DR Congo: Umuvugizi wa MONUSCO yasabwe gukura meza

UN soldier

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Reta yavuze ko yipfuza kunyarutsa iva rya Monusco muri DR congo
Yatangajwe

Reta ya Republika ya Demokrasi ya Congo yasavye umuvugizi w'ingabo ziri mu butumwa bwa Onu bwo kubungabunga amahoro muri ico gihugu, MONUSCO, gukura meza.

Mw'itangazo ryarungikiwe urwo rwego itariki 28 z'ukwezi kw'indwi mu 2022, umushikiranganji w'imigenderanire Christophe Lutundula yasavye ko Mathias Gillmann ava muri RD Congo.

Hagati mu kwezi kw'indwi, Gillmann yatanze ikiganiro kuri radio y'abafaransa RFI aho yavuze ko ONU idafise uburyo bwo guhangana n'ibigwanisho bikomeye vy'imigwi yitwaje ibigwanisho.

Ivyo bishitse mu gihe reta ya RD Congo yamaze kumenyesha itarya umunwa ko yipfuza kunyarutsa iva rya MONUSCO muri ico gihugu.

Itariki imwe z'ukwezi kw'umunani 2022 harabaye imyiyerekano i Beni mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo yo kwiyamiriza ibikorwa vy'abasirikare ba ONU bahagarariye amahoro muri ako karere.

Abantu baharurirwa mu mirongo bihaye amabarabara inyuma y'umunsi umwe abasirikare ba ONU barashe abantu babiri bakabica bagakomeretsa n'abandi cumi na batanu.

Ivyo vyabereye ku rubibe igihugu ca Congo gihana n'ica Uganda, ONU ikavuga y'uko ubu abo basirikare bafashwe.

Hagati aho ico gihe nyene harabaye umuhango wo kwunamira abasirikare batatu ba ONU bari mu bantu mirongo ibiri bishwe mu ndwi iheze mu myiyerekano yo kwiyamiriza ukuba kw'abasirikare ba ONU mu buseruko bw'igihugu.

Abanye-Congo benshi bavuga yuko abo basirikare bananiwe gukingira abanyagihugu ibitero vyinshi vy'abitwaje ibigwanisho.

Uwujejwe ibikorwa vyo guhagararira amahoro muri ONU yavuze y'uko impfu z'abasirikare benshi ba ONU ziheruka zongereje inguvu z'igikorwa co kugarukana amahoro muri Congo.