Sudan: Impande zirwana zemeranije agahengwe k’imisi indwi

Yatangajwe

Igisirikare ca Sudani n’umurwi w’abarwanyi wa RSF (Rapid Support Forces) bemeranije agahengwe k’imisi indwi kuva ku wa mbere isaha imwe n’iminota 45 y’ijoro mu masaha mpuzamakungu, ni ukuvuga izaha zitatu n’iminota 45 mu masaha ya Kigali na Gitega.

Aya masezerano azotuma abajejwe ubutabazi bashikira abakeneye imfashanyo, ingabo na zo zivanwe mu bigo vy’amavuriro no mu nyubakwa z’igihugu. Abantu barenga umuriyoni baramaze guta izabo kuva iyi ntambara yadiutse.

Ni mu gihe umuhari RSF uvuga ko wigaruriye umugwa mukuru w’intara ya Darfur, Zalingei, ivyo BBC itashoboye guhinyuza kandi n’igisirikare ca Sudani kikaba ataco kirashikiriza.

Amasezerano y’imbere y’aha yagiye atubahirizwa ariko aya y’ubu akazohagarikirwa na Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe na Arabia Saoudite, ari na vyo vyafashije kugira ngo ashikweko mu biganiro vyabereye muri Jeddah, muri Arabia Saoudite.

Iyi ntambara yinjiye mu ndwi igira gatandatu imaze kwonona ibitari bike, impande zompi zikagirizanya ubusahuzi mu maduka, mu mihana no mu masengero mu gihe imfungurwa n’amafaranga bigenda bikena.

Ejo ku wa gatandatu igihugu ca Qatar camenyeheje ko ibiro vy’ubuserukizi bwaco ku mugwa mukuru Khartoum vyasahuwe “n’abantu bitwaje ibirwanisho”, gica gisaba ko ababikoze boshengezwa kuri iki “gikorwa c’inzigo”.

Hari n’ibiro vy’ubuserukizi bw’ibindi bihugu, harimwo n’ivya Jordanie, vyigeze gusahurwa, co kimwe n’ububiko bw’imfashanyo z’ishirahamwe ONU.

Amashirahamwe y’abagiraneza yama yidoga ko adashobora gutanga imfashanyo zikwiye ku mugwa mukuru Khartoum, ari naho harangwa ubugizi bwa nabi bukomeye.

Hagati aho, umuhari RSF uvuga ko inyuma yo kwigarurira umugwa mukuru wa Darfur, Zalingei, wasubije inyuma igitero c’igisirikare ca Sudani catakaje bikomeye wongera ufata n’ibikoresho vya gisirikare.

Ntaco igisirikare ca Sudani kirashikiriza kuri ibi bivugwa n’uyu murwi wavuye mu muhari w’inyeshamba z’aba-Janjaweed wagirizwa amabi atagira izina muri Darfur, mu ntambara yahitanye abasivire bababa 200.000.

Hagati aho, intumwa y’ishirahamwe ONU muri Sudani, Volker Perthes, yafashe urugendo aja i New York aho bitegekanijwe ko ejo ku wa mbere azoshikiriza Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi icegeranyo c’amezi atatu c’umunyamabanga mukuru wa ONU kuri Sudani.

Abashigikiye igisirikare bama basaba ko yirukanwa mu gihugu, bakamwagiriza ko aserukira “ubukoloni bushasha” kandi ko yivanga mu bibazo vya poritike y’igihugu cabo.

Umuryango w’Ibihugu vy’Abarabu (Ligue arabe/Arab League) na wo nyene uvuga ko utazokwivanga mu vyo wita ikibazo ca Sudani ubwayo.

Abategetsi b’ibi bihugu bari bakoraniye mu nama yabahuza i Jeddah muri Arabia Saoudite, basavye ko hoba ibiganiro vy’amahoro vyo gutorera umuti izi ndyane.