IKIBIRIRAHO, Kenya: Abanyeshure bikekwa guturira uburaro bw'ishure bagiye gukurikiranwa ku birego 16 vy'ubwicanyi

Abanyeshure bo muri Kenya bikekwa kugira uruhara mu muriro waturiye uburaro bw’ishure ugahitana abantu 16 bagiye gukurikiranwa ku birego 16 vy’ubwicanyi, nk’uko vyemejwe n’umushikirizamanza mukuru.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Kuki Ubwongereza buhora buhindura ba Minisitiri w'intebe?

    Ifoto ifatanyije igaragaza ba Minisitiri w’intebe b’Ubwongereza mu myaka 10 ishize. Uhereye ibumoso ujya iburyo: David Cameron, Theresa May, Boris Johnson, Liz Truss, Rishi Sunak na Keir Starmer.

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Sir Keir Starmer (iburyo) ni we Minisitiri w'intebe w'Ubwongereza wa gatandatu weguye mu myaka 10 ishize

    Rero Sir Keir Starmer abaye Minisitiri w'intebe wa gatandatu weguye cyangwa wahatiwe kuva ku butegetsi bitewe n'abatora mu myaka 10 ishize.

    Niba hari ushidikanya, ibi si ibintu bisanzwe muri politike y'Ubwongereza. Niba utabyemera, tekereza kuri iki: kuva uyu mwanya wa Minisitiri w'intebe washyirwaho mu kinyejana cya 18, ugereranyije bamaze hafi imyaka itanu ku butegetsi buri umwe.

    Inkuru isesenguye hano

  2. 'Ndagarutse' – Ronaldo yishuye abamunegura inyuma yo guca akandi gahigo

    Cristiano Ronaldo ariko yigina igitsindo yinjije, aboneka afunze igipfunsi

    Ahavuye isanamu, Getty Images

    "Ndagarutse! Ndagarutse!"

    Inyuma yo kwinjiza ibitsindo bibiri igihe Portugal yanyagira Uzbekistan ibitsindo 5-0 mw’ijoro ryakeye, Cristiano Ronaldo yaravye neza muri kamera y’imboneshakure maze arasemerera atanga ubutumwa bukomeye ku bavuga ko ari we ngorane ya Portugal mu nkino z’igikombe c’isi co mu 2026.

    Uwo mukinyi w'imyaka 41 ntivyari kumukundira guhisha uko yiyumva canke ngo yigumizemwo umunezero wiwe mu gihe yariko yigina kuba abaye umukinyi wa mbere mu mateka yinjije igitsindo mu nkino z'igikombe c'isi zitandatu zitandukanye.

    Kandi yabaye inyishu ibereye cane ku bamunegura bamufata nk’uwutagishoboye.

    Ronaldo yari yaneguwe cane inyuma y'aho Portugal inganije na Repuburika ya Demokarasi ya Kongo igitsindo 1-1, mu rukino rwayo rwa mbere rwo mu murwi K.

    Ni mu gihe abandi bakinyi bakomeye kw’isi harimwo Lionel Messi wo muri Argentine, Kylian Mbappé w'Ubufaransa, Erling Haaland wa Norvège, Vinícius Júnior wa Brésil hamwe na Harry Kane w'Ubwongereza, bose bari bakoze birashimwa mu ndwi zibiri za mbere z'iri higanwa.

    N’ubwo Ronaldo asa n’uwacerewe, nawe nyene yarivyukiranije.

    Vyamusavye iminota itandatu gusa kugira ngo yugururire ku gitsindo kidasanzwe, ku mupira yari ahawe na João Cancelo. Mbere yahavuye yinjiza n’ikindi gitsindo ciza imbere y’uko igice ca mbere kirangira, ku wundi mupira yahawe na Bruno Fernandes.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Amerika: Sena yemeje ku ncuro ya mbere ingingo igabanya ububasha bwa Trump ku ntambara yo muri Iran

    Perezida wa Amerika Donald Trump igihe yashika mu Bufaransa imbere yo kubonana na mugenzi we w’Ubufaransa  ku ngoro y’i Versailles, kw'igenekerezo rya 17 Ruheshi (6) 2026

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Inama nkenguzamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, isanzwe igenzurwa n’abo mu mugambwe w’aba Républicains, yemeje ingingo itegeka Perezida Donald Trump guhagarika intambara yo muri Iran canke kubanza gusaba uruhusha inama nshingamateka na nkenguzamateka imbere yo kubandanya ibikorwa vya gisirikare.

    Abakenguzamateka bakeya b’aba Républicains bifadikanije n’aba Démocrates muri iri tora ryabaye ku wa kabiri, aho 50 batoye bashigikira iyo ngingo, 48 nabo batora bayiyamiriza.

