi myaka ya vuba, kandi watumye impungenge ku mutekano mu mashure ziyongera.
Umushikirizamanza mukuru yanaburiye ko ibitero vyo guturira inyubakwa n’ibindi vyaha bikorerwa mu mashure hirya no hino mu gihugu biriko biriyongera, ashimangira ko abazogaragara ko babigizemwo uruhara bazobihanirwa hakurikijwe amategeko.
Ubushikirizamanza bwifadikanije n’imiryango yabuze abayo muri ivyo vyago, bwiyemeza kandi gukurikirana iyi dosiye gushika ironse ubutungane bubereye, budahengamye kandi bushingiye ku vyemezo.
Abikekwa kugira uruhara bitegekanijwe ko bazokwitaba muri sentare kugira baburanishwe ku vyo bakurikiranwako.
Izindi nkuru wosoma: