Ibitero vyinshi vyagabwe muri Kyiv n'ibindi bisagara vya Ukraine

Yatangajwe

 Uburusiya  bwagavye ibitero vyinshi vya misire muri Ukraine, harimwo no ku murwa mukuru  Kyiv bituma amatara  n’amazi bicika, nk’uko bivugwa n’abategetsi ba Ukraine.

Ku murwa mukuru Kyiv haturikiye nibura bibiri. Umwe mu bahaba yabwiye BBC ko akarere abamwo katagira umuyagankuba.

Mu gisagara ca Kharkiv co mu buraruko bushira ubuseruko, ibikorwa-remezo bihambaye vyagemwe, nk’uko abategetsi baho babivuga.

Ivyo bibaye inyuma y’aho Uburusiya bwagiririje Ukraine igitero ca drone ku bwato bwabwo mu Kiyaga Cirabura (Black Sea/Mer Noire) muri Crimea.  

Ku wa  mbere mu gitondo, ibitero vya misire vyavuzwe kandi mu  ntara yo hagati na hagati ya Vinnytsia, co kimwe co no muri  Dnipropetrovsk na Zaporizhzhia mu bumanuko bushira ubuseruko, hamwe na Lviv muri Ukraine y’uburengero.

Hari n’ivyononekaye ku rugomero rw’amatara rwa Dnipro  i Zaporizhzhia.

Muri Kyiv, ivyuma bitanga umuriro ku mazu  350.000 vyononywe, ubu abahinga bakaba bariko barakora uko bashoboye kugira bisubire gukora.

Ntivyashotse bimenyekna niba hari abapfuye canke ngo bakomereke.

Ababa mu ntara zatewe basabwe kuguma  aho bikinga, mu gihe hari ubwoba ko ibindi bitero bishobora gukurikira.

Zimwe muri misire zakorowe, nk’uko abategetsi ba Ukraine babivuga.

Umushikranhganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire Dmytro Kuleba yavuze ko “aho kurwana ku rugamba, Uburusiya burwanya abanyagihugu basanzwe”.

Hagati aho uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Ukraine, Bridget Brink, yanditse kuri twitter ati: “Co kimwe na miriyoni z’abanya-Ukraine, abakozi ba ambasade yacu basubiye kurondetra aho bikinga mu gihe Uburusiya bukomeye ibitero bunyamaswa vyabwo vya misire ku banya-Ukraine  kugira batume haba imbeho n’umwijima mu gihe twimirije igihe c’ubukonje (hiver).

Gushika ubu Uburusiya ntaco buravuga kuri ivyo bitero.

Ku wa gatandatu, ubwato bw’intambara bw’Uburusiya bwarononywe mu gisagara kiri ku kivuko ca Sevastopol mu gitero ca drone , nk’uko vyavuzwe n’ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi.

Bwagirije kandi abahinga b’Ubwomngereza kuba bigishije abasirikare ba Ukraine mu nyuma nabo baca bakora ivyo bitero kuri Crimea, intara ya Ukraine yigaruriwe n’Uburusiya mu 2014.

Uburusiya nta vyemezo bwatanze vyo gushigikira ivyo buvuga.

Ukraine ntaco yavuze kuri ico kibazo, mu gihe Ubwongereza bwavuze ko Uburusia “bwarengeje mu  kuvuga ibinyoma”.