Africa mu mafoto muri iyi ndwi irangiye

Abasirikare muri defire muri Gabo, 4 Nyakanga (9)

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ku wambere, abasirikare bari kuri defire yo guha icubahiro Jenerari Brice Nguema mu birori vyo kurahira nk'umukuru w'igihugu mfatakibanza wa Gabon ku mugwa mukuru, Libreville
Yatangajwe
Umugabo wo mu basangwabutaka b'aba-Maasai yambaye amoya y'inyoni yitwa otriche , 6 Nyakanga

Ahavuye isanamu, Minicah Mwangi/Reuters

Insiguro y'isanamu, Umugabo w'umu-Maasai ashitse mu nama kaminuza kw'ihindagurika ry'ibihe ku wagatatu i Nairobi, Kenya...
Abaharanira kugwanya ihindagurika ry'ibihe  bafise ivyapa i Nairobi, 4 Nyakanga

Ahavuye isanamu, Suleiman Mbatiah/AFP

Insiguro y'isanamu, Muri iyo nama nyene ku wambere, abaharanira kugwanya ihindagurika ry'ibihe bari mu myiyerekano, basaba intumwa zayitavye kugira ico bakoze kugira buke buke hahebwe ikoreshwa ry'ibicanwa bicukurwa mu kuzimu...
Ivyo binyagu vy'isazi izwi nka black soldier fly/mouche soldat noire, 4 Nyakanga

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ivyo binyagu vy'isazi izwi nka black soldier fly/mouche soldat noire navyo vyarerekanywe muri iyo nama.
Umugore ariko arasoroma muri  Tunisia, 5 Nyakanga

Ahavuye isanamu, Mohamed Messara/EPA

Insiguro y'isanamu, Mu gihe ku wakabiri umurinyi wo muri Tunisia ariko arasoroma ipirirpiri irimwe mu buryo kama.
Gari ya moshi nshasha y'i Lagos izwi nka Lagos Blue Line, Nigeria, 4 Nyakanga

Ahavuye isanamu, Pius Utomi Ekpei/AFP

Insiguro y'isanamu, Igari ya moshi nshasha y'i Lagos izwi nka Lagos Blue Line irashitse mu gituto ca Marina ku wambere, umunsi wa mbere wayo wo gutangura gukora ku murwa mukuru w'ubutunzi muri Nigeria.
Ibinogo vy'imva muri Afrika y'Epfo,  3 Nyakanga

Ahavuye isanamu, Siphiwe Sibeko/Reuters

Insiguro y'isanamu, Abantu bahagaze barindiriye gushingura abahitanywe n'umuriro ku wamungu i Johannesburg muri Afrika y'Epfo.
Abashingwamanza bari mu sentare mu  ntahe y'urubanza muri Congo,  6 Nyakanga

Ahavuye isanamu, Alexis Huguet/AFP

Insiguro y'isanamu, Abashingwamanza bari muri sentare mu ntahe y'urubanza rw'abasirikare batandatu bagirijwe ivyaha bikorewe zina muntu muri sentare ya gisirikare muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo ku wagatatu.
Abantu isinzi  bafise amabendera ya Zimbabwe, 4 Nyakanga

Ahavuye isanamu, Tafadzwa Ufumeli/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abantu isinzi bari mu birori vyo kurahira kw'umukuru wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa ku wambere.
Abagore  bariko barakora injera i Addis Ababa, Ethiopia, 1 Nyakanga

Ahavuye isanamu, Amanuel Sileshi/AFP

Insiguro y'isanamu, Abagore b'abanya-Ethiopia ku wagatanu bariko barakora injera - umukate utibumvye - i Addis Ababa.