Amamiriyoni y’abanya-Nigeria mu matora yegeranye cane mu buryo butari bwigere bubaho

    • Umwanditsi, Nduka Orjinmo
    • Igikorwa, BBC News, Abuja
  • Yatangajwe

Amamiriyoni n’amamiriyoni y’abanya-Nigeria baritabira amatora uno musi, aho abahiganwa bahanganye bikomeye mu buryo butari bwigere bubaho kuva ubutegetsi bwa gisirikare burangiye.

Kuva mu 1999, iki gihugu ca mbere gifise igitigiri kinini c’abantu ku mugabane wa Afrika ciganziwe n’imigambwe ibiri – umugambwe APC uri ku butegetsi hamwe na PDP.

Ariko muri kino gihe, hari umugambwe ugira gatatu usugereje cane iyi yindi – Umugambwe w’Abakozi (Labour Party) urongowe na Peter Obi asanzwe ashigikiwe na benshi mu rwaruka.

Umukuru w’igihugu ahari ubu Muhammadu Buhari yiteze gukura meza inyuma y’ibiringo bibiri vyiwe vy’imyaka ine kimwe kimwe.

Umugambwe wiwe, All Progressives Congress (APC) userukiwe n’uwahoze ari buramatari wa Lagos, Bola Tinubu, mu gihe uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Atiku Abubakar aserukiye umugambwe nyamukuru utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi Peoples Democratic Party (PDP). Hari abakandida 18 bose hamwe bahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Igihe c’imbere y’aya matora caranzwe n’ubukene bw’amafaranga bwatewe n’umugambi wo gushaka guhindura ifaranga ry’ico gihugu wateguwe nabi, bituma mu mabanki harangwa akaduruvayo, mu mamashini atanga amafaranga biraba nabi, ivyashize mu mwiheburo abanyagihugu barondera amafaranga yabo.

Amafaranga mashasha yakozwe mu ntumbero yo guhangana n’ikoroka ry’agaciro k’ifaranga ry’iki gihugu be no guhangana n’abagura amajwi. Buca haba amatora, umushingamateka yarahagaritswe afise igifovya c’amafaranga angana na 500.000$ afise n’urutonde rw’abantu yategerezwa kuyagaburira, nk’uko bivugwa n’igipolisi.

Uwuzotsinda wese azotegerezwa gutorera umuti iki kibazo c’ihindurwa ry’ifaranga, ubutunzi bugeze ahatemba, ubushomeri burenze urugero mu rwaruka, hamwe n’umutekano muke urangwa mu gihugu, aho mu mwaka uheze abashika 10.000 bishwe.

Inyuma y’igandagurwa ry’umukandida yariko yitoza nk’umukenguzamateka ku wa gatatu, bikavugwa ko yishwe n’umuhari urondera kwiyonkora, Ipob, amatora y’abashingamateka n’abakenguzamateka yaciye yunguruzwa mu karere k’ubuseruko bw’intara ya Enugu iri mu bumanuko bushira ubuseruko.

Aya matora aritabirwa cane n’abatora ku ncuro ya mbere hamwe n’urwaruka – ica gatatu c’abiyandikishije gutora bari musi y’imyaka 35 – ibi bigashobora gutuma haba igitigiri kinini cane c’abitabira amatora gisumba 35% c’abayitabiriye mu 2019.

Blessing Ememumodak w’imyaka 19 yitabiriye aya matora ubwa mbere yabwiye BBC i Lagos ati: "Ni inshingano zanje kandi ubu nabonye akamaro ko kuja gutora”.

Obi w’imyaka 61 yizeye ko aza gufasha gusenyura iyi ntwaro y’imigambwe ibiri muri Nigeria inyuma y’uko yinjiriye mu mugambwe w’abakozi mu kwa gatanu kw’umwaka uheze.

N’aho yari mu mugambwe PDP imbere y’aha, aboneka ko ari isura nshasha kandi arashigikiwe cane n’urwaruka rutari ruke rwa Nigeria, cane cane mu bumanuko.

Uyu murwizatunga yabaye buramatari w’intara ya Anambra iri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Nigeria kuva 2006 gushika 2014. Abanywanyi biwe, bazwi nka "OBIdients" bavuga ko ari we mukandida wenyene w’umuziranenge, ariko abamunegura bavuga ko amajwi ya Obi azoba abaye impfagusa kuko afise amahirwe make yo gutsinda.

Ahubwo, umugambwe PDP uri ku butegetsi kuva mu 2015 uhamagarira abanya-Nigeria gutora Atiku Abubakar w’imyaka 76, umukandida umwe rudende wo mu karere k’uburaruko kiganziwe n’abanywanyi b’idini rya Islam.

Amaze kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu incuro zitanu zose ariko hose yamye atsindwa. Yagirizwa igiturire na ka mwana wa mama, ariko arabihakana.

Vyitezwe ko amatora atangura isaha zibiri n’igice mu masaha yo muri ico gihugu, ni ukuvuga isaha zitatu n’igice mu masaha ya Gitega na Kigali, akaza kurangira isaha umunani n’igice mu masaha y’ico gihugu, ariko uwo izo saha ziza kugera ari ku murongo akaba aza kwemererwa gutora.

Haraba kandi amatora y’abakenguzamateka 109 hamwe n’abashingamateka 360, mu gihe aya ba buramatari azoba mu kwa gatatu.

Umurwi w’igihuu ujejwe gutegura no guhagararira amatora (INEC) wemereye igihugu amatora meza kandi aba mu bwigenge, unahakana amakuru avuga ko ashobora kwunguruzwa kubera ubwoba bw’umutekano muke mu bice bimwe bimwe vy’igihugu hamwe n’ubukene bw’amafaranga abatari bake babona ko bwashobora kugira ingaruka mbi ku myiteguro.

Ni bwo bwa mbere INEC ikoresheje amatora ku rwego rw’igihugu hakoreshejwe ubuhinga bwa none, buzwi nka Bimodal Voter Accreditation System (BVAS), ubuhinga bwo gufata isura n’igikumu c’intoke (reconnaissance faciale et scanner d'empreintes digitales/facial recognition and fingerprints scanner), bukaba buboneka ko butuma amatora aba mu muco mu kuzibira abanyaporitike borondera kuyiba.

Ibizoba vyavuye mu matora abiri aheruka vyamenyeshwa ku musi ugira gatatu inyuma y’amatora, ariko ubu bishobora kumenyekana hakiri kare cane kubera ubu buhinga bwa BVAS buca bushira ku rubuga ngurukanabumenyi rwa INCE ibiharuro bivuye ku biro vy’amatora ubwo nyene.

Umukandida ategerezwa kuronka amajwi menshi hamwe na 25% y’amajwi y’abatoye muri bibiri vya bitatu vy’intara zose 36 zigize Nigeria kugira ngo atangazwe ko ari we yatsinze.

Mu gihe hobura n’umwe ashikana ibi, hoca hategurwa ayandi yo kubanguranya mu misi 21 – bukaba bwoba bubaye ubwa mbere muri kahise ka Nigeria.