    Iyo ngingo yari yabanje kwemezwa n’inama nshingamateka mu ntango z’uku kwezi.

    Ariko ahanini iyo ngingo ni nk’ikimenyetso co guha ubutumwa Trump kuko, n’ubwo yemejwe n’inama nshingamateka hamwe na nkenguzamateka, ntizorungikirwa umukuru w’igihugu ngo ayemeze canke ayanke. Vyongeye, ntifise inguvu z’itegeko.

    Iyi ngingo yemejwe mu gihe bamwe mu bashingamateka n’abakenguzamateka b’aba Républicains bagaragaje amakenga ku masezerano y’amahoro Trump aheruka kugirana na Iran, iyo ntambara itakiriwe neza na benshi ikaba iriko yegereza ukwezi kugira gatanu.

    Mw'ijoro ryo ku wa kabiri, Trump yaraneguye iyo ngingo avuga ko "yatowe mu gihe kitabereye" kandi ko "ata nsinguro" ifise.

    Abicishije ku rubuga rwiwe Truth Social, yagize ati: “Rero, namanitse Iran 'ku migozi', kandi iri hafi kurwa… none Inama nkenguzamateka ya Amerika yafashe ingingo yo gukora Itora kw'Itegeko ry'Ububasha bwo mu Ntambara [War Powers Act Vote] mu gihe kitabereye kandi ntirifise insiguro.”

    Yabandanije agira ati: “Abo bakenguzamateka batumye akazi kanje kangora gusumba, ariko nzogakora, kubera nama ndagakora!”

    Iri tora ribaye ubwa mbere aho inama nshingamateka hamwe na nkenguzamateka zompi zitoye ingingo zihuriyeko isaba Perezida guhagarika ibikorwa vya gisirikare, kuva iyo ngingo yitwa ‘War Powers Resolution’ itanguye mu mwaka wa 1973.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Ndayishimiye avuga ko hakenewe ugukorera hamwe mu karere kugira hatuzwe imihari yitwaje ibirwanisho muri DRC

    Perezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye na Félix Tshisekedi  wa DRC ariko batanga ikiganiro

    Ahavuye isanamu, Présidence RDC/X

    Perezida w’Uburundi Evariste Ndayishimiye, akaba n’umukuru w’Ubumwe bwa Afrika, amenyesha ko kugira haboneke amahoro arama mu buseruko bwa Repuburika ya Demokarasi ya Kongo (DRC) hakenewe ugukorera hamwe kw'ibihugu vyo mu karere.

    Ndayishimiye yagize ati: “Mu guhangana n’akaga gaterwa n’imirwi y’iterabwoba y’abanyamahanga n’imihari ihungabanya umutekano, Uburundi bwemera ko bikenewe gutsimbataza ugukorera hamwe kw’ibihugu vyo mu karere”.

    Yabivuze ku wa kabiri igihe yarangiza urugendo rw’imisi ibiri yagize muri DRC.

    Yanavuze ko hakenewe kwihwezwa no gutahurwa ibisata vyose muri rusangi bifitaniye isano n’ico kibazo c'umutekano muke.

    Kuva mu mpera za 2023, Uburundi bwararungitse ingabo zabwo gufasha iza DRC kurwanya imihari yitwaje ibirwanisho irwanira mu burasirazuba bw’ico gihugu, irimwo M23 urwanya ubutegetsi bwa DRC hamwe na RED-Tabara urwanya ubutegetsi bw'Uburundi.

    Perezida Ndayishimiye yatangaje kandi ko ashigikiye imigambi y’amahoro ya Washington na Doha, hamwe n’ubuhuza buriko bugirwa n’Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika.

    Perezida Félix Tshisekedi yakiriye neza ukuntu Uburundi bwitaho DRC, yongera abushimira ku kungene bushigikiye ingabo za DRC ku rugamba mu buseruko bw’ico gihugu.

    Amaze guhabwa amakuru ajanye n’ikiza ca Ebola, Tshisekedi yatangaje ko agiye kugendera intara ya Ituri, aho iyo ndwara yatangajwe ko yatanguriye ku wa 15 Rusama(5).

    Gushika ubu, abantu 1,048 baramaze kwemezwa ko banduye Ebola, abandi 267 yarabishe. Abantu 112 barayikize, nk'uko abategetsi babivuga.

    Ni mu gihe muri Uganda abategetsi baho bamaze kwemeza abantu babiri bishwe na Ebola – abo bakaba ari abantu bari barakoreye ingendo muri Uganda bavuye muri DRC. Abategetsi bo muri Uganda banemeje ko abantu 20 banduye Ebola, 14 bakaba barayikize.

