Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nigeria: Umukandida w’umugambwe uri ku butegetsi yatsinze amatora
- Umwanditsi, Nduka Orjinmo
- Igikorwa, BBC News, Abuja
- Yatangajwe
Uwitoza kw’izina ry’umugambwe uri ku butegetsi Bola Tinubu yatangajwe ko yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu muri Nigeria.
Uyu munyaporitike w’imyaka 70 yaronse amajwi agana na 36% muri ano matora ateje impari, nk’uko biri mu biharuro vyatangajwe.
Umukeba wiwe mukuru Atiku Abubakar yaronse 29%, nayo Peter Obi yitoje kw’izina ry’umugambwe w’abakozi yaronse 25%. Imbere y’aha, imigambwe yabo yari yavuze ko aya matora yabayemwo amanyanga, aho yasavye ko yosubirwamwo.
Tinubu ni umwe mu banyaporitike ba Nigeria batunze cane, imyiyamamazo yiwe ikaba yashingiye ku vyo yaranguye mu gusanura igisagara ca Lagos igihe yari buramatari.
Hagati aho, muri ico gisagara yatsinzwe na Obi, isura nshasha yashoboye kwigarurira abenshi mu rwaruka, cane cane mu bisagara.
Tinubu yatsinze hafi mu ntara zose zo mu karere kiwe ko mu bumanuko bushira uburengero, aho azwi nka “sekuru wa poritike”.
Yiyamamarije ku civugo ca: "Ni igihe canje ".
Perezida Muhammadu Buhari agiye gushikiriza ubutegetsi inyuma yo kurangiza ibiringo vyiwe bibiri vyaranzwe n’ubutunzi bugoyagoya hamwe n’umutekano muke wabandanije wiyongera – utewe n’inyeshamba ziyitirira idini rya Islam mu buraruko bushira ubuseruko hamwe n’abarwanyi barondera kwiyonkora banyuruza abantu bagakora n’ibitero mu bumanuko bushira ubuseruko.
Ubu, bimwe mu bikorwa birindiriye Tinubu ni ugutorera umuti ibi bibazo vyose muri kino gihugu ca mbere gifise abantu benshi ku mugabane wa Afrika, kikaba kandi n’ica mbere kuri uno mugabane cimbura igitoro cinshi.
Inyuma y’imyaka yamaze irwanya intwaro za gisirikare muri Nigeria, bikaba ngombwa ko ahunga hanyuma akaba umwe mu batanguje intwaro rusangi muri ico gihugu mu 1999, Tinubu yumva ko hari hageze ko aba umukuru w’igihugu.
Niwe yama ahabwa amahirwe menshi yo gusubirira Buhari yari yafashije kugira abe umukuru w’igihugu, imitego yagiye asimba gushika ashike aha ikazomutuma yishimira iyi ntsinzi.
Ntiyari yiteze ko yari gutsinda amatora y’intangamarara, n’aho yahavuye ayatsinda.
Abenshi babona ko kubona ahitamwo uwundi mu-Islam biyamamariza hamwe vyari kumubera intambamyi, ariko siko vyagenze.
Imbere y’aha, iyindi migambwe mikuru mikuru yagenda igena umukristu ava mu bumanuko n’umu-Islam ava mu buraruko kugira biyamamarize hamwe, mu ntumbero yo kurondera amajwi muri kino gihugu cose gifise abanyagihugu imiriyoni 210.
Ubu rero ategerezwa kwerekana ko ashoboye kandi ko agifise za nguvu yari afise mu kwubaka Lagos akayigira igisagara c’ubutunzi ca Nigeria kigezweho.
Tinubu arazwe ubutunzi bugeze ahatemba, umutekano muke ukwiye igihugu cose, hamwe n’igihugu kiriko cicamwo ibice bishingiye ku burere no ku madini.