Ebola – RDC: Umwana w'imyaka itandatu yari yanyurujwe akuwe mu bitaro yarabonetse kandi ariko aravurwa

Ahavuye isanamu, Anadolu via Getty Images
Abajejwe guhangana n'ikiza ca Ebola mu ntara ya Kivu ya Ruguru, muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo (RDC), babwiye BBC ko umukobwa w'imyaka itandatu Christelle Kavugho, yatowe umugera wa Ebola, ubu ariko avurirwa mu kigo kidasanzwe co kuyivura kiri mu karere k'ubuvuzi ka Musienene, muri teritware ya Lubero.
Dr Lubambo Maboko Gaston, icegera c'umuyobozi ajejwe ibikorwa vyihutirwa vyo guhanga n'ibiza akaba n'umukuru w'igisata c'amagara y'abantu ku rwego rw'intara, yabwiye BBC ati:
"Uwo mwana ariko avurirwa mu kigo kivuriramwo Ebola ca Musienene, aho we na mama wiwe bashitse ku wa gatatu."
Abandanya agira ati: "Uwo mwana w'imyaka itandatu n'igice yatowe Ebola, ameze neza kandi amagara yiwe ubu yifashe neza."
Ku wa kabiri w'iyi ndwi, Dr Gaston yari yemeje ku mugaragaro kandi arasohora n'urwandiko ruvuga ko hari abantu – abarwayi – bari babuzwe irengero, kandi ko vyari ngombwa ko baronderwa vyihutirwa.
Urwo rwandiko yarusohoye inyuma y'uko umurwi w'abagabo bitwaje ibirwanisho bikata unyuruje uwo mwana na nyina ubakuye mu bitaro vy'abaventisti vyitwa Mutiri AS Wanamahika, hafi isaha zine z'ijoro, mu karere ka Katwa.
Uwo murwi wanka ko uwo mwana arungikwa mu kigo kivurirwamwo abarwaye Ebola.
Ikigo citaho abarwaye citwa Vutike/Furu c'i Butembo muri Kivu ya Ruguru, intara irangwamwo urugero rwa mbere runini cane rw'abahitanwa na Ebola – rugeze ku 59,2% –, ni co catanguye kwemeza ko uwo mwana yanduye Ebola.
Amakuru mashasha avuga ko abantu 45 bamaze gupfa kuri 76 bamaze kwemezwa ko banduye Ebola muri iyo ntara, kuva ico kiza gitangajwe ku wa 15 Rusama (5).
Inyuma y'iminsi 36 iki kiza cadutse, igitigiri c'abapfa n'abandura kibandanya kwiyongera. Abategetsi bajejwe amagara bavuga ko ubwo bwoko bushasha bw'umugera buzwi nka Bundibugyo bumaze gukwiragira mu ntara za Ituri, Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo.
Gushika ku wa 17 Ruheshi (6), abantu 896 ni bo ibipimo vyo muri laboratware bimaze kwemeza ko banduye Ebola. Muri bo, 232 barapfuye, bigasigura ko urugero rwo gupfa ruri ku 26,3%.
Abantu 383 baracari mu bibanza bataramuriwemwo canke bariko baravurwa, mu gihe 78 basezerewe barataha kubera bakize.
Abategetsi bashimika ko kubona ingwara kare, umurwayi akarungikwa kwa muganga ningoga, vyongereza cane amahirwe yo gukira.
Igikorwa co gukurikirana abantu bahuye canke bakoranyeko n'abanduye Ebola kigeze ku rugero rwa 71,1%. Urwo rugero ruri munsi y'ihangiro rya 95% risabwa kugira indwara igenzurwe mu buryo bwuzuye, mu gihe imigwi irwanya ico kiza ikigerageza gukurikirana neza irandagata ry'uwo mugera uza umaze gushika mu turere tw'ubuvuzi 33.
Ugukwiragira kw'iki kiza kwarongereje ingorane z'uburyo mu gikorwa co guhangana cari gisanzwe kitoroshe.
Intara ya Ituri ni yo yiziziwe cane n'ico kiza. 91% vy'abamaze kwemezwa ko banduye muri RD Congo batowe muri yo.












