Ukraine: Uburusiya bwarekuye drone 30 mu minsi ibiri – Zelensky

Yatangajwe

Prezida wa Ukraine Volodymir Zelensky avuga ko Uburusiya bwakoze ibitero vya drone 30 kuri Ukraine mu minsi ibiri gusa.

Yanavuze kandi  ko vyose hamwe, Uburusiya bwakoze ibitero vya misire 4.500 n’ibitero vy’indege birenga 8.000.

Avugira i Kyiv kandi ahagaze iruhande y'ikiboneka ko ari drone yakorowe (yahanuwe) yo mu bwoko bwa Shahed ikorerwa muri Iran, Zelensky yiyemeje "guca amababa" y’ububasha bwo mu kirere bwa Moscou.

Abategetsi b’ibihugu  vy’uburengero bemera ko Iran yahaye Uburusiya drone nyinshi, ariko Uburusiya na Iran birabihakana.

Bishitse mu gihe umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Antony Blinken yavuze ko agasomborotso k’Uburusiya k’ikoreshwa rya drone ari ibintu "biteye iseseme".

Uwo mu-diplomate wa Amerika yagirije Uburusiya gukoresha  izo ndege zitagira abadereva mu "kwica abanyagihugu basanzwe ba Ukraine no mu gusambura ibikorwa-remezo bazerako amatara, amazi, gususurutsa amazu”, aho yari mu rugendo ku murwa mukuru wa Canada, Ottawa.

Muri izi ndwi za vuba, ibitero vy’Uburusiya vyatumbereye cane cane ibikorwa-remezo bisanzwe vya Ukraine, vyonona uruhererekane rw'amatara n’amazi mu gihe ikiringo c’imbeho nyinshi (hiver) kiri hafi.

Ibihugu vy’iburengero bivuga ko Iran iha Uburusiya drone isanzwe ikora kandi ko abahinga ba gisirikare b’abanya-Iran bari muri Crimea yigaruriwe n’Uburusiya guha abadereva ubufasha bw’ubuhinga.

Ukraine yarabonye ko zimwe muri drone zakoreshejwe mu bitero bimwe bimwe ku bikorwa-remezo vyayo ari Shahed-136 zikorerwa muri Iran.

Zizwi nka drone “kamikaze” [z’ubwiyahuzi] kuko zica zisambuka mu gitero – zikaba zahawe izina nk’iry’aba dereva b’Ubuyapani batwara indege z’intambara mu ngwano ya kabiri y’isi.

Ukraine ivuga ko drone zirenga 400 zimaze gukoreshwa n’Uburusiya, ku bigwanisho vyose hamwe bimaze gukoreshwa bigereranywa gushika 2.000.

Ariko ubutegetsi bwa Iran bwagumye buhakana buvuga ko butigeze bugiranira amasezerano y’ibigwanisho  n’Ubususiya, mu gihe Uburusiya nabwo buhakana gukoresha drone zo muri Iran.  

Ku wa gatatu umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Iran Hossein Amir-Abdollahian yavuze ko ivyo birego "bitagira ishingiro" aca asaba Ukraine "kwerekana ico ivyo birego bishingiyeko”.

Yongeyeko ati: “Hamwe… twobona ko bigaragara neza ko Uburusiya bwakoresheje drone za Iran mu ntambara muri Ukraine, nta nkeka ko tutazoraba hirya kuri ico kibazo”.

Umukeba wa Iran muri ako karere, Israel, nayo yagirije Iran kuri ivyo bivugwa ko irungikira drone Uburusiya.

Mu mubonano na Prezida wa Amerika Joe Biden kuri Maison Blanche/White House ku wa kane, Prezida Isaac Herzog yateye ivyatsi ibikorwa vya Iran.

Imbere y’urwo rugendo, yari yiyemeje ko azokwereka Biden icemeza ko Iran itanga ibigwanisho.

Hagati aho Reta Zunze Ubumwe za Amerika zamenyesheje ko zigiye guha Ukraine iyindi mfashanyo ya gisirikare ya miriyoni 275 z’amadorari, ku bw’amakuru y’itororokanirizo Associated Press.

Ku rubuga, intambara yagabanuye umurindi muri iyi minsi, gutera intambwe imbere kwa Ukraine kwari kurindiriwe cane muri Kherson kukaba kwahagaze kubera ibihe bibi.