General Bunyoni yasabiwe gupfungwa ubuzima bwose, we asaba kwambikwa izera

Alain Guillaume Bunyoni ariki umushikiranganji ajejwe umutekano yagendeye igihugu ca Turkey mu 2019

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Uyu yahoze ari umushikiranganji wa mbere y'u Burundi ahakana ivyaha vyose aregwa
Yatangajwe

Umushikirizamanza yasabiye General Alain Guillaume Bunyoni, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Uburundi, igihano co gupfungwa ubuzima bwose, ku vyaha indwi yagirijwe birimwo kugerageza kwica umukuru w’igihugu, gutembagaza inzego z’igihugu no guhungabanya ubutunzi bw’igihugu.

Hari mw'isozerwa ry'urubanza rwari rumaze iminsi ine rubera mw'ibohero rya Gitega aho rwaburanishwa na Sentare Ntahinyuzwa .

General Bunyoni we yasavye kugirwa umwere akarekurwa akidegemvya avuga ko umushikirizamanza ata bintu bifadika yigeze azana vyo kwerekana ingene yakoze ivyo vyaha.

Abantu batandatu bagirizwa hamwe na General Bunyoni nabo basabiwe ibihano vyo gupfungwa imyaka 30 umwe umwe.

Ariko na bo nyene basavye kugirwa abere bavuga ko ata cemeza ivyaha bagirizwa umushikirizamanza yerekanye.

Mw'isozerwa ry'imburano vyagenze gute?

Urubanza rugitangura kuburanishwa mu mizi ku wa mbere, General Bunyoni yagirizwa ivyaha icenda. Ariko ku wa gatatu ahejeje kwiregura ku vyaha indwi, sentare yavuze ko ahejeje kuri vyose ivuga ko imburano zisozerwa kuri uyu wa kane.

Ivyaha Bunyoni yagirijwe akiregurako ni :

  • Guhungabanya umutekano w'imbere mu gihugu
  • Guhungabanya ubutunzi bw'igihugu
  • Gutuka izina ry'umukuru w'igihugu n'iry'umushikiranganji wa mbere
  • Gutegura kugandagura umukuru w'igihugu mu ntumbero yo gutembagaza inzego zisunga ibwirizwa shingiro
  • Gutunga ibigwanisho adafitiye uruhusha
  • Kuronka inyungu mu buryo buciye kubiri n'amategeko
  • Gukoresha amangetengete (fetiches) mu kugerageza kugandagura umukuru w'igihugu mu ntumbero yo gutembagaza inzego zisunga ibwirizwa shingiro

Kuri ivyo vyaha vyose, icariho c'umushikirizamanza muri Sentare Ntahinyuzwa yasabiye Alain Guillaume Bunyoni igihano co gupfungwa ubuzima bwose.

Yasabiwe n'ihadabu

Uretse ico gihano, umushikirizamanza yasavye sentare kandi ko yotangisha Alain Guillaume Bunyoni ihadabu rya 7.100.000 z'amafaranga y'amarundi.

Yasavye kandi ko Bunyoni yoriha agaciro kangana incuro zibiri k'amazu n'amatongo 153 n'imodoka 43 Bunyoni atunze.

General Alain Guillaume Bunyoni yasavye ko yokwambikwa izera avuga ko umushikirizamanza ata vyemeza ko yakoze ivyo vyaha yazanye imbere ya sentare.

Nk'akororero, Bunyoni yavuze ko umushikirizamanza atigeze azana imbere ya sentare umuntu avuga ko ariwe yari yahaye amafaranga ngo aje kwica umukuru w'igihugu, mu gihe ngo uwo mushikirizamanza yemeza ko azi umwidondoro w'uwo muntu n'aho ari.

Bunyoni avuga kandi ko atawotegura kugerageza kwica umukuru w'igihugu no gutembagaza inzego z'igihugu hanyuma ngo abikorane n'abashoferi, abaporisi bato bato n'umukuru w'umutumba.

Icaha co guhungabanya ubutunzi mu gutunga amafaranga mvamakungu mu nzu yavuze ko kitamufata kuko ata tegeko ribimubuza.

Ibigwanisho yagirizwa gutunga adafitiye uruhusha avuga ko abaporisi bahora bacungera aho aba ivyo bavuze imbere ya sentare vyerekanye ko ari bo babihasize.

Bunyoni yahakanye kandi kuronka inyungu zidaciye mu mategeko y'inzu yapangishijwe kuri reta n'umugore wiwe kuko ubushikiraganji yatwara ico gihe ata ruhara bwagize mu masezerano yo kuyipanga.

Afatiye kuri ivyo vyose yavuze ko umushikirizamanza ata bimenyetso vy'ugukora icaha yigeze azana aca asaba kwambikwa izera akarekurwa.

Abandi basabiwe igihano c'imyaka 30 - bo basaba kwambikwa izera

Abandi batandatu bagirizwa muri dosiye ya Bunyoni umushikirizamanza yabasabiye umwe umwe igihano co gupfungwa imyaka 30. Bo basavye ko bokwambikwa izera bakarekurwa.

Bavuga ko ata kigaragaza ingene bakoze ivyaha bagirizwa.

Destin Bapfumukeko yakora mw'igendereza na Desire Uwamahoro yari intwazangabo mu giporisi bavuga ko umushikirizamanza atigeze yerekana icemeza ko bamenye amabanga y'akazi n'ingene bagerageje kugandagura umukuru w'igihugu mu ntumbero yo gutembagaza inzego.

Abashoferi babiri ba General Bunyoni, umufundi wiwe n'umukuru w'umutumba Mubone nabo nyene bavuze ko atacerekana ko hari icaha bakoze, nabo basaba kwambikwa izera no kurekurwa.

Urubanza rwasozerewe ata vyabona bihamagawe, vyaba ivyo ku ruhande rw'abagirizwa, vyaba ivyo ku ruhande rw'umushikirizamanza.

Urubanza ruzosomwa mu minsi 30.