Wissa ahaye RD Congo inota rya mbere muri kahise kayo mu gikombe c'isi

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 1

Ni umunezero ntangere ku bakunzi b'umurwi nserukiragihugu wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo inyuma y'uko urangije urukino rwayo rwa mbere unganije na Portugal.

Abafana bari basimbwe umutima igihe ku munota wa 6 gusa João Neves yinjiza igitsindo ca Portugal ku mupira yari ahawe na Pedro Neto, ariko abakinyi ba Les Léopards (umurwi wa RD Congo) bagumije umutima hamwe, maze ku munota wa gatanu wo muri ya minota y'inyongera mu gice ca mbere, Yoane Wissa yinjiza iki gitsindo co kunganya, ku mupira yari ahawe na Arthur Masuaku.

Imirwi yose yagerageje kurondera igitsindo c'intsinzi ario vyanse, urukino rukaba rwarangiye ari 1-1.

Iki ni co gitsindo ca mbere ca RD Congo kiyihaye inota ryayo rya mbere muri kahise kayo mu nkino za nyuma z'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose.

Rero, ni intambwe idasanzwe kuri iki gihugu co mu karere k'ibiyaga binini vya Afrika mu gikombe c'isi, kuko igihe yaherukira muri iri higanwa, hari mu 1974 - ico gihe ikaba yitwa Zaire - yaramaramajwe mu gutsindwa ibitsindo 14 vyose, iza gusezererwa mw'iryo higanwa ryabera mu Budagi ata n'igitsindo na kimwe yinjije.

Ico gihe mu rukino rwayo rwa mbere, yatsinzwe na Ecosse/Scotland 2-0, urukino rwa kabiri yakinye n'icahoze ari Yougoslavie ikaba yaranyagiwe bikomeye, mu gutsindwa 9-0. Urukino rwa gatatu yakinye na Brezili ikaba yatsinzwe 3-0.

Ariko muri iri higanwa, RD Congo itanguye yerekana ko ari umurwi utoroshe na gato, kandi ko iri nota ironse yari irikwiye, mu gihe mbere habuze gato ngo ironke igitsindo c'intsinzi.

Mu murwi K, RD Congo isigaje kuzohura na Colombia, ku wa 24 z'uku kwa gatandatu, hamwe na Uzbekistan ku wa 28.