Amatora na Nigeria: Induru, amacupa n’ubuhiri mu kajagari k’amatora i Lagos

Yatangajwe

I Lagos, igisagara ca mbere kinini muri Nigeria, habaye imigumukoku biro vy’amatora bitari bike.

Ku biro bimwe vyagendewe na BBC, mu gace ka Channels Estate mu karere ka Ajah kari ku mpera ya Lagos, umurwi w’abantu wabonetse ufise amacupa n’ubuhiri basanzaza impapuro z’amatora hasi.

Okonta, umugore yariko aratora, yabwiye BBC ati: “Hadutse akajagari, abantu biruka barondera kurokora igufa.

“Ntavyo twari twiteze. Turi ng’aha kuva mu gatondo kandi aba bantu ntawabonye iyo baje bava, basanzaza ibintu vyose”.

Nta basirikare canke abapolisi BBC yabonye kuri ibi biro igihe ib vyaba.

Ade, uwundi mugabo ari mu batora, yabwiye BBC ati: “Duhagaze neza kandi dutegerezwa gutora kuko ni kazoza kacu n’ak’abana bacu”.

Ahitwa AtIgbokusu hafi y’akarere ka Lekki muri Lagos, Sunny Njokua yabwiye BBC ko umurwi w’insoresore waje witwaje amacupa n’imipanga wirukana abantu.

Avuga ati: “Bivye amaterefone y’abakozi b’umurwi ujejwe amatora baca bagenda batwaye amasandugu atatu y’amatora yari ahari, ubu amatora yatobwe kandi yahagaze”.

BBC yashoboye kubona impapuro z’amatora ziriko ibikumu n’utuzu tw’amatora twamenaguwe bisanzagaye irya n’ino kuri ivyo biro, hakaba hari na bamwe mu bari baje gutora bakomeretse bukebuke abandi nabo bakungaguritse.

Yegamiye ku mugabo wiwe, na we nyene yariko ava amaraso ku kuboko, Dr Okoli Nkem yagenda acumbagira kubera yahinyagaye mu jisho ry’ikirenge.

Avuga ko ibintu vyari bimeze neza kuva batanguye gutora gushika aho ibi biro vyadukamwo akajagari.

Dr Nkem ati: “Amacupa niyo yaguruka mu nyuma tuza tubona haje abagabo bari bambaye ibitambara bipfuka mu maso. Bamenaguye amasandugu y’amatora biba n’amaterefone b’abakozi b’umurwi ujejwe amatora, ubu ntidushobora gutora”.

Ubwo nyene haciye haza abasirikare maze bacungera umutekano w’abatora.

Hagati aho, mu tundi duce amatora yabaye mu mutekano, aha ni nko mu ntara ya Adamawa, aho uwitoza ku giti c’umugambwe PPD utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, Atiku Abubakar, hakaba ata ngorane zahabaye.

Hari n'utundi turere amatora yatanguye acerewe.