    Perezida w’Uburundi ahamagarira ibihugu vyo mu karere n’abafatanyabikorwa mpuzamakungu kutugara imbibe kubera Ebola.

    We na mugenzi we barashimye ingene ibihugu vyabo vyakiriye impunzi zituruka ku mpande zompi, bakaba biyemeje gukomeza gufashanya gushika igihe hazorangira umugambi wo kuzitahukana, wumvikanyweko n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi (UNHCR).

    Ndayishimiye yatangaje kandi ko Uburundi buzokwakira muri Nyakanga (9) inama y’akanama gahuza ibihugu vyompi igamije kuganura ugukorera hamwe hagati yavyo, n’inama y'impande zitatu irimwo n'umuryango wa ICGLR w’ibihugu vyo mu karere, izwi nka ‘Troïka’.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Amerika 'yahaye' DR Congo umuti ukiri mu igerageza wa Ebola ngo ukoreshwe ku barwayi

    Amatsinda y'abakozi bo mu muryango wa Croix-Rouge na Croissant-Rouge bategura aho gushyingura, mu irimbi rya Mbiyo, imfubyi ya kane yishwe na Ebola, yo mu kigo cy'imfubyi cy'i Bunia, mu ntara ya Ituri, muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo. Ifoto yo ku itariki ya 19 Kamena (6) mu mwaka wa 2026.

    Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

    Insiguro y'isanamu, Kugeza ku itariki ya 21 y'uku kwezi, abantu 1,048 bari bamaze kwemezwa ko banduye Ebola muri DRC naho abandi 267 yarabishe

    Amerika yatanze doze z'umuti ukiri mu igerageza w'ubwirinzi bw'umubiri w'uruganda Mapp Biopharmaceutical rwo muri icyo gihugu kugira ngo ukoreshwe mu igeragezwa ku barwayi mu rwego rwo kurwanya ikiza kirimo kwiyongera muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DRC), nkuko bitangazwa n'ibiro ntaramakuru Reuters, bisubiramo amagambo y'umuvugizi wa minisiteri y'ubuzima y'Amerika.

    Iyi ni impinduka ku ho Amerika yari ihagaze kuko uwo muti yawugeneraga Abanyamerika gusa.

    Inkuru irambuye hano

  6. Kenya: Abanyeshure bikekwa guturira uburaro bw'ishure bagiye gukurikiranwa ku birego 16 vy'ubwicanyi

    Incuti n’imiryango y’abanyeshure bari bishikiye kw’ishure ivyago vyabereyeko mu gihe  amatohoza yariko arabandanya (ifoto mbarankuru)

    Ahavuye isanamu, Andalou via Getty Images

    Umushikirizamanza mukuru muri Kenya (DPP) yemeje ko abanyeshure bikekwa kugira uruhara mu muriro wadutse kw’ishure ryisumbuye Utumishi Girls School, ugahitana abanyeshure 16, bagiye gukurikiranwa ku birego 16 vy’ubwicanyi.

    Ivyo vyago vyabaye ku wa 28 Rusama (5) kuri iryo shure riri i Gilgil, nko ku birometero 120 mu buraruko bushira uburengero bwa Nairobi, umurwa mukuru wa Kenya. Abanyeshure 79 barakomeretse, ariko benshi muri bo baramaze kuva mu bitaro.

    Mw’itangazo yasohoye ku wa kabiri, umushikirizamanza mukuru yavuze ko yasuzumye dosiye y’itohoza ry’ibanze yashikirijwe n’urwego rw’igihugu rujejwe amatohoza ku vyaha (DCI), maze yemeza ivyaha abo banyeshure bakurikiranwako.

    Iryo tangazo rigira riti: “Abikekwa bazokurikiranwa ku vyaha 16 vy’ubwicanyi bikomoka ku vyabaye.”

    Uwo muriro ni kimwe mu vyago vya mbere bikomeye bimaze guhitana abantu benshi kw’ishure muri iyi myaka ya vuba, kandi watumye impungenge ku mutekano mu mashure ziyongera.

    Umushikirizamanza mukuru yanaburiye ko ibitero vyo guturira inyubakwa n’ibindi vyaha bikorerwa mu mashure hirya no hino mu gihugu biriko biriyongera, ashimangira ko abazogaragara ko babigizemwo uruhara bazobihanirwa hakurikijwe amategeko.

    Ubushikirizamanza bwifadikanije n’imiryango yabuze abayo muri ivyo vyago, bwiyemeza kandi gukurikirana iyi dosiye gushika ironse ubutungane bubereye, budahengamye kandi bushingiye ku vyemezo.

    Abikekwa kugira uruhara bitegekanijwe ko bazokwitaba muri sentare kugira baburanishwe ku vyo bakurikiranwako.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